Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Samuel said to all Israel, "I listened to your voice in all you told me, and made a king over you. Samweli abwira Abisirayeli ati: “Narumvise ivyo mwambariye vyose none namaze kubaha umwami wo kubaganza.
2 Now the king walks before you. I am old and gray-haired; my sons are with you. I have walked before you from my youth until today. Ubu rero murafise umwami wo kubarongora. Jewe ndashaje, mfise imvi, mbere n’abahungu banje bari ngaha muri mwebwe. Nabaye umurongozi wanyu kuva nkiri muto gushika uno musi.
3 Here I am—testify against me before our Father and his anointed. Whose ox have I taken? Whose donkey have I taken? Whom have I cheated? Whom have I oppressed? Whose bribe have I taken to look away? Tell me, and I will repay you." None mpagaze hano. Nimunyagirize imbere y’Uhoraho n’uwo yimikishije amavuta. Ni nde nanyaze inka yiwe? Ni nde nanyaze indogoba yiwe? Ni nde nagunze? Ni nde nacinyije? Ni nde yampaye igiturire kugira ngo kimpume amaso? Nihaba hari ikintu na kimwe kinyagira muri ivyo vyose, ndagitunganya.”
4 They said, "You have not cheated us or oppressed us or taken anything from anyone's hand." Baramwishura bati: “Ntiwatugunze, ntiwaducinyije kandi nta n’umwe wanyaze ikintu na kimwe.”
5 He said to them, "Our Father is witness against you, and his anointed is witness today, that you found nothing in my hand." They said, "He is witness." Samweli arabishura ati: “Uhoraho ni we cabona imbere yanyu hamwe n’uwo yimikishije amavuta ko ata na kimwe munyagiriza, amaboko yanje yoba yariyandurishije.” Baramwishura bati: “Ni vyo, Uhoraho ni we cabona.”
6 Then Samuel told the people, "It was our Father who appointed Moses and Aaron and brought your ancestors up out of Egypt. Nuko Samweli abwira abantu ati: “Uhoraho ni we yatoranije Mose na Aroni kandi ni we yakuye ba sogokuruza banyu muri Egiputa.
7 Now stand, so I may state my case against you before our Father—all his just acts for you and your ancestors." Nuko rero, nimuze hano imbere y’Uhoraho ndabibutse ivyiza vyose yabakoreye mwebwe na ba sogokuruza banyu.
8 When Jacob entered Egypt, your ancestors cried to our Father, who sent Moses and Aaron, bringing them out of Egypt and settling them here. Yakobo n’abiwe bamaze gushika muri Egiputa, ba sogokuruza banyu batakambiye Uhoraho ngo abatabare, maze Uhoraho atuma Mose na Aroni, baba ari bo babakura muri Egiputa babashira muri iki gihugu.
9 But they forgot our Father, so he handed them to Sisera, Hazor's army commander, to the Philistines, and to Moab's king, who fought them. Ariko baciye bibagira Uhoraho Imana yabo; bituma abarekurira mu maboko ya Sisera, umukuru w’ingabo z’i Hazori, no mu maboko y’Abafilisitiya n’umwami w’i Mowabu barabagwanya.
10 They cried to our Father: "We have sinned; we abandoned our Father and served the Baals and Ashtaroth. Now rescue us from the hand of our enemies, and we will serve you." Maze batakambira Uhoraho bavuga bati: ‘Twaracumuye; twataye Uhoraho dukorera Bayali na Ashitaroti. Ariko niwadutabara ukadukiza amaboko y’abansi bacu ubu, natwe tuzogukorera.’
11 So our Father sent Jerubbaal, Barak, Jephthah, and Samuel, rescued you from the hand of your enemies all around, so you lived safely. Nuko Uhoraho arungika Yerubayili, Baraki, Yefuta na Samweli, abakura mu maboko y’abansi banyu impande zose, muca muba mu mahoro.
12 When you saw Ammon's king Nahash coming against you, you told me, "No, a king must rule us"—though our Father was your king. Ariko mubonye Nahashi umwami w’Abamoni aje kubatera, muraza mumbwira muti: ‘Tugomba umwami wo kutuganza,’ kandi Uhoraho Imana yanyu yari asanzwe ari umwami wanyu.
13 Now here is the king you chose and asked for. Look, our Father set a king over you. None rero ng’uwu umwami mwahisemwo, uwo mwasavye; raba Uhoraho yabahaye umwami wo kubaganza.
14 If you fear our Father, serve and obey him, and don't rebel against his command, and you and your king both follow our Father, all will be well. Nimwubaha Uhoraho, mukamukorera, mukamwumvira ntimugararize amabwirizwa yiwe; mwebwe n’umwami abatwara nimwakurikira Uhoraho Imana yanyu bizoba ari vyiza.
15 But if you disobey our Father and rebel against his command, our Father's hand will oppose you, as it did your ancestors. Ariko nimutubaha Uhoraho, mukagarariza amabwirizwa yiwe, ukuboko kwiwe kuzobahanamira, nk’uko kwahanamiye ba sogokuruza banyu.
16 Now stand still and see this great thing our Father is about to do before your eyes. Ubu rero, nimuhagarare mushikamye, murabe ikintu gihambaye Uhoraho agira akorere imbere y’amaso yanyu!
17 Isn't it wheat harvest today? I'll call our Father—he'll send thunder and rain, so you'll know how great the evil of your asking a king for yourselves was in our Father's sight. Mbega ubu si mw’iyimbura ry’ingano? Murazi ko ata mvura isanzwe igwa. Ngira nambaze Uhoraho na we ararekura imituragaro n’imvura. Hanyuma muratahura ikibi mwakoze imbere y’inyonga z’Uhoraho mu kwubahuka kumusaba umwami.”
18 Samuel called out to our Father; that day he sent thunder and rain, and all the people deeply feared our Father and Samuel. Nuko Samweli yambaza Uhoraho. Kuri uwo musi nyene Uhoraho arungika imituragaro n’imvura, bituma abantu bose bafatwa n’ubwoba bwinshi, batinya Uhoraho na Samweli.
19 All the people said to Samuel, "Pray to your Father for your servants, so we won't die: we've added evil to all our sins by asking for a king." Abantu bose babwira Samweli bati: “Dusabire k’Uhoraho Imana yawe twebwe abasavyi bawe kugira ngo ntidupfe, kuko kuri vya vyaha vyacu vyose, twongeyeko ikindi kibi co gusaba umwami.”
20 Samuel told the people, "Don't be afraid. You've done all this evil - yet don't turn from following our Father; serve him with all your heart. Samweli arabishura ati: “Ntimutinye. Egome mwarakoze ivyo bibi vyose, ariko ntimusubire gutera ibitugu Uhoraho, ariko mumukorere n’imitima yanyu yose.
21 Do not turn to empty idols—no help, no rescue, for they are empty. Ntimusubire guhindukirira ibigirwamana bitagira ikimazi. Ntibishobora kubakorera iciza na kimwe, canke ngo bibakize, kuko bitagira ikimazi.
22 For our Father will not abandon his people, for his great name's sake. He chose to make you his own people. Ku bw’icubahiro c’izina ryiwe rihambaye, Uhoraho ntazota abantu biwe, kuko Uhoraho vyamuhimbaye kubagira ihanga yiharije.
23 I too could never sin against our Father by stopping prayers for you; I will teach you the good and right way. Kandi jewe, ntibikambeko ko nocumura k’Uhoraho mu kureka kubasengera. Nzoshishikara kubigisha ivyiza n’ibigororotse.
24 Only fear our Father, serve him faithfully with all your heart, consider his great deeds for you. Ariko muze mwubahe Uhoraho, mumukorere mu bwizigirwa n’imitima yanyu yose, mwibuke ibihambaye vyose yabakoreye.
25 But if you persist in doing evil, both you and your king will be swept away." Ariko nimwashishikara gukora ibibi, mwebwe n’umwami wanyu muzohona mwese.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]