Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 28 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 David assembled at Jerusalem all Israel's officials: officials of the tribes, commanders of the divisions serving the king, commanders of thousands and hundreds, stewards over all the king's and his sons' property and livestock, with the court officials, the mighty men, and all valiant warriors. Dawidi ahamagaza abakuru bose bo mu Bisirayeli ngo bakoranire i Yerusalemu: Abakuru b’imiryango, abakuru barongora ingabo igihumbi n’abakuru barongora ingabo ijana, n’abakuru bajejwe itunga n’ibitungwa vy’umwami n’abahungu biwe, n’abakuru bakorera ku kirimba, abahambaye bose n’abahizi bo mu ntambara.
2 King David rose to his feet and said, "Listen to me, my brothers and my people. I had it in my heart to build a house of rest for the ark of our Father's covenant, the footstool for his feet, and I prepared to build it. Umwami Dawidi arahaguruka avuga ati: “Nimunyumvirize, bavukanyi mukaba n’abantu banje. Nari nariyumviriye mu mutima kwubaka inzu Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho izoruhukiramwo, indava y’ibirenge vy’Imana yacu, kandi naragize integuro yo kuyubaka.
3 But our Father told me, 'You won't build a house for my name, because you're a man of war who has shed blood.' Ariko Imana irambwira iti: ‘Ntushobora kwubaka inzu yitirirwa izina ryanje, kuko wagwanye intambara nyinshi kandi ukavisha amaraso menshi.’
4 Yet our Father of Israel chose me, from my whole father's house, to reign over Israel forever. For our Father chose Judah to lead, and within Judah's house, chose my father's house; and of my father's sons he delighted to make me king over all Israel. Ariko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yantoranije mu muryango wanje wose ngo mbe umwami w’Abisirayeli ibihe bidashira. Yatoranije Yuda nk’umukuru, maze mu muryango wa Yuda itoranya inzu yanje, kandi no mu bahungu ba data yahimbawe no kunyimika ngo mbe umwami w’Abisirayeli bose.
5 Of all my sons—our Father has given me many—he chose Solomon my son to sit on the throne of our Father's kingdom over Israel. Mu bahungu banje bose Uhoraho yampaye, kandi ni benshi, yatoranije umuhungu wanje Salomo ngo yicare ku ntebe y’ubwami bw’Uhoraho aganze Abisirayeli.
6 He told me, 'Solomon your son will build my house and my courts, for I chose him as my son, and I will be his father.' Yambwiye ati: Salomo umuhungu wawe ni we azonyubakira Ingoro aho nzovyagira, kuko ndamutoranije ngo ambere umuhungu, nanje ndamubere se.
7 I will establish his kingdom forever if he stays firm to keep my commands and judgments, as he does today. Nzokomeza ubwami bwiwe ibihe vyose niyashira umutima ku kwumvira amateka n’ivyo nashinze, nk’uko bikorwa ubu.
8 "So now, before all Israel, the assembly of our Father, and in his hearing, keep and seek out every command of your Father, so you may possess this good land and leave it to your children after you forever. None rero ndabibasabiye imbere y’Abisirayeli bose n’ikoraniro ryose ry’Uhoraho, n’imbere y’Imana yacu ivyumva: muze mwitwararike kwumvira amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, kugira ngo muze mugumane iki gihugu ciza kandi ngo muze mukirage uruvyaro rwanyu ibihe bidashira.
9 You, Solomon my son, know the God of your father, and serve him with a whole heart and willing mind—our Father searches every heart, understands every plan and thought. Seek him and you'll find him; abandon him and he'll reject you forever. Nawe, Salomo mwana wanje, menya Imana ya so, uyikorere n’umutima wawe wose kandi ubikunze, kuko Uhoraho asesa umutima wose kandi azi ivyo umuntu yiyumvira akagabira. Niwamurondera, uzomubona; ariko niwamutera ibitugu, na we azoguta ibihe vyose.
10 Take note, since our Father chose you to build a house for the sanctuary. Be strong, act." Menya rero ibi, Uhoraho yaragutoranije ngo wubake Ingoro yiwe yera. Shikama ukore ico gikorwa.”
11 David gave Solomon his son the plan of the portico of the temple, its buildings, its storerooms, its upper rooms, its inner rooms, and the room of the mercy seat, Nuko Dawidi aha umuhungu wiwe Salomo ya nteguro y’intangaro y’Ingoro, inyubako yayo, amazu y’ububiko bwayo, ibice vyo hejuru vyayo, ivyumba vy’imbere n’ikibanza co gutangiramwo impongano.
12 and the plan of all he had in mind for the courts of our Father's house, for all the surrounding rooms, for the storerooms of his house, and for the storerooms of the dedicated gifts; Amuha izo nteguro nk’uko Mpwemu yari yazishize mu bwenge bwiwe, harimwo izerekeye urugo rw’Ingoro y’Uhoraho, ivyumba birukikije, ivyumba vy’ububiko bw’Ingoro y’Imana n’ivyumba vy’ububiko bw’ivyagizwe inyegu.
13 for the divisions of the priests and Levites, for all the work of service in our Father's house, and all the vessels for service in his house. Amubwira ivyo akwiye kwitondera vyerekeye imice y’abaherezi n’Abalewi, n’igikorwa cose co gukora mu Ngoro y’Uhoraho, n’ivyerekeye ibikoresho vyose bikoreshwa muri iyo Ngoro.
14 He gave gold by weight for each gold article for every kind of service, and silver by weight for each silver article for every kind of service. Ashinga n’uburemere bw’inzahabu buzokora ku bikoresho vyose vy’inzahabu bizokora mu bikorwa bitandukanye, n’uburemere bw’ifeza buzokora ku bikoresho vyose vy’ifeza bizokora mu bikorwa bitandukanye:
15 The weight for the gold lampstands and their gold lamps, the weight of gold for each gold lampstand and its lamps, and the weight of silver for each silver lampstand and its lamps, according to each lampstand's use. Uburemere bw’inzahabu zo mu biterekwako amatara no mu matara yavyo, uburemere bw’igiterekwako amatara kimwekimwe cose n’amatara yaco, n’uburemere bw’ifeza z’igiterekwako amatara c’ifeza kimwekimwe cose n’amatara yaco, bijanye n’ico igiterekwako amatara cose kizokora;
16 Gold's weight for each table of the bread of the Presence; and silver for the silver tables. uburemere bw’inzahabu bw’imeza yose y’imikate yejejwe; n’uburemere z’ifeza z’imeza zindi;
17 The forks, basins, and pitchers of pure gold; the weight for each gold dish; the weight for each silver dish; uburemere bw’inzahabu ihinguwe neza y’ivyaruzo vy’amenyo, amabakure yo gusukira n’ibindi bikoresho bikozwe mu nzahabu ihinguwe neza; uburemere bw’inzahabu yokoreshwa kw’isahani y’inzahabu imw’imwe yose; uburemere bw’ifeza kw’isahani y’ifeza imw’imwe yose;
18 refined gold by weight for the incense altar; gold for the design of the chariot—the cherubim spreading their wings and covering the ark of the covenant of our Father. n’uburemere bw’inzahabu ihinguwe neza y’igicaniro baturirirako ibimota neza. Yarongeye amuha ishusho y’umukogote, ni ukuvuga abakerubi bacuzwe mu nzahabu bashanje amababa yabo bakayapfukisha ya Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho.
19 "All this," David said, "I have in writing from our Father's hand, who gave me understanding of all the plan's details." Dawidi aravuga ati: “Ivyo vyose biri mu gitabu naronse kivuye k’Uhoraho, ampa no gutahura ivyo vyose bikwiye gukorwa nk’uko biri muri iyi nteguro.”
20 David told his son Solomon, "Be strong and courageous; do the work. Don't fear or be discouraged, for my Father is with you. He won't fail or abandon you until all the work for the service of the house of our Father is finished. Dawidi arongera abwira Salomo umwana wiwe ati: “Shikama ushire amanga, ukore ico gikorwa. Ntutinye canke ngo wihebure, kuko Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, iri kumwe nawe. Ntizoguta kandi ntizoguhemukira gushika aho igikorwa co kwubaka Ingoro y’Uhoraho kizoherera.
21 Look—the priests and Levites are divided, ready for all the service of our Father's house. Every skilled, willing man will join you in any task, with the officials and all the people, fully at your command." Imice y’abaherezi n’Abalewi bariteguye gukora igikorwa co mu Ngoro y’Imana, n’umuntu wese avyishakiye afise ubuhinga mu kintu ico ari co cose azogufasha muri iki gikorwa. Abakuru n’abantu bose bazokwumvira mu co uzobategeka cose.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]