Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 They reported to David, "Look, the Philistines are fighting against Keilah and looting the threshing floors." Umusi umwe inkuru iragenda ishikira Dawidi ko Abafilisitiya bariko baratera i Keyila kandi bariko baranyaga ingano bazikura ku mbuga aho zisekurirwa.
2 David asked our Father, "Should I go and attack these Philistines?" And our Father answered, "Go, attack the Philistines and rescue Keilah." Dawidi aca asiguza Uhoraho ati: “Ngende gutera abo Bafilisitiya?” Uhoraho aramwishura ati: “Egome, genda, utere Abafilisitiya utabare Keyila.”
3 David's men said, "Look, we're afraid here in Judah—how much more if we go to Keilah against Philistine battle lines!" Ariko abantu ba Dawidi baramubwira bati: “Na hano turi i Buyuda turi n’ubwoba, none twokwubahuka tukaja kugwanira Keyila, tukihanga ingabo zose z’Abafilisitiya?”
4 David asked our Father again, and our Father answered: "Get up, go down to Keilah, for I'm giving the Philistines into your hand." Dawidi yongera gusiguza Uhoraho, Uhoraho aramwishura ati: “Manuka i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.”
5 David and his men went to Keilah, fought the Philistines, drove off their livestock, and struck them a great blow—rescuing Keilah's residents. Nuko Dawidi n’abantu biwe baja i Keyila, bagwanya Abafilisitiya babanyaga ibitungwa vyabo vyose. Atsinda Abafilisitiya bahaburira ibintu vyinshi cane kandi yongera akiza abantu baho.
6 Abiathar son of Ahimelech had fled to David at Keilah; he arrived with an ephod in his hand. (Abiyatari mwene Ahimeleki igihe yahungira iyo Dawidi ari i Keyila, yahunganye efodi.)
7 When Saul heard David was in Keilah, he said, "God has handed David to me; he has trapped himself, entering a town with gates and bars." Mu nyuma, babwira Sawuli ko Dawidi yagiye i Keyila, na we aca aravuga ati: “Imana iramugabuye mu maboko yanje, kuko Dawidi yiyugaraniye mw’ibohero mu kwinjira igisagara gifise inzugi n’ibihindizo.”
8 Saul summoned all the people to war: go down to Keilah, besiege David and his men. Maze Sawuli atumako ingabo ziwe zose ngo baje mu ntambara, ngo bamanuke bose i Keyila bafate Dawidi n’abantu biwe.
9 David learned Saul was plotting evil against him and told Abiathar the priest, "Bring the ephod here." Dawidi amenye iyo nteguro ya Sawuli, aca abwira Abiyatari umuherezi ati: “Zana ya efodi.”
10 David said, "O my Father, the God of Israel, your servant has heard for certain: Saul plans to come to Keilah and destroy the city because of me. Dawidi aravuga ati: “Yewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, umusavyi wawe numvise ko Sawuli yateguye kuza i Keyila gusambura igisagara kubera jewe.
11 Will Keilah's citizens hand me over to him? Will Saul come down, as your servant has heard? O my Father, the God of Israel, please tell your servant." And our Father said, "He will come down." Mbega abantu b’i Keyila bazontanga mu maboko yiwe? Mbega Sawuli azomanuka, nk’uko navyumvise? Yewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, mbwira jewe umusavyi wawe.” Maze Uhoraho aravuga ati: “Azomanuka.”
12 David asked, "Will the citizens of Keilah hand me and my men over to Saul?" And our Father said, "They will hand you over." Dawidi yongera kubaza ati: “Mbega abantu b’i Keyila bazontanga mu maboko ya Sawuli?” Uhoraho aravuga ati: “Bazogutanga.”
13 David and his roughly 600 men left Keilah and wandered from place to place. Told that David had escaped Keilah, Saul stopped pursuing him. Nuko Dawidi n’abantu bari kumwe na we, bakaba bari nk’amajana atandatu, bava i Keyila bagenda bacumbika mu bibanza bitandukanye. Sawuli amaze kubwirwa ko Dawidi yahunze akava i Keyila, ntiyaba akijayo.
14 David remained in the wilderness strongholds and the hill country of the wilderness of Ziph. Saul searched for him every day, but our Father did not give him into his hand. Dawidi aguma yinyegeje mu bugaragwa no mu misozi yo mu bugaragwa bw’i Zifu, Sawuli akaguma amuhiga umusi ku wundi, ariko Imana ntiyagabura Dawidi mu maboko yiwe.
15 David was at Horesh in the Ziph wilderness when he saw Saul had come out to seek his life. Igihe Dawidi yari i Horeshi mu bugaragwa bw’i Zifu, yumva ko Sawuli aje kumwica.
16 Jonathan, Saul's son, set out and went to David at Horesh, then strengthened him in our Father. Maze Yonatani mwene Sawuli aja kwa Dawidi i Horeshi ajanywe no kumuremesha ngo akomere mu kwizera Imana.
17 "Don't be afraid," he said. "My father Saul's hand won't find you. You'll be king over Israel, and I'll be second to you. Even my father Saul knows it." Aramubwira ati: “Ntutinye. Data Sawuli ntazogukorako. Uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba icegera cawe. Kandi na data Sawuli arabizi.”
18 Both made a covenant before our Father. David stayed at Horesh; Jonathan went home. Bompi bagira isezerano imbere y’Uhoraho. Maze Yonatani arataha, ariko Dawidi aguma i Horeshi.
19 Then the Ziphites went up to Saul at Gibeah, saying, "Isn't David hiding among us in the strongholds at Horesh, on Hachilah's hill south of Jeshimon? Abantu b’i Zifu baraduga kwa Sawuli i Gibeya bamubwira bati: “Mbega Dawidi ntiyinyegeje i Horeshi, ku musozi w’i Hakila, mu bumanuko bwa Yeshimoni?
20 Now, king, come down, do come down, whenever you wish; our task is handing him to the king." None rero, mwami, manuka igihe cose uzobishakira, natwe tuzomutanga mu maboko yawe.”
21 Saul replied, "May our Father bless you, for you have taken pity on me. Sawuli arabishura ati: “Uhoraho abahezagire kuko mumbabaye.
22 Go, prepare further; learn where he sets foot, who has seen him there—I'm told he is very cunning. Genda mutohoze neza. Mumenye aho Dawidi akunda kuja, n’umuntu yoba yaramubonyeyo. Kuko ndazi ko ari umunyabwenge.
23 Learn all the hiding places where he hides, then bring me solid facts. I'll go with you, and if he's in the land, I'll search him out among all the clans of Judah." Mumenye aho akunda kubunda hanyuma muze mumpe inkuru y’imvaho. Maze nzojana namwe; niyaba ari muri ako karere, nzomuhiga hose no mu nzu zose zo mu muryango wa Yuda.”
24 They set out for Ziph ahead of Saul. David and his men were in the wilderness of Maon, in the Arabah south of Jeshimon. Nuko barasohoka bitangira imbere ya Sawuli. Dawidi n’abantu biwe bari mu bugaragwa bw’i Mayoni, muri Araba mu bumanuko bwa Yeshimoni.
25 Saul and his men set out to search, and David was told. He went down to the rock and stayed in the wilderness of Maon. Saul heard, and pursued David into the wilderness of Maon. Sawuli n’abantu biwe batangura kubaririkiza, maze babibwiye Dawidi, aca amanuka ku gitandara aguma mu bugaragwa bw’i Mayoni. Sawuli avyumvise, aja mu bugaragwa bw’i Mayoni ahiga Dawidi.
26 Saul went along one side of the mountain, David and his men along the other, David hurrying to escape Saul while Saul and his men closed in to capture David and his men. Sawuli yariko aca mu mbavu z’umusozi, Dawidi na we n’abantu biwe bari ku rundi ruhande, bihuta ngo basige Sawuli. Kandi Sawuli n’ingabo zari kumwe na we begereje gufata Dawidi n’abari kumwe na we,
27 But a messenger came to Saul, saying, "Come quickly! The Philistines are raiding the land." intumwa iza kuri Sawuli imubwira iti: “Nimunyaruke ningoga! Abafilisitiya barateye igihugu.”
28 So Saul stopped pursuing David and went against the Philistines. That's why they named that place Sela-hammahlekoth. Maze Sawuli aca areka gukurikira Dawidi aja kugwanya Abafilisitiya. Ni co catumye aho hantu hitwa Sela Hamahilekoti risigura “igitandara co gutandukana”.
29 And David went up from there and lived in the strongholds of En Gedi. Nuko Dawidi aca araduga ava aho aja kwinyegeza i Eni-Gedi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]