Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 26 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Ziphites came to Saul at Gibeah: "Isn't David hiding on Hachilah hill, facing Jeshimon?" Abantu b’i Zifu bagenda kwa Sawuli i Gibeya bamubwira bati: “Mbega Dawidi ntiyinyegeje ku musozi w’i Hakila, uhereranye n’i Yeshimoni?”
2 Saul went down to the Wilderness of Ziph with 3,000 chosen men of Israel to search for David there. Nuko Sawuli aramanuka aja mu bugaragwa bw’i Zifu, ari kumwe n’ingabo ibihumbi bitatu vy’abahizi b’indobanurwa mu Bisirayeli, agiye guhiga Dawidi.
3 Saul camped on Hachilah hill facing Jeshimon beside the road, while David stayed in the wilderness. David saw Saul had followed him into the wilderness, Sawuli ashinga amahema y’ikambi yiwe i ruhande y’inzira iri ku musozi w’i Hakila hahereranye n’i Yeshimoni, ariko Dawidi aguma mu bugaragwa. Yumvise ko Sawuli yamukurikiyeyo,
4 he sent out scouts and learned that Saul had indeed arrived. aca arungika abantu kugendereza, kugira ngo amenye ko Sawuli yashitse vy’ukuri.
5 David went to the place where Saul had camped, and saw where Saul lay with Abner son of Ner, his army commander. Saul lay inside the camp, troops surrounding him. Nuko Dawidi arasoboka aja hamwe Sawuli yari acumbitse. Abona aho Sawuli na Abuneri mwene Neri, umukuru w’ingabo bari, baryamye. Sawuli yari aryamye hagati muri iyo kambi, ingabo zose zimukikije.
6 David asked Ahimelech the Hittite and Abishai son of Zeruiah, Joab's brother, "Who'll go down with me to Saul's camp?" Abishai said, "I'll go down with you." Nuko Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi mwene Zeruwiya, murumuna wa Yowabu ati: “Ni nde yemera kumanukana nanje aho Sawuli ari mw’ikambi?” Abishayi aramwishura ati: “Jewe turajana.”
7 David and Abishai came to the troops at night. Saul lay asleep in camp, spear stuck in the ground by his head, Abner and the troops around him. Nuko Dawidi na Abishayi bagenda aho za ngabo ziri mw’ijoro, babona Sawuli, aryamye asinziriye hagati y’ingabo n’icumu ryiwe rishinze hasi hafi y’umutwe wiwe. Abuneri n’izindi ngabo bari bamukikije.
8 Abishai said to David, "Our Father has given your enemy into your hand today. So let me strike him to the ground with one spear—no second thrust needed." Abishayi abwira Dawidi ati: “Uyu musi Imana igabuye umwansi wawe mu maboko yawe. Nyemerera rero ndamucumite rimwe gusa icumu ryanje rice rimufatanya n’isi; sincumita kabiri.”
9 But David told Abishai, "Don't destroy him! Who can lift a hand against our Father's anointed and stay guiltless?" Ariko Dawidi abwira Abishayi ati: “Oya, ntumwice! Ni nde yoramvurira ukuboko ku wo Uhoraho yarobanuje amavuta, ntabeko icaha?
10 David said, "As our Father lives, our Father will strike him, or his day comes and he dies, or he goes into battle and is destroyed. Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubwiwe ni we azomwiyicira; canke na ho umusi wiwe uzoshika apfe, canke azoja mu ntambara agweyo.
11 Far be it, before our Father, to raise my hand against our Father's anointed. Now take the spear at his head, the water jug, and let's go." Ariko Uhoraho andinde gukoza ukuboko ku muntu yarobanuje amavuta. Ubu genda utore rirya cumu n’umukuza w’amazi biri ku mutwe wiwe, tugende.”
12 David took the spear and water jug from beside Saul's head; they left. No one saw them, no one knew, and no one woke, for a deep sleep from our Father had fallen on them all. Nuko Dawidi atwara rya cumu na wa mukuza w’amazi vyari ku mutwe wa Sawuli, baca barigira. Bose bari basinziriye, kuko Uhoraho yari yabasinzirije ubutikoma.
13 Then David crossed over and stood on a distant hilltop, a wide gap between them. Maze Dawidi arajabuka aja hakurya ahagarara ku gatwe k’umusozi uri hirya y’aho bacumbitse; mugabo atari hafi.
14 He called to the troops and Abner son of Ner: "Won't you answer, Abner?" "Who are you, calling to the king?" Abner replied. Ahamagara ingabo na Abuneri mwene Neri ati: “Mbega Abuneri, ko utanyishura?” Abuneri arishura ati: “Uri nde uvyura umwami?”
15 David said to Abner, "Aren't you a man? Who is like you in Israel? Why didn't you guard your lord the king? Someone came to destroy the king, your lord. Dawidi aramwishura ati: “Wewe nzi ko uri umugabo, si ko none? Kandi ni nde muri Isirayeli ahambaye nkawe? None ni iki catumye udateramira shobuja umwami igihe umuntu yaza kumwica.
16 You've done wrong. As our Father lives, you all deserve death for not guarding your lord, our Father's anointed. Now look—where are the king's spear and water jug by his head?" Ivyo wakoze si vyiza. Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho wewe n’ingabo muri kumwe mukwiye gupfa, kuko mutateramiye shobuja, uwo Uhoraho yimikishije amavuta. Raba hose! Icumu n’umukuza w’amazi vy’umwami vyari i ruhande y’umutwe wiwe biri hehe?”
17 Saul recognized David's voice: "Is that your voice, my son David?" David said, "My voice, my lord the king." Sawuli amenya ijwi rya Dawidi aravuga ati: “Ni wewe ga mwana wanje Dawidi?” Dawidi aramwishura ati: “Egome ni jewe databuja, mwami.”
18 He said, "Why does my lord chase his servant? What have I done, what wrong in my hand? Arongerako ati: “Ni kuki databuja umwami ahiga jewe umusavyi wiwe? Ni igiki nakoze kibi, nagirizwa iki?
19 May my lord the king hear his servant's words: if our Father stirred you against me, may he accept an offering; but if it is people who have done it, may they be cursed before him—for today they've driven me from my share in his inheritance, saying, 'Go, serve other gods.' None rero niwumvirize amajambo y’umusavyi wawe. Nimba Uhoraho ari we yakundekuriyeko, niyemere ndamuhe ikimazi. Ariko nibaba ari abantu, nibavumwe imbere y’Uhoraho! Kuko bankuye mu mugabane wanje mu vyo Uhoraho yaturaze bakavuga ngo: ‘Genda ukorere izindi mana.’
20 Don't let my blood fall to the ground, far from our Father's presence—Israel's king comes out to hunt one flea, like chasing a partridge in the mountains." Nuko ntureke ngo amaraso yanje asesekere kure y’inyonga z’Uhoraho. Umwami w’Abisirayeli yasohokanywe no guhiga jewe imbaragasa nk’uko umuntu ahiga inkware mu misozi?”
21 Saul said, "I have sinned. Come back, David my son. I will never harm you again, since my life was precious in your eyes today. I have been foolish and gravely mistaken." Maze Sawuli aravuga ati: “Nacumuye. Garuka, Dawidi mwana wanje. Kuko wahaye agaciro ubuzima bwanje uwu musi, sinzosubira kurondera kukugirira nabi. Ni ivy’ukuri, nakoze nk’igipfu, kandi nihenze cane.”
22 David answered, "Here is the king's spear. Let a young man come get it. Dawidi aramwishura ati: “Ng’iri icumu ry’umwami. Tuma umwe mu basore bawe aze kuritora.
23 Our Father repays everyone for their righteousness and faithfulness. Today he gave you into my hand, but I wouldn't raise my hand against his anointed. Uhoraho agerera umuntu wese ibihwanye n’ubugororotsi bwiwe n’ubwizigirwa bwiwe. Uhoraho yakugabuye mu maboko yanje uwu musi, ariko sinokoza ukuboko ku wo Uhoraho yarobanuje amavuta.
24 As I valued your life highly today, may our Father value my life highly and rescue me from all trouble." Nk’uko nahaye ubuzima bwawe agaciro, abe ari ko Uhoraho aha agaciro ubuzima bwanje ankize amagorwa yose.”
25 Saul told David, "Blessed are you, my son David—you will do great things, and surely prevail." David went his way; Saul returned home. Nuko Sawuli abwira Dawidi ati: “Uragahezagirwa, mwana wanje Dawidi; uzokora ibihambaye kandi ni ukuri uzonesha.” Nuko Dawidi arigira, Sawuli na we asubira iwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]