Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After Saul returned from chasing the Philistines, he was told, "David is in the En Gedi wilderness." Sawuli avuye kugwanya Abafilisitiya, bamubwira bati: “Dawidi ari mu bugaragwa bw’i Eni-Gedi.”
2 Saul took 3,000 chosen men from all Israel to search for David and his men in front of the Wild Goats' Rocks. Nuko atoranya abasoda b’indobanurwa ibihumbi bitatu bavuye mu Bisirayeli baja kurondera Dawidi n’abantu biwe i ruhande y’ibitandara vy’impene z’inyeshamba.
3 He reached the sheep pens by the road, where a cave was. Saul went in to relieve himself; David and his men sat deep in the cave. Ashitse ku mpongore z’intama zari i ruhande y’inzira; hari isenga, Sawuli aja kwihagarika muri ryo. Kandi Dawidi n’abantu biwe bari muri ryo imbere.
4 David's men said, "This is the day our Father meant when he told you, 'I am giving your enemy into your hand to do to him as you wish.'" David got up and quietly cut a corner off Saul's robe. Ba bantu baravuga bati: “Uwu ni wa musi Uhoraho yavuga, igihe yakubwira ngo: ‘Nzogabura umwansi wawe mu maboko yawe ngo umugenze uko ushaka.’ ” Nuko Dawidi arasoboka aca ipfundo ry’ikanzu ya Sawuli.
5 Afterward David's conscience struck him because he had cut off the corner of Saul's robe. Hanyuma Dawidi yumva umutima umurega kuko yacacuye ipfundo ry’ikanzu yiwe.
6 He told his men, "May our Father forbid I do this to my lord, his anointed—raise my hand against him, for he is our Father's anointed." Abwira abantu biwe ati: “Uhoraho andinde gukora ikintu nk’ico kuri databuja, uwo Uhoraho yimikishije amavuta, canke ngo ndamuramvurireko ukuboko; kuko ari uwasizwe amavuta n’Uhoraho.”
7 With these words David restrained his men from attacking Saul. Then Saul left the cave and went on his way. Avuze ivyo aca abuza abantu biwe kugirira nabi Sawuli. Maze Sawuli ava muri rya senga aragenda.
8 David rose, left the cave, and called after Saul, "My lord the king!" Saul looked back, and David bowed his face to the ground. Maze Dawidi arasohoka ava muri rya senga ahamagara Sawuli ati: “Nyakwubahwa mwami wanje!” Sawuli akebutse, Dawidi arunama ashikana umutwe hasi.
9 David said to Saul, "Why listen to the men who say, 'Look, David is seeking to harm you'? Abwira Sawuli ati: “Ni kuki wumva ivyo abantu bakubwira ngo: ‘Dawidi arondera kukugirira nabi’?
10 Today your eyes saw how our Father gave you into my hand in the cave. Some urged me to kill you, but I spared you and said, 'I won't raise my hand against my lord—our Father's anointed.' Ubwawe uriboneye uwu musi ko Uhoraho yari yakugabuye mu maboko yanje muri rirya senga. Hari abampanuye kukwica, ariko nakwirekeye; navuze nti: ‘sinzobangurira ukuboko databuja, kuko yasizwe amavuta n’Uhoraho.’
11 See, my father—your robe's corner in my hand! I cut it but didn't kill you. Know and see there's no evil or rebellion in my hand. I haven't sinned against you, yet you hunt my life to take it. Raba, muvyeyi wanje, ehe iri pfundo ry’ikanzu yawe mu kuboko kwanje! Nacacuye ipfundo ry’impuzu yawe ariko sinakwishe. Ubu rero tahura kandi umenye ko ata kimenyetso c’uko noba narakugiriye nabi canke nkakugarariza. Nta kibi nagukoreye, ariko uriko urampiga ngo unyice.
12 May our Father judge between you and me, and our Father avenge me on you—but my hand won't touch you. Uhoraho naducire urubanza. Kandi Uhoraho ampore ku bibi vyose wankoreye, ariko jewe sinzogukozako ukuboko kwanje.
13 As the old proverb says, 'From the wicked comes wickedness.' My hand won't be against you. Nk’uko baca umugani ngo: ‘Mu munyakibi havamwo ibikorwa bibi,’ ni co gituma ntazogukozako ukuboko kwanje.
14 Who has Israel's king come out against? Who are you chasing? A dead dog? A single flea? Mbega umwami w’Abisirayeli yasohotse guhiga nde? Uriko urakurikira nde? Imbwa ipfuye? Imbaragasa?
15 May our Father judge between you and me, see it, plead my case, and rescue me from your hand." Uhoraho naducire urubanza. Arabe iconkiza akinkorere; amburanire mu kunkura mu kuboko kwawe.”
16 When David finished saying this to Saul, Saul said, "Is that your voice, my son David?" and wept aloud. Dawidi ahejeje kuvuga ivyo Sawuli arabaza ati: “Ni wewe, ga mwana wanje Dawidi?” Araboroga cane.
17 He told David, "You are more just than I; you did me good, I did you harm. Aravuga ati: “Urandushije kugororoka. Wangiriye neza, jewe nakugiriye nabi.
18 Today you showed the good you did me: our Father put me in your hand, yet you did not kill me. Uhejeje kumbwira ivyiza wankoreye; Uhoraho yari yangabuye mu maboko yawe, ariko ntiwanyishe.
19 If a man finds his enemy, would he let him go unharmed? May our Father repay you well for what you did for me today. Mbega umuntu afashe umwansi wiwe yomurekura atamugiriye nabi? Uhoraho aguhembere ivyo ungiriye uwu musi.
20 Now I know you will surely be king, and Israel's kingdom will stand firm in your hand. Ndazi ko utazogenda utabaye umwami kandi ko ubwami bw’Abisirayeli buzokomezwa n’amaboko yawe.
21 So swear to me by our Father: you won't cut off my descendants after me or wipe out my name from my father's house." Ubu rero ndahira mw’izina ry’Uhoraho ko utazohonya uruvyaro rwanje canke ngo ufute izina ryanje mu muryango wa data.”
22 David swore to Saul. Saul went home; David and his men went up to the stronghold. Nuko Dawidi arahira Sawuli. Maze Sawuli asubira iwe, ariko Dawidi n’abantu biwe baduga kwinyegeza mu misozi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]