Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Samuel died, and all Israel gathered to mourn him and buried him at his home in Ramah. Then David set out and went down to the wilderness of Paran. Muri ico gihe Samweli arapfa, maze Abisirayeli bose bakoranira hamwe baramuririra; bamuhamba i muhira iwe i Rama. Hanyuma Dawidi aramanuka aja mu bugaragwa bw’i Parani.
2 A man in Maon had property at Carmel. He was very wealthy: 3,000 sheep and 1,000 goats. He was shearing his sheep at Carmel. Umuntu umwe w’i Mayoni, yari afise itongo ngaho i Karumeli, yari atunze cane. Yari afise impene igihumbi n’intama ibihumbi bitatu, akaba yama azimwera ubwoya i Karumeli.
3 The man's name was Nabal, his wife's Abigail. She was sensible and beautiful, but he was harsh and cruel in his dealings—a Calebite. Uwo mugabo yitwa Nabali, umugore wiwe na we akitwa Abigayili. Uwo mugore yari umunyabwenge kandi akaba mwiza cane, ariko umugabo wiwe, yakomoka mu muryango wa Kalebu, yari umuntu agoye kandi w’ingeso mbi.
4 While he was in the wilderness, David heard that Nabal was shearing his sheep. Dawidi akiri mu bugaragwa, yumva ko Nabali ariko aramwa intama ubwoya.
5 David sent ten young men, telling them, "Go up to Carmel. Visit Nabal and greet him in my name. Nuko arungika abasore cumi arababwira ati: “Nimugende kwa Nabali i Karumeli mumundamukirize.
6 Tell him: 'Long life to you. Peace to you, peace to your household, and peace to all you have.' Mumubwire muti: ‘Urakaramba! Ugire amagara meza n’ivyo utunze vyose n’abawe bose! Amagara meza abe ku kintu cose citwa icawe!
7 I hear you have shearers. Your shepherds were with us; we mistreated them in nothing, and they missed nothing the whole time at Carmel. Numvise ko ari igihe co kumwa intama zawe. None rero, abungere bawe bari kumwe natwe, ntitwigeze tubagirira nabi, kandi igihe cose bamaze i Karumeli nta kintu na kimwe mu vyabo cazimiye.
8 Ask your young men and they'll tell you. So let my young men find favor in your eyes, for we've come on a feast day. Please give whatever you can spare to your servants and your son David." Baza n’abakozi bawe barabikubwira. Nuko rero ugirire neza aba bantu banje, kuko tuje ari ku musi mukuru. Ndakwinginze nuhe abasavyi bawe n’umuhungu wawe Dawidi ico ushobora kubaronkera cose.’ ”
9 David's young men came and spoke all these words to Nabal in David's name, then waited. Ba bantu ba Dawidi bashitse, bashikiriza Nabali bwa butumwa bwa Dawidi, baca bararindira.
10 Nabal answered David's servants, "Who is David? Who is this son of Jesse? Many servants today are breaking away from their masters. Nabali yishura ba basore ba Dawidi ati: “Uwo Dawidi ni nde? Mwene Isayi ni nde? Muri iyi misi hari abakozi benshi bahunga ba shebuja.
11 Why take my bread, my water, the meat I killed for my shearers, and give it to men from I don't know where?" Ni kuki nofata indya zanje n’amazi yanje, n’inyama nabagiye abariko baramwa intama, ngo ndabihe abantu ntazi iyo bavuye?”
12 So David's young men turned back and reported every word to him when they arrived. Ba bantu ba Dawidi barahindukira basubira inyuma. Bashitse, bamushikiriza ivyo babwiwe vyose.
13 David told his men, "Each of you strap on your sword!" So each strapped on his sword, David too. About 400 went up after David; 200 stayed with the supplies. Dawidi abwira abantu biwe ati: “Nimwambare inkota zanyu!” Nuko bambara inkota zabo, na Dawidi na we nyene yambara iyiwe. Abagabo bashika nk’amajana ane badugana na Dawidi, amajana abiri na bo basigara barinze ibintu.
14 One of the young men told Abigail, Nabal's wife, "David sent messengers from the wilderness to greet our master, and he hurled insults at them. Umwe mu bakozi abwira Abigayili muka Nabali ati: “Dawidi yarungitse intumwa ziva mu bugaragwa zizaniye indamukanyo databuja, ariko yabakiriye nabi arabatuka.
15 These men were very good to us. They never harmed us, and we lost nothing the whole time we roamed the fields with them. Kandi abo bantu batugiriye neza cane, nta kibi na kimwe bigeze batugirira, kandi igihe cose twari mu misozi hafi y’aho bari nta na kimwe cabuze.
16 They were a wall around us night and day, the whole time we were with them tending sheep. Mw’ijoro no ku murango bari nk’uruzitiro rudukikije igihe cose twari turagiye intama hafi yabo.
17 Now know and see what you should do, for disaster is set against our master and his whole household. He's so worthless no one can speak to him." None rero nuvyiyumvire ugire ico ukoze, kuko ivyago bihanamiye databuja n’abo mu rugo rwiwe rwose. Ni umuntu mubi ku buryo ata muntu yomuvugisha.”
18 Abigail quickly took 200 loaves, two skins of wine, five prepared sheep, about thirty-five quarts of roasted grain, one hundred raisin clusters, and 200 fig cakes, and loaded them on donkeys. Abigayili ntiyatevye. Afata imikate amajana abiri, imikuza ibiri y’umuvinyu, intama zitanu zateguwe neza, ingero seya zitanu z’ingano zikaranze, n’amahando y’inzabibu zumye ijana n’udukate dukozwe mu nsukoni ziseye, abikorera indogoba.
19 She told her servants, "Go ahead of me; I'll follow." But she told her husband Nabal nothing. Maze abwira abakozi biwe ati: “Nimunyitangire imbere; nanje ndaza inyuma yanyu.” Ariko ntiyabwira umugabo wiwe Nabali.
20 Riding her donkey down a hidden mountain path, she met David and his men coming down toward her. Maze aragenda ari ku ndogoba yiwe ku mpinga y’umusozi, Dawidi n’abantu biwe bariko baramanuka batumbereye iyo ari, hanyuma barahura.
21 Now David had been saying, "I guarded all this man had in the wilderness for nothing—none of his went missing—and he repays me evil for good. Dawidi yari yavuze ati: “Nta co vyamaze kuba narinze neza ibintu vy’uwu mugabo mu bugaragwa kugira ngo ntihagire ikibura. Anyishuye ibibi ku vyiza namukoreye.
22 May our Father do this to David's enemies, and more, if by morning I leave alive one male of all who belong to him." Imana ize ibimpanire, mbere birushirije, nihashika mu gitondo hagisigaye izina muhungu mu bantu biwe!”
23 Seeing David, Abigail quickly got off her donkey and fell facedown before him, bowing to the ground. Abigayili abonye Dawidi, yururuka ningoga ava ku ndogoba yiwe yunama imbere ya Dawidi, yubamye hasi.
24 She fell at his feet and said, "Let the blame be mine alone, my lord. Please let your servant speak to you; hear your servant's words. Yubama imbere y’ibirenge vyiwe avuga ati: “Nyakwubahwa, amakosa yose naje kuri jewe. Ndakwinginze, unyemerere umusavyikazi wawe mvugane nawe; Niwumvirize ivyo umusavyikazi wawe ngira mvuge.
25 Please, my lord, ignore this worthless man Nabal, for he's like his name—Nabal means Fool, and foolishness is with him. I, your servant, didn't see the young men my lord sent. Icompa umwami wanje ntashire umutima ku vyo urya muntu mubi Nabali yavuze. Izina ni ryo muntu, izina ryiwe ni igipfu, kandi ubupfu bujana na we. Ariko jeho, umusavyikazi wawe, sinabonye abantu databuja yari yarungitse.”
26 Now, my lord, as surely as our Father lives and you live: since our Father kept you from shedding blood and from avenging yourself by your own hand, may your enemies and all who seek to harm my lord become like Nabal. “None rero nyakwubahwa, ko Uhoraho yakurinze ngo ntuvishe amaraso kandi ntiwihore n’amaboko yawe, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho n’ukubaho kwawe nyene, icompa abansi bawe n’abagomba kukugirira nabi bakaba nka Nabali.
27 Now let this gift your servant brought to my lord be given to the young men who follow my lord. Kandi iri shikanwa, umusavyikazi wawe nzaniye databuja, rihabwe aba bantu bari inyuma yawe.
28 Forgive your servant's offense, for our Father will surely make my lord a lasting dynasty, because my lord fights our Father's battles. Let no wrongdoing be found in you as long as you live. Harira icaha c’umusavyikazi wawe, kuko Uhoraho azoshimangira ubwami bwa databuja, kuko ugwana intambara z’Uhoraho. Ntihabe igikorwa kibi kiboneka kuri wewe igihe cose ukiriho.
29 If someone rises to pursue you and seek your life, my lord's life will be bound securely in the bundle of the living with your Father; but your enemies' lives he will hurl away as from a sling's pocket. Naho hari umuntu aguhiga ngo akwice, ubuzima bwa databuja buzozigamirwa mw’isi y’abazima n’Uhoraho Imana yawe. Ariko ubuzima bw’abansi bawe buzoshiburirwa kure nk’ibuye ritewe n’umugozi.
30 When our Father has done for my lord all the good he promised about you, and made you ruler over Israel, Igihe Uhoraho azoba yakugiriye vya vyiza vyose yagusezeranira kandi niyaba yakugize umurongozi w’Abisirayeli,
31 my lord will feel no grief or guilt for shedding blood without cause or taking his own revenge. And when our Father deals well with my lord, remember your servant." ntuze ugire ikikwagiriza mu mutima ko wishe umuntu bidakenewe canke ko wihoye. Kandi Uhoraho niyakugirira neza, nyakwubahwa, uze wibuke umusavyikazi wawe.”
32 David said to Abigail, "Blessed be our Father, the God of Israel, who sent you today to meet me. Dawidi abwira Abigayili ati: “Uhoraho, Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yakurungitse uwu musi guhura nanje.
33 Blessed be your good judgment, and blessed be you, who kept me today from shedding blood and avenging myself by my own hand. Uragahezagirwa kuko wiyumviriye neza ukaza kuntangira ngo simvishe amaraso uwu musi kandi ngo sinihore n’amaboko yanje ubwanje.
34 As surely as our Father, the God of Israel, lives, who kept me from harming you—if you hadn't hurried to meet me, not one male of Nabal's would have survived till morning." Iyo bitaba uko, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, yandinze ngo sindabagirire nabi, iyo utaba waje wihuta aho ndi, nta zina muhungu mu ba Nabali yari gusigara akiriho ejo mu mutwenzi.”
35 David took from her hand what she brought, and said to her, "Go home in peace. See, I have heard your voice and granted your request." Maze Dawidi yakira ivyo wa mugore yari azanye vyose aca amubwira ati: “Genda amahoro. Numvise amajambo yawe kandi nkoze ivyo wasavye.”
36 When Abigail reached Nabal, he was hosting a feast in his house fit for a king. His heart was merry and he was very drunk, so she told him nothing until morning. Abigayili agiye kwa Nabali, asanga ari mu nzu yateguye amazimano nk’ay’umwami. Yari yaborewe cane atakimenya ico avuga. Nuko ntiyagira ico amubarira gushika bukeye.
37 In the morning, when the wine left Nabal, his wife told him everything. His heart died within him, and he became like stone. Maze mu gitondo, Nabali inzoga zamuvuyeko, umugore wiwe amubwira ivyaraye bibaye, aca agwa igihumura umutima wiwe umera nk’ibuye.
38 About ten days later, our Father struck Nabal, and he died. Haciye nk’imisi cumi, Uhoraho akubita Nabali arapfa.
39 When David heard Nabal was dead, he said, "Blessed be our Father, who pleaded my cause against the insult I suffered from Nabal and kept his servant from evil. Our Father has brought Nabal's evil back on his own head." Then David sent word asking Abigail to become his wife. Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga ati: “Uhoraho ahimbazwe, yangwaniye kwa Nabali kuko yari yankengereye. Yarinze umusavyi wayo gukora ikibi maze isubiza ibibi Nabali yakoze ku mutwe wiwe ubwiwe.” Maze Dawidi atuma intumwa kuri Abigayili, amusaba ko yomubera umugore.
40 David's servants came to Abigail at Carmel and told her, "David sent us to take you as his wife." Abakozi biwe bagenda i Karumeli babwira Abigayili bati: “Dawidi yadutumye ngo tukujane umubere umugore.”
41 She got up, bowed facedown to the ground, and said, "Here is your servant, ready to serve and to wash the feet of my lord's servants." Maze arunama ashikana umutwe hasi, avuga ati: “Umusavyikazi wawe ndi hano, niteguriye kugukorera no kwoza ibirenge vy’abakozi ba databuja.”
42 Abigail quickly got ready, mounted her donkey, and with her five attendants followed David's messengers and became his wife. Abigayili ava hasi ningoga yurira indogoba, aherekejwe n’abaguranokazi biwe batanu, bajana na za ntumwa za Dawidi aca aba umugore wiwe.
43 David had also married Ahinoam of Jezreel, so both of them were his wives. Dawidi yari yararongoye na Ahinowamu w’i Yezireyeli, bompi bari abagore biwe.
44 Saul had given his daughter Michal, David's wife, to Paltiel son of Laish, from Gallim. Ariko Sawuli yari yaramaze guha umukobwa wiwe Mikali muka Dawidi, umugabo yitwa Palutiyeli mwene Layishi yava i Galimu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]