Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 David came to Ahimelech the priest at Nob. Ahimelech came trembling to meet him and asked, "Why are you alone, no one with you?" Dawidi aja i Nobu, kwa Ahimeleki umuherezi. Ahimeleki amubonye agira ubwoba arajugumira, aca amubaza ati: “Ko uri wenyene? Ni kuki ata n’umwe muri kumwe?”
2 David told Ahimelech the priest, "The king ordered me and said, 'No one must know anything about the mission I'm sending you on and what I've commanded you.' I've directed my young men to a certain place. Dawidi yishura Ahimeleki umuherezi ati: “Umwami yantumye igikorwa aca ambwira ati: ‘Ntihagire umuntu n’umwe amenya ivyerekeye igikorwa ndagutumye.’ Abantu banje na bo nababwiye aho tuzohurira.
3 So what do you have? Give me five loaves, or whatever you can find." None ufise iki co kurya? Numpe imikate itanu canke ikindi cose woronka.”
4 The priest told David, "I have no ordinary bread, only holy bread—if the young men have kept from women." Ahimeleki yishura Dawidi ati: “Nta mukate usanzwe mfise; ariko, hano hari imikate yejejwe nshobora kuguha, nimba abagabo muri kumwe badaherutse kuryamana n’abagore babo.”
5 David answered the priest, "Women have been kept from us, as always when I set out. The young men's bodies are holy even on an ordinary journey; how much more so today will their bodies be holy?" Dawidi aramwishura ati: “Ntuhagarike umutima ku bw’ivyo. Igihe cose tuba dufise urugamba twama twirinda kuryamana n’abagore. Kandi ko bama bizigama ngo ntibiyanduze mu bihe bisanzwe, mbega ubu ntibarushiriza!”
6 So the priest gave him the holy bread, since only the bread of the Presence was there—removed from before our Father to be replaced with warm bread the day it was taken away. Nuko wa muherezi amuha ya mikate ihezagiye, kuko ata yindi yariho, kiretse iyo mikate y’ishikanwa yari yakuwe imbere y’Uhoraho uwo musi nyene isubirizwa iyindi igishushe.
7 One of Saul's servants was there that day, detained before our Father: Doeg the Edomite, chief of Saul's shepherds. Ngaho nyene, hariho umusuku wa Sawuli yari yiriwe imbere y’Uhoraho; yitwa Dowegi Umunyedomu, akaba umukuru w’abungere ba Sawuli.
8 David asked Ahimelech, "Have you a spear or sword here? I brought neither my sword nor weapons, because the king's order was urgent." Dawidi abaza Ahimeleki ati: “Nta cumu woba ufise ngaha canke inkota? Sinazanye inkota yanje canke ikindi kigwanisho na kimwe, kuko ico umwami yari antumye cihutirwa cane.”
9 The priest said, "Goliath the Philistine's sword—Goliath, whom you killed in the Valley of Elah—is here, wrapped in cloth behind the ephod. Take it if you want; there's no other here." David said, "None compares; give it to me." Wa muherezi arishura ati: “Hari ya nkota ya Goliyati Umufilisitiya, umwe wicira mu kiyaya ca Ela; izingiriye mu mpuzu inyuma ya efodi. Niwaba uyigomba, yakire; kuko nta yindi nkota ihari atari iyo.” Dawidi aramwishura ati: “Nta yoza isumba iyo; yimpe!”
10 That day David rose and fled from Saul, and came to Achish king of Gath. Kuri uwo musi Dawidi ahunga Sawuli, aja kwa Akishi umwami w’i Gati.
11 But Achish's servants said to him, "Isn't this David, king of the land? Isn't he the one they sing about in their dances: 'Saul has struck down his thousands, and David his tens of thousands'?" Ariko abasuku ba Akishi baramubwira bati: “Uwu si Dawidi, umwami w’igihugu ca Isirayeli? Uwu si we baririmbiye batamba, bavuga ngo: ‘Sawuli yishe ibihumbi vyiwe, Dawidi we yica ibihumbi incuro icumi’?”
12 David took these words to heart and was very much afraid of Achish the king of Gath. Dawidi yumva ivyo bavuga vyose, aca agira ubwoba bwinshi atinya Akishi umwami w’i Gati.
13 So he changed his behavior before them and acted insane in their presence; he scrawled on the gate doors and let his saliva run down his beard. Nuko aca yihindura nk’umusazi imbere yabo; akiri mu maboko yabo atangura kuvuga ibidahuye, no guharagura inzugi z’irembo no kurekereza inkonda mu bwanwa.
14 Achish told his servants, "Look, you see the man is insane. Why bring him to me? Akishi abwira abasuku biwe ati: “Raba uwu mugabo! Ni umusazi! Ni kuki mwamunzaniye?
15 Am I short of madmen, that you brought this one to rave at me? Should he enter my house?" Nari nkenye abasazi aho mumunzanira ngo akore ibintu nk’ivyo imbere yanje? Uwu nokwemera ko yinjira mu nzu yanje?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]