Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Saul spoke to his son Jonathan and all his servants about killing David. But Jonathan, Saul's son, delighted greatly in David. Sawuli abwira umuhungu wiwe Yonatani na ba bishikira biwe ngo bice Dawidi. Ariko Yonatani yarakunda cane Dawidi.
2 Jonathan told David, "Saul my father wants to kill you, so be careful in the morning—stay hidden and out of sight. Aca aramugabisha ati: “Data Sawuli ariko ararondera akaryo ko kukwica. Nuko wirinde kandi ejo mu gitondo uze urabe aho winyegeza mu mirima ugumeyo.
3 I will go out, stand beside my father in the field where you are, and speak to my father about you—then tell you whatever I discover." Nanje nzosohokana na data duhagararane muri uwo murima aho uzoba uri. Nzovugana na we ivyawe hanyuma mpeze nkubwire uko ibintu bizoba bimeze.”
4 Jonathan spoke well of David to his father Saul and said to him: "The king must not sin against his servant David, for he hasn't sinned against you. On the contrary, his deeds have been very good for you. Nuko Yonatani avuga neza Dawidi imbere ya Sawuli aramubwira ati: “Umwami ntakwiye gucumura ku mukozi wiwe Dawidi, nta kibi na kimwe aragukorera; kandi ivyo yakoze vyose vyakuzaniye inyungu ihambaye.
5 He risked his life to strike down the Philistine, and our Father won a great victory for all Israel. You saw it and rejoiced. Why would you sin against innocent blood, killing David for no reason?" Yahevye ubuzima bwiwe igihe yica Goliyati. Uhoraho aha Abisirayeli bose intsinzi ikomeye, kandi warabibonye kandi vyarakunezereye. None ni iki gituma ugomba kwica umuntu nka Dawidi ata kibi yakugiriye kandi udafise igituma?”
6 Saul listened to Jonathan and swore, "As our Father lives, David will not be put to death." Maze Sawuli yumviriza Yonatani aca ararahira ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Dawidi ntazokwicwa.”
7 Jonathan called David and told him all this, then brought him to Saul, and David served him as before. Nuko Yonatani ahamagara Dawidi amubwira ivy’ico kiyago vyose. Amuzana aho Sawuli ari, Dawidi asubira kubana na Sawuli nk’ubwa mbere.
8 War broke out again. David went out, fought the Philistines, struck them with a great blow, and they fled from him. Hanyuma intambara isubira kwaduka, Dawidi aja kugwanya Abafilisitiya. Arabagwanya kugeza aho bahunga imbere yiwe.
9 But a harmful spirit from our Father came on Saul while he sat in his house, spear in hand, and David played the lyre. Ariko impwemu mbi itumwe n’Uhoraho iza kuri Sawuli aho yari yicaye mu nzu yiwe afise icumu mu minwe. Dawidi akivuza inanga,
10 Saul tried to pin David to the wall with his spear, but David dodged, and the spear struck the wall. David fled and escaped that night. Sawuli amutera rya cumu ariko Dawidi ararizibukira, rica ryinjira mu gihome. Kuri uwo musi Dawidi aca ahenga mw’ijoro arahunga.
11 Saul sent men to watch David's house and kill him at dawn. Michal, David's wife, warned him: "If you don't flee tonight, you'll be dead by morning." Sawuli atuma abantu kwa Dawidi ngo bamuryamire maze bamwice mu gitondo bukeye. Ariko Mikali muka Dawidi aramuburira ati: “Niyo utahunga iri joro, ejo mu gitondo uzokwicwa.”
12 So Michal let David down through a window, and he fled and escaped. Nuko Mikali acisha Dawidi mw’idirisha, aratoroka arahunga.
13 Then Michal took the household idol, laid it on the bed, put a goat-hair blanket at its head, and covered it with a cloth. Maze Mikali afata ikigirwamana c’umuryango akirambika ku buriri, agipfukisha impuzu agishirako ubwoya bw’impene ku mutwe.
14 When Saul sent messengers to seize David, Michal said, "He is ill." Sawuli atumye ba bantu ngo bafate Dawidi, Mikali aravuga ati: “Aragwaye.”
15 So Saul sent the messengers back to see David, saying, "Bring him to me in the bed, to kill him." Nuko Sawuli arongera arabatuma ngo basubire kuraba Dawidi ababwira ati: “Mumunzanire ari ku buriri aryamyeko kugira ngo ndamwice.”
16 When the messengers came in, the household idol was on the bed, goat-hair quilt at its head. Ariko ba bantu binjiye, basangamwo ca kigirwamana, ku mutwe hariko ubwoya bw’impene.
17 Saul said to Michal, "Why did you deceive me like this and let my enemy escape?" Michal said to Saul, "He told me, 'Let me go, why should I kill you?'" Sawuli abwira Mikali ati: “Ni kuki wampenze nk’uko ugatuma umwansi wanje ancika agahunga?” Mikali aramubwira ati: “Yambwiye ati: ‘Reka ngende. Ni iki cotuma nkwica?’ ”
18 David fled and escaped, came to Samuel at Ramah, and told him all Saul had done to him. Then he and Samuel went and stayed in Naioth. Dawidi amaze guhunga aca aja kwa Samweli i Rama amubwira ivyo Sawuli yamugiriye vyose. Maze baca baja i Nayoti bagumayo.
19 Saul was told, "David is at Naioth in Ramah." Umuntu araza abwira Sawuli ati: “Dawidi ari i Nayoti i Rama”;
20 Saul sent messengers to seize David. But seeing the band of prophets prophesying, with Samuel standing as their leader, the Spirit of our Father came on Saul's messengers, and they too prophesied. Maze arungika abantu ngo bamufate. Ariko babonye umugwi w’abavugishwa bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ari we abarongoye, Mpwemu w’Imana aza kuri ba bantu ba Sawuli batangura kuvugishwa.
21 Saul was told; he sent other messengers, and they too prophesied. Saul again sent messengers, a third time, and they also prophesied. Babibwira Sawuli, maze arungika abandi, na bo baravugishwa. Sawuli arungika abandi ubwa gatatu, na bo baravugishwa.
22 Finally Saul himself went to Ramah, reaching the great well at Secu. He asked, "Where are Samuel and David?" "At Naioth in Ramah," someone said. Mu nyuma aba ari we yigira i Rama aca aja ku kinogo kibika amazi c’i Seku. Maze arabaza ati: “Samweli na Dawidi bari he?” Baramwishura bati: “Bari i Nayoti i Rama.”
23 He went to Naioth in Ramah, but the Spirit of our Father came upon him too, and he walked along, prophesying, until he reached Naioth in Ramah. Nuko Sawuli aja i Nayoti i Rama. Ariko Mpwemu w’Imana amuzako, agenda aravugishwa kugeza ashitse i Nayoti.
24 He too stripped off his clothes, prophesied before Samuel, and lay naked all that day and night. So people say, "Is Saul also among the prophets?" Aca yiyambura impuzu ziwe, avugishirizwa mu maso ya Samweli. Aguma gutyo yambaye ubusa ijoro n’umurango. Ni co gituma abantu babibonye babaza bati: “Mbega harya na Sawuli ari mu bavugishwa n’Imana?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]