Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 David fled Naioth in Ramah, came to Jonathan, and said, "What have I done? What is my guilt, and how have I sinned against your father, that he wants my life?" Maze Dawidi arahunga ava i Nayoti i Rama, aja kwa Yonatani aramubaza ati: “Mbega nakoze iki? Icaha canje ni ikihe? Ikibi nakoreye so ni ikihe, ko agomba kunyica?”
2 "Never!" Jonathan replied. "You won't die. My father tells me everything, great or small. Why hide this from me? Not true." Yonatani amwishura ati: “Ntibikabe. Ntuzopfa! Data ntiyigera akora ikintu, caba gito canke kinini, atambwiye. None ivyo yobimpisha gute? Si vyo!”
3 But David swore again, "Your father knows very well that I have your favor, and he has said, 'Don't tell Jonathan, or he'll grieve.' Yet as our Father lives, and as you live, there's only a step between me and death." Ariko Dawidi aramurahira ati: “So arazi neza ko nagize ikiganza ciza imbere yawe, maze aca aribwira ati: ‘Yonatani ntakwiye kubimenya kuko yobabara.’ Naho biri uko ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho kandi nawe ndakurahiye, nsigaje gatoya ngapfa.”
4 Jonathan said to David, "Whatever you want, I will do for you." Yonatani abwira Dawidi ati: “Ico ugomba cose ko nkora ndakigukorera.”
5 David said, "Tomorrow's the new moon; I should eat with the king. Let me hide in the field until the third evening. Nuko Dawidi aramubwira ati: “Raba ejo ni umusi mukuru w’ukwezi gushasha, nategerezwa gusangira n’umwami; ariko reka ngende nihishe mu mirima gushika ku mugoroba wa hirya y’ejo.
6 If your father misses me, say, 'David begged leave to hurry to Bethlehem, his town, for his whole clan's yearly sacrifice.'" So niyambaza akambura, uze umubwire uti: ‘Dawidi yanyinginze ngo ndamuhe uruhusha rwo gukubitira i Betelehemu mu gisagara c’iwabo, kuko haja gutangirwa ikimazi c’umwaka c’umuryango wose.’
7 If he says, 'Good,' your servant is safe. But if he flies into a rage, you can be sure he has decided harm against me. Niyavuga ati: ‘Ni vyiza,’ jewe umusavyi wawe nzoba ndi amahoro. Ariko niyashangashirwa, uzoce umenya ko yafashe ingingo yo kungirira nabi.
8 Show your servant kindness—you brought me into a covenant with you before our Father. If I'm guilty, kill me yourself; why hand me over to your father? Ariko wewe, uze wereke imbabazi umusavyi wawe, kuko wanshize mw’isezerano hamwe nawe imbere y’Uhoraho. Ninaba ntsindwa n’urubanza, ube ari wewe unyiyicira! Ni iki cotuma undekurira mu maboko ya so?”
9 "Never!" Jonathan said. "If I knew my father meant to harm you, wouldn't I tell you?" Yonatani aravuga ati: “Ntibikabe! Mbega iyo mba namenye na gatoya ko data agomba kukugirira nabi, simba nabikubwiye?”
10 David asked, "Who will tell me if your father answers you harshly?" Dawidi arabaza ati: “Ni nde ari bumenyeshe nimba so akwishuranye ishavu?”
11 "Come," Jonathan said, "let's go out to the field." So the two of them went out together. Yonatani aravuga ati: “Nuze, tugende mu murima.” Nuko barajana.
12 Jonathan said to David, "Our Father, the God of Israel, be my witness! I'll sound out my father tomorrow or the third day—if he favors you, will I not surely send word and let you know? Maze Yonatani abwira Dawidi ati: “Ndakurahiye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, hirya y’ejo amasaha ageze nk’aho ageze ubu nzovugana na data! Ninasanga afise imigabo myiza kuri wewe, sinzokurungikira agakuru ngo ndakumenyeshe?
13 But if my father means to harm you, may our Father punish me severely if I don't warn you and send you off safely. May our Father be with you, as he was with my father. Ariko ninasanga data afise imigabo mibi yo kukugirira nabi, Uhoraho aze abimpanire, kandi birushirije, nintabikumenyesha ngo ndakubwire uhunge. Uhoraho abane nawe nk’uko yahora abana na data.
14 But show me our Father's unfailing love as long as I live, so I won't die. Ariko uze unyereke ukugira neza kw’Uhoraho igihe cose nzoba nkiriho. Kandi mpfuye,
15 Never cut off your kindness from my family—even when our Father cuts off every enemy of David from the face of the earth." uze ugaragaze urukundo ku muryango wanje, mbere n’igihe Uhoraho azoba amaze abansi bawe bose kw’isi.”
16 Jonathan made a covenant with the house of David, saying, "May our Father hold David's enemies accountable." Nuko Yonatani agirana n’inzu ya Dawidi isezerano, avuga ati: “Uhoraho aze asubirize mu nkoko abansi ba Dawidi.”
17 Jonathan again made David swear by his love for him, for he loved him as his life. Yonatani yongera kurahiza Dawidi ko azoguma amukunda; kandi mu vy’ukuri Yonatani yaramukunda nk’uko yikunda.
18 Then Jonathan said, "Tomorrow is the new moon. You'll be missed, since your seat will be empty. Nuko Yonatani abwira Dawidi ati: “Ejo ni umusi mukuru w’ukwezi gushasha. Uzoboneka ko atari ho uri, kuko icicaro cawe kizoba kigaragara.
19 The day after tomorrow, toward evening, hurry down to where you hid when this trouble began, and stay by the stone Ezel. Hirya y’ejo, ku muhingamo, uze uje hamwe winyegeza mbere, urindirire i ruhande y’ibuye ry’i Ezeli.
20 I'll shoot three arrows to its side, as if aiming at a target. Nzorasa imyampi itatu i ruhande yaho, nk’aho noba ndiko ndarasa ikintu.
21 I'll send the boy and say, 'Go, find the arrows.' If I tell him, 'Look, they're on this side of you—bring them here,' then come; as our Father lives, you're safe, no danger. Maze nzotuma umukozi wanje mvuge nti: ‘Genda utore irya myampi.’ Ninavuga nti: ‘Ehe, imyampi iri i ruhande yawe; yinzanire,’ uzoce uza, kuko, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, bizoba ari amahoro; nta ngorane izoba ihari.
22 But if I tell the boy, 'Look, the arrows are beyond you,' go—our Father has sent you away. Ariko ninabwira wa mukozi nti: ‘Imyampi yarenze inyuma yawe,’ uze uce ugenda, kuko Uhoraho azoba akwemereye kugenda.
23 And about what you and I spoke of—remember, our Father stands as witness between you and me forever." Kandi ku vyo tuvuganye jewe nawe wibuke, Uhoraho ni we cabona cacu twempi ibihe vyose.”
24 So David hid in the field. When the new moon came, the king sat down to eat. Nuko Dawidi yinyegeza mu murima, maze wa musi mukuru w’ukwezi gushasha ushitse, umwami aricara ngo afungure.
25 The king sat in his usual seat by the wall, Jonathan opposite, Abner beside Saul—David's place empty. Yicara mu kibanza yari asanzwe yicaramwo giherereye ku gihome, atumberanye na Yonatani, na Abuneri yicaye i ruhande ya Sawuli, ariko ikibanza ca Dawidi caragaragara.
26 That day Saul said nothing, thinking, "Something happened to David to make him ceremonially unclean—surely he is unclean." Sawuli nta co yavuze uwo musi, kuko yiyumviriye ati: “Hoba hari icahumanije Dawidi akaba mu vy’ukuri ahumanye.”
27 Next day, the second of the month, David's place was empty again. Saul asked his son Jonathan, "Why hasn't Jesse's son come to eat, yesterday or today?" Ariko bukeye, ku musi ugira kabiri w’ukwezi, ikibanza ca Dawidi cari kigaragara kandi. Maze Sawuli abaza umuhungu wiwe Yonatani ati: “Mbega mwene Isayi ko ataje gufungura ejo n’uwu musi?”
28 Jonathan replied, "David earnestly begged me to let him go to Bethlehem. Yonatani aramwishura ati: “Dawidi yaranyinginze ngo ndamuhe uruhusha rwo kuja i Betelehemu.
29 He said, 'Let me go—our family has a sacrifice in town, and my brother ordered me there. If I have your favor, let me slip away and see my brothers.' That's why he hasn't come to the king's table." Yavuze ati: ‘Reka ngende kuko umuryango wacu uza gutangira ikimazi mu gisagara kandi mukuru wanje yantegetse kuhaba. Ninaba ngiriwe ubuntu mu maso yawe, reka ngende kuraba bakuru banje.’ Ni co gituma atashoboye kuba ku meza hamwe n’umwami.”
30 Saul raged at Jonathan: "Son of a rebellious, perverse woman! Don't I know you've sided with Jesse's son—to your shame, and to the shame of the mother who bore you? Sawuli arakira Yonatani cane maze aramubwira ati: “Wa muhungu w’umugore w’ingare n’ingeso mbi! Mbega wibaza ko ntazi yuko ugomba ko mwene Isayi aba umwami mu gishingo cawe, ukaba agatetereza kuri wewe no kuri nyoko yakuvyaye?
31 As long as Jesse's son lives on earth, neither you nor your kingdom is secure. Send and bring him to me; he must die." Igihe cose urya muhungu wa Isayi azoba akiriho, yaba wewe canke ubwami bwawe ntibuzorama. Ubu rero tuma umuntu amunzanire, kuko ategerezwa gupfa!”
32 "Why should he be put to death? What has he done?" Jonathan asked his father. Yonatani abaza se ati: “Kubera iki yokwicwa? Yakoze iki?”
33 Saul threw his spear at him to strike him down, so Jonathan knew his father was determined to kill David. Nuko Sawuli abangura rya cumu ryiwe ngo arimutere. Yonatani aca amenya ko se yagabiye kwica Dawidi.
34 Jonathan rose from the table in burning anger, ate nothing that month's second day, grieved for David because his father had disgraced him. Yonatani aca arivumbura ava ku meza ashavuye cane; kuri uwo musi ugira kabiri w’ukwezi ntiyafunguye, kuko yari ababajwe n’ivyo se agirira Dawidi.
35 At morning Jonathan went out to the field to meet David, a young boy with him. Bukeye mu gitondo Yonatani arasohoka aja mu murima ha hantu bateguye guhurira na Dawidi. Yari kumwe n’umuhungu mutoya,
36 He told his boy, "Run, find the arrows I shoot." As he ran, Jonathan shot the arrow past him. maze abwira uwo muhungu ati: “Iruka untorere imyampi nza kurasa.” Wa muhungu akiriko ariruka kuyitora, arasa umwampi uramurengana.
37 As the boy reached the arrow Jonathan shot, Jonathan called after him, "Isn't the arrow beyond you?" Wa muhungu ashitse aho wa mwampi waguye, Yonatani arasemerera ati: “Mbega umwampi ntiwarenze?”
38 Jonathan called after the boy, "Hurry! Quick! Don't stop!" He gathered the arrows and came to his master. Yongera gusemerera ati: “Nyaruka ningoga! Ntuhagarare!” Wa muhungu atora wa mwampi asubira kwa shebuja.
39 The boy knew nothing of all this; only Jonathan and David knew what it meant. (Uwo muhungu ntiyamenye na kimwe muri ivyo; Yonatani na Dawidi ni bo bari bazi ivyo bakora)
40 Then Jonathan gave his weapons to the boy and told him, "Go, carry them back to town." Yonatani aca aha vya bigwanisho wa muhungu aramubwira ati: “Genda, ubisubize mu gisagara.”
41 When the boy left, David rose from beside the stone's south side, fell facedown, and bowed three times. They kissed and wept together, David weeping most. Wa muhungu amaze kugenda, Dawidi aranyeguruka ava mu bumanuko bwa rya buye yunamira Yonatani gatatu, akoza umutwe hasi. Baca baragumbirana bararira ariko Dawidi arira cane.
42 Jonathan told David, "Go in peace—we both swore in our Father's name: 'Our Father is witness between you and me, and between your descendants and mine, forever.'" David rose and left; Jonathan returned to town. Yonatani aravuga ati: “Genda amahoro, kuko twasezeranye mw’izina ry’Uhoraho ko tuzoba abagenzi, tukavuga tuti: ‘Uhoraho ni we cabona hagati yawe nanje, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwanje ibihe vyose.’ ” Nuko Dawidi aragenda, Yonatani na we asubira mu gisagara.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]