Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 David left there and escaped to the cave of Adullam; his brothers and all his father's household heard and went down to him there. Dawidi ava i Gati ahungira mw’isenga ry’i Adulamu. Bakuru biwe n’abo mu nzu ya se bavyumvise, baramanuka bamusangayo.
2 Everyone in distress, debt, or bitter in spirit gathered to him; he became their commander—about 400 men. N’abandi bantu bahanzwe n’ingorane, uri abaheranye, uri abashegeshwe buzuye umwikomo, baramukurikira, araheza aba umukuru wabo. Abari kumwe na we, barashika hafi amajana ane.
3 From there David went to Mizpeh of Moab and asked its king, "Please let my father and mother come stay with you until I know what our Father will do for me." Dawidi avayo aja i Misipehi i Mowabu maze abaza umwami w’i Mowabu ati: “Ndagusavye wemerere data na mama baze babe ngaha iwawe kugeza aho nzomenyera ico Imana izonkorera?”
4 He left them with Moab's king; they stayed with him while David was in the stronghold. Nuko, uhereye ico gihe abavyeyi ba Dawidi babana n’umwami w’i Mowabu kandi bagumana na we igihe cose Dawidi yamaze mu kinyegero.
5 Gad the prophet told David, "Don't stay in the stronghold; leave, and go into the land of Judah." So David left and went to Hereth Forest. Ariko, uwavugishwa n’Imana Gadi abwira Dawidi ati: “Ntugume winyegeje. Genda mu gihugu c’i Buyuda.” Nuko Dawidi aca ava ngaho aragenda yinjira mw’ishamba ry’i Hereti.
6 Saul heard David and his men were found. He sat at Gibeah under the tamarisk on the height, spear in hand, all his servants standing around him. Nuko Sawuli amenya ko Dawidi n’abantu biwe hari abababonye aho bari. Sawuli yari yicaye musi y’igiti citwa tamarisi ku musozi w’i Gibeya, n’icumu ryiwe mu minwe, abishikira biwe bose bamukikije.
7 Saul said to his attending servants, "Listen, Benjaminites! Will Jesse's son even give you all fields and vineyards? Will he make you all commanders of thousands and commanders of hundreds, Sawuli arababwira ati: “Nimunyumvirize yemwe Babenyamini mwese! Mbega mwene Isayi azobaha mwese amatongo n’imizabibu? Mbega azobagira abakuru b’ingabo igihumbi abandi abagire abakuru b’ingabo ijana?
8 that you've all conspired against me? No one tells me my son made a covenant with Jesse's son. None of you pities me or tells me my son has stirred my servant against me to ambush me, as he does today." Mbega ni co gituma mwese mwagiye inama yo kungwanya? Nta n’umwe yigeze ambwira igihe umuhungu wanje yagiriraniye amasezerano na wa muhungu wa Isayi. Nta n’umwe ambabaye kuko ata n’umwe yambwiye igihe umuhungu wanje yosha uwo mukozi wanje kuntega imitego nk’uko bimeze uwu musi.”
9 Doeg the Edomite, with Saul's servants, said, "I saw Jesse's son come to Nob, to Ahimelech son of Ahitub. Ariko Dowegi Umunyedomu, yari ahagararanye n’abakuru b’ingabo ba Sawuli aca aravuga ati: “Narabonye wa muhungu wa Isayi aza kwa Ahimeleki mwene Ahitubu w’i Nobu.
10 Ahimelech inquired of the LORD for him, gave him provisions and the sword of Goliath the Philistine." Ahimeleki yamusigurije Uhoraho, amuha ivyokurya, yongera amuha na ya nkota ya Goliyati Umufilisitiya.”
11 The king summoned the priest Ahimelech son of Ahitub, his father's whole family, the priests in Nob, and they all came to the king. Nuko umwami atumako umuherezi Ahimeleki mwene Ahitubu n’umuryango wa se wose, bari abaherezi i Nobu, bose baza aho umwami yari ari.
12 Saul said, "Listen now, son of Ahitub." He answered, "Here I am, my lord." Sawuli aravuga ati: “Umviriza rero, yewe mwene Ahitubu.” Arishura ati: “Egome nyakwubahwa.”
13 Saul asked, "Why have you and Jesse's son conspired against me? You gave him bread and a sword and asked God for him, so he'd rise against me and lie in wait, as he does today." Sawuli aramubwira ati: “Ni kuki mwangiriye inama wewe na mwene Isayi, ukamuha ivyokurya n’inkota ukanamusiguriza Imana, kugira ngo angararize, antege n’umutego, nk’uko yabikoze uwu musi?”
14 Ahimelech answered the king, "Who among all your servants is as faithful as David, the king's son-in-law, your guard captain, and honored in your house? Ahimeleki yishura umwami ati: “Mbega mu basavyi bawe bakwumvira ni nde yoba ari umwizigirwa wawe kunganya Dawidi, umukwe w’umwami? Si we mukuru w’ingabo zicungera ubuzima bwawe kandi yubashwe n’abo mu rugo rwawe bose?
15 Did I begin asking our Father for him today? Far be it from me! Let the king charge his servant nothing—nor my father's whole household—for your servant knew nothing of all this, small or great." Mbega ugira ngo uwo musi bwari bwo bwa mbere ndamusiguriza Imana? Haba na mba! Mwami, ntiwagirize umusavyi wawe canke n’umwe mu bo mu muryango wanje, kuko umusavyi wawe ata na kimwe nzi muri ivyo vyose.”
16 But the king said, "You will surely die, Ahimelech, you and all your father's household." Ariko umwami aravuga ati: “Ahimeleki, ntugenda udapfuye, wewe n’umuryango wa so wose.”
17 The king told the guards standing beside him, "Turn and kill the priests of our Father, their hand too is with David; they knew he was fleeing and did not tell me." But the king's servants would not lift a hand against the priests of our Father. Nuko umwami ategeka abamucungerera ubuzima bari i ruhande yiwe ati: “Hindukira mwice aba baherezi b’Uhoraho, kuko na bo nyene bashigikiye Dawidi. Baramenye ko yariko arahunga, ariko ntibabimbwira.” Ariko abo bakuru ntibemera kwica abaherezi b’Uhoraho.
18 The king told Doeg, "Turn and strike down the priests." Doeg the Edomite turned and struck them down, killing eighty-five men who wore linen ephod that day. Nuko umwami ategeka Dowegi ati: “Hindukira wewe wice abo baherezi.” Maze Dowegi Umunyedomu arahindukira yica ba baherezi. Kuri uwo musi yishe abagabo mirongo umunani na batanu kandi bacambaye efodi zera.
19 He struck Nob, the priests' city, by the sword—men, women, children, infants, oxen, donkeys, sheep—all by the sword. Amarisha inkota abantu b’i Nobu, igisagara c’abo baherezi, abagabo n’abagore, abana n’inzoya, inka, indogoba n’intama.
20 But one son of Ahimelech son of Ahitub, named Abiathar, escaped and fled to David. Ariko Abiyatari, mwene Ahimeleki, Ahimeleki mwene Ahitubu, arashobora kunyegera ahungira kwa Dawidi.
21 Abiathar told David that Saul had killed the priests of our Father. Maze abwira Dawidi ingene Sawuli yishe abaherezi b’Uhoraho.
22 David told Abiathar, "I knew that day Doeg the Edomite was there—he'd tell Saul. I caused the death of everyone in your father's house. Nuko Dawidi abwira Abiyatari ati: “Kuri urya musi, igihe wa Munyedomu Dowegi yari harya, nari nzi ko ategerezwa kubibwira Sawuli. Ni jewe ntumye umuryango wa so wose upfa.
23 Stay with me; don't be afraid. Whoever seeks my life seeks yours. With me you are safe." Gumana nanje; ntutinye; uwurondera kukwica ni we ariko ararondera kunyica nanje. Uri kumwe nanje uzoba amahoro.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]