Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Saul was thirty years old when he became king, and he reigned over Israel forty-two years. Sawuli yari amaze imyaka mirongo itatu igihe yaba umwami, hanyuma aganza Abisirayeli imyaka mirongo ine n’ibiri.
2 Saul chose 3,000 of Israel: 2,000 with him at Michmash and the hill country of Bethel, 1,000 with Jonathan at Gibeah of Benjamin. The rest he sent home, each to his tent. Sawuli atoranya abasoda ibihumbi bitatu mu Bisirayeli; abasigaye abarungika iwabo. Muri abo yahisemwo, atoramwo ibihumbi bibiri bajana na we i Mikimashi, mu ntara y’imisozi ya Beteli, abandi igihumbi bajana n’umuhungu wiwe Yonatani i Gibeya mu ntara ya Benyamini. Abasigaye bose abarungika iwabo.
3 Jonathan struck down the Philistine garrison at Geba, and the Philistines heard. Then Saul blew the trumpet through the land: "Let the Hebrews hear!" Umusi umwe, Yonatani atera ikirindiro c’Abafilisitiya cari i Geba aragitsinda, maze Abafilisitiya bose baravyumva. Nuko Sawuli asaba ko bavuza inzamba mu gihugu cose, avuga ati: “Nimubimenyeshe Abaheburayo bose!”
4 All Israel heard Saul had struck down the Philistine garrison, and that Israel had become a stench to the Philistines. So the people rallied to Saul at Gilgal. Nuko Abisirayeli bose bumva iyo nkuru ngo: “Sawuli yateye ikirindiro c’Abafilisitiya aragisambura, none Abafilisitiya banka Abisirayeli urwanko rukomeye.” Nuko abasoda bose barahamagarana basanga Sawuli i Gilugali.
5 The Philistines assembled to fight Israel—3,000 chariots, 6,000 horsemen, and troops as countless as the sand on the seashore. They came up and camped at Michmash, east of Beth-aven. Abafilisitiya na bo bakoranira hamwe ngo batere Abisirayeli, bafise imikogote ibihumbi bitatu n’abagendera ku mikogote ibihumbi bitandatu, n’abasoda bangana n’umusenyi wo ku kiyaga. Nuko baraduga bacumbika i Mikimashi, mu buseruko bwa Beti-Aveni.
6 When Israel's men saw they were in trouble—the people were hard pressed—they hid in caves, thickets, rocks, pits, and cisterns. Abisirayeli babonye ko bibakomeranye, kuko bari bazigirijwe, baja kwinyegeza mu masenga, mu myobo, mu bitandara, no mu binogo vyimbiwe kubika amazi.
7 Some Hebrews even crossed the Jordan to Gad and Gilead. But Saul stayed at Gilgal, and all the people followed him trembling. Bamwe mu Baheburayo barahunga bajabuka Yorodani baja mu ntara ya Gadi na Gileyadi. Sawuli aguma i Gilugali, kandi abasoda bose bari kumwe na we bariko barajugumira kubera ubwoba.
8 He waited seven days, the time Samuel set; but Samuel did not come to Gilgal, and the people scattered from him. Nuko Sawuli arindira Samweli imisi indwi, nk’uko Samweli yari yamubwiye; ariko Samweli ntiyaza i Gilugali; maze abasoda batangura guta Sawuli barashwiragira.
9 Saul said, "Bring me the burnt offering and the peace offerings." And he offered up the burnt offering. Sawuli aravuga ati: “Nimunzanire ca kimazi co gutongozwa umuriro na vya bimazi vy’ishimwe.” Nuko Sawuli atanga ca kimazi co gutongozwa umuriro.
10 As he finished the burnt offering, Samuel came, and Saul went out to meet and greet him. Agiheza kugitanga, Samweli aca arashika, maze Sawuli asohoka kumusanganira.
11 "What have you done?" Samuel asked. Saul replied, "I saw the people scattering from me, you did not come at the set time, and the Philistines were gathering at Michmash, Samweli aramubaza ati: “Ibi wakoze ni ibiki?” Sawuli arishura ati: “Nabonye abantu bariko barashwiragira, nawe mbona ntiwubahirije isango, kandi Abafilisitiya bariko bariyegeraniriza i Mikimashi,
12 I thought, 'The Philistines will come against me at Gilgal, and I haven't sought our Father's favor.' So I forced myself and offered the burnt offering." nca ndibaza nti: ‘Abafilisitiya bahava bamanuka kuntera i Gilugali, basange ntarambaza Uhoraho ngo antabare.’ Nuko nca numva notanga jewe nyene ikimazi co gutongozwa umuriro.”
13 "You acted foolishly," Samuel told Saul. "You didn't keep the command your Father gave you. Had you kept it, our Father would have set your kingdom over Israel forever. Samweli aramubwira ati: “Wakoze ivy’ubupfu. Kuko ntiwumviye ibwirizwa Uhoraho Imana yaguhaye; iyo uryumvira yotumye ingoma yawe ihoraho ibihe vyose mu Bisirayeli.
14 But now your kingdom will not last. Our Father has sought for himself a man after his own heart and appointed him ruler over his people, because you did not keep what he commanded you." Ariko noneho ubwami bwawe ntibuzoramba; Uhoraho yamaze kwironkera umuntu ameze nk’uko umutima wiwe ugomba ngo amwimike abe umurongozi w’abantu biwe, kuko utumviye ico Uhoraho yagutegetse.”
15 Samuel left Gilgal and went up to Gibeah in Benjamin. Saul counted the people with him—about 600 men. Nuko Samweli ava i Gilugali aduga i Gibeya mu ntara ya Benyamini. Sawuli aharura abasoda bari bakiri kumwe na we, asanga ni hafi amajana atandatu.
16 Saul, his son Jonathan, and the people with them stayed at Geba in Benjamin; the Philistines camped at Michmash. Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani hamwe n’abasoda bari kumwe na bo bacumbika i Gibeya mu ntara ya Benyamini, mu gihe Abafilisitiya bari bacumbitse i Mikimashi.
17 Raiders left the Philistine camp in three companies. One turned toward Ophrah, in the land of Shual; Umusi umwe, umugwi w’abasoda b’Abafilisitiya b’abahinga mu kugwana urasohoka uva aho ingabo zabo zicumbitse, bigabura mu mice itatu. Umuce umwe ugenda utumbereye i Ofura mu karere ka Shuwali,
18 another turned toward Beth-horon; the third toward the border overlooking the Valley of Zeboim, toward the wilderness. uwundi uja i Beti-Horoni, uwa gatatu ugenda werekeye ku rubibe, haruguru y’ikiyaya c’i Zeboyime aharabana n’ubugaragwa.
19 No blacksmith could be found in all Israel, because the Philistines had said, "Otherwise the Hebrews will make swords or spears." Muri ico gihe nta mucuzi yaboneka mu gihugu ca Isirayeli, kuko Abafilisitiya bavuga bati: “Abaheburayo bohava bacura inkota canke amacumu!”
20 So all Israel went down to the Philistines to sharpen their plowshares, picks, axes, and sickles. Ni co gituma Abisirayeli bose iyo bakeneye gukarisha isuka inka zirimisha, isuka isanzwe, incabiti canke umuhoro, babijana ku bacuzi b’Abafilisitiya.
21 The charge was about a quarter ounce of silver for sharpening plowshares, picks, and forks, and about an eighth of an ounce for sharpening axes and for resharpening the goads. Igiciro cari bibiri vya bitatu vya shekeli kugira ngo bakarishe isuka inka zirimisha, isuka isanzwe; n’ica gatatu ca shekeli kugira ngo bakarishe incabiti, umuhoro, canke kugira ngo basongore ikimito.
22 On the day of battle no sword or spear was found among all the people with Saul and Jonathan; only Saul and his son Jonathan had them. Nuko ku musi w’intambara nta musoda n’umwe mu bari kumwe na Sawuli canke Yonatani yari afise inkota canke icumu mu minwe. Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani bonyene ni bo bari babifise.
23 A detachment of the Philistines went out to the pass at Michmash. Hanyuma umuce umwe w’Abafilisitiya uja gutegera ku nzira ica i Mikimashi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]