Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When David finished speaking with Saul, Jonathan's soul was tied to David's, and Jonathan loved him as his own soul. Dawidi ahejeje kuvugana na Sawuli, Yonatani ahuza umutima wiwe n’uwa Dawidi, amukunda nk’uko yikunda.
2 From that day Saul kept David with him, not letting him return to his father's house. Kuva ico gihe Sawuli aca agumya Dawidi ntiyasubira kumureka ngo asubire iwabo.
3 Then Jonathan made a covenant with David, because he loved him as his own soul. Maze Yonatani agirana isezerano na Dawidi kuko yamukunda nk’uko yikunda.
4 Jonathan took off his robe and gave it to David, along with his tunic, sword, bow, and belt. Yonatani yambura ikanzu yiwe yari yambaye ayiha Dawidi, umuha n’impuzu ziwe z’intambara, mbere n’inkota yiwe, n’umuheto n’umukanda vyose arabimuha.
5 David succeeded everywhere Saul sent him, so Saul put him over the soldiers, pleasing all the people and Saul's servants too. Ico Sawuli yatuma Dawidi gukora cose, yaragikora kandi neza gushika aho Sawuli yamuhaye ikibanza kinini mu ngabo za Isirayeli. Ivyo bihimbara abantu bose, n’abakuru b’ingabo ba Sawuli.
6 As they returned, when David came back from killing the Philistine, women from every Israelite city came out to meet King Saul, singing, dancing, joyful, with tambourines and instruments. Ingabo z’Abisirayeli igihe zariko zirataha Dawidi ahejeje kwica Goliyati, abagore bava mu bisagara vya Isirayeli baje guhura n’umwami Sawuli baza bavyina kandi batamba indirimbo z’umunezero bavuza utugoma n’ibindi bikoresho vyose bivuzwa mu kuririmba.
7 As they celebrated, the women sang to each other: "Saul has struck down his thousands, David his ten thousands." Bariko baravyina baririmba ngo: “Sawuli yishe ibihumbi, Dawidi na we ibihumbi incuro icumi.”
8 Saul burned with anger; this word was very unwelcome to him. He said, "They credit David ten thousands, me only thousands. What's left him but the kingdom?" Urwo ruririmbo rushavuza Sawuli cane. Ariyumvira ati: “Dawidi bamuharuriye ibihumbi cumi, ariko jewe ni ibihumbi gusa. Mbega igisigaye ni iki, atari kumuha ubwami?”
9 And from that day on Saul kept a jealous eye on David. Kuva ico gihe Sawuli agirira ishari Dawidi akamuraba ijisho ribi.
10 Next day a harmful spirit from our Father rushed on Saul; he raved inside his house while David played the lyre, as he did day by day. Saul had his spear in his hand. Bukeye impwemu mbi itumwe n’Imana iza kuri Sawuli amera nk’uwuriko avugishwa ibintu ari mu nzu iwe, Dawidi na we ariko aravuza inanga, nk’uko yahora abikora. Sawuli yari afise icumu mu minwe
11 He hurled the spear, thinking, "I'll pin David to the wall." But David dodged him twice. aca ararimutera, yibwira ati: “Ngomba ntobekeranye Dawidi afatane n’igihome.” Ariko Dawidi ararizibukira kabiri kose.
12 Saul was afraid of David, because our Father was with him but had departed from Saul. Kuva ico gihe Sawuli aca atinya Dawidi, kuko yarabona ko Uhoraho ari kumwe na we, mugabo we akaba azi ko yamuhevye.
13 So Saul sent David away from his presence, made him commander of 1,000, and David led the people out to battle and back. Maze arungika Dawidi kure yiwe amuha kuganza abasoda igihumbi. Dawidi akama ajana ingabo ku rugamba azigiye imbere.
14 David had success in all his ways, for our Father was with him. Ivyo yakora vyose vyagenda neza, kuko Uhoraho yari kumwe na we.
15 When Saul saw how greatly David succeeded, he dreaded him. Sawuli amaze kubona ko ivyo akora vyose bitera imbere, arushaho kumutinya.
16 But all Israel and Judah loved David, because he led them out to battle and back. Ariko Abisirayeli n’Abayuda bose bagakunda Dawidi, kuko yajana na bo ku rugamba abarongoye.
17 Saul told David, "Here is my older daughter Merab. I'll give her to you as wife—only be brave for me and fight our Father's battles." For Saul thought, "My hand won't be against him; let the Philistines' hand be against him." Sawuli abwira Dawidi ati: “Ng’uwu umukobwa wanje mukuru Merabi. Ndamugushingira; ariko ubanze unkorere ushizeko umwete, ugwane intambara z’Uhoraho.” Vyatumwa n’uko Sawuli yibwira mu mutima ati: “Singomba kumukozako ukuboko ngo ndamwice, reka Abafilisitiya abe ari bo bamwica!”
18 David said to Saul, "Who am I, and what is my family, my father's family in Israel, that I'd become the king's son-in-law?" Ariko Dawidi yishura Sawuli ati: “Mbega jewe ndi iki canke umuryango wa data mu Bisirayeli, aho noba umukwe w’umwami?”
19 But when Merab, Saul's daughter, was to be given to David, she was given to Adriel the Meholathite as wife. Maze igihe kigeze ko Merabi umukobwa wa Sawuli ashingirwa Dawidi, ahabwa Adiriyeli w’i Mehola.
20 Now Michal, Saul's daughter, loved David. When Saul heard this, it pleased him. Maze Mikali umukobwa wa Sawuli akunda Dawidi, bamaze kubibwira Sawuli, aranezerwa.
21 Saul thought, "I'll give her to him as a trap, letting the Philistines' hand strike him." So Saul told David, "Today you have a second chance to be my son-in-law." Ariyumvira ati: “Nzomumuha, maze amubere umutego kugira ngo aze agwe mu maboko y’Abafilisitiya.” Nuko Sawuli abwira Dawidi ati: “Uronse akandi karyo ka kabiri ko kuba umukwe w’umwami.”
22 Saul told his servants, "Tell David privately: 'The king likes you, and all his servants love you. Now become his son-in-law.'" Nuko Sawuli avugana n’abishikira biwe ati: “Muvugane na Dawidi mw’ibanga mumubwire muti: ‘Umwami arakunezererwa, kandi n’abishikira biwe twese turagukunda; none rero niwemere ube umukwe wiwe.’ ”
23 Saul's servants told David these words. David said, "Is becoming the king's son-in-law a small thing to you? I'm poor and unimportant." Babwira Dawidi ayo majambo. Ariko Dawidi abishura ati: “Mbega mwibaza ko ari ikintu coroshe kuronka inkwano no kuba umukwe w’umwami? Jewe ndi umukene kandi nta co maze.”
24 And Saul's servants told him, "This is what David said." Ba bishikira ba Sawuli bamubwiye ivyo Dawidi yavuze,
25 Saul said, "Tell David: 'The king wants no bride-price, only one hundred Philistine foreskins—revenge on the king's enemies.'" He intended David to fall by Philistine hands. Sawuli arishura ati: “Mubwire Dawidi muti: ‘Umwami ntashaka inkwano n’imwe yindi atari udukoba tw’ibitsina gabo vy’Abafilisitiya ijana, kugira ngo yihore abansi biwe.’ ” Mu mugambi wa Sawuli kwari ukugira ngo Dawidi ahitanwe n’Abafilisitiya.
26 His servants told David this; he was delighted to become the king's son-in-law. Before the full time passed, Ba bakozi bamaze kubwira Dawidi ivyo vyose, aca aremera kuba umukwe w’umwami. Nuko imbere y’uko igihe yahawe gihera,
27 David and his men went out, killed 200 Philistines, and brought their foreskins to the king, counted in full to become his son-in-law. So Saul gave him his daughter Michal as wife. Dawidi n’abantu biwe baragenda bica Abafilisitiya amajana abiri. Aca azana igitigiri gikwiye ca twa dukoba tw’Abafilisitiya abiha umwami kugira ngo ashobore kuba umukwe w’umwami. Maze Sawuli aca amushingira umukobwa wiwe Mikali.
28 When Saul saw and knew our Father was with David, and that Michal his daughter loved him, Sawuli abonye ko Uhoraho ari kumwe na Dawidi, kandi ko umukobwa wiwe Mikali amukunda,
29 Saul feared David even more, and became David's enemy for the rest of his life. Sawuli aca arushaho gutinya Dawidi, hanyuma aca amugira umwansi wiwe mu misi yose yari ashigaje kubaho.
30 Philistine commanders kept coming out to battle, and each time David succeeded more than all Saul's officers, so his name became highly honored. Abakuru b’ingabo z’Abafilisitiya bashishikara gutera Isirayeli, kandi igihe cose batera, Dawidi yama abanesha akarusha abandi bakuru b’ingabo bose ba Sawuli, maze izina ryiwe riba rurangiranwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]