Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Nahash the Ammonite went up and camped against Jabesh-gilead. All the men of Jabesh said to Nahash, "Make a treaty with us, and we'll serve you." Inyuma y’ivyo, umwami w’Abamoni Nahashi araduga atera igisagara ca Isirayeli citwa Yabeshi Gileyadi. Abantu b’i Yabeshi baramwinginga bati: “Turagusavye tugiriranire amasezerano, utureke tube abasavyi bawe.”
2 Nahash the Ammonite answered, "I will make this treaty with you: I gouge out everyone's right eye, and bring disgrace on all Israel." Ariko Nahashi umwami w’Abamoni abishura ati: “Ndemera ko tugiriranira amasezerano, ariko mbanza kunogora umuntu wese wo muri mwebwe ijisho ry’i buryo kugira ngo Abisirayeli bose babe ibimaramare.”
3 Jabesh's elders told him, "Give us seven days to send messengers through all Israel's territory. If no one saves us, we will surrender to you." Abakuru b’i Yabeshi baramubwira bati: “Turindire imisi indwi tubanze turungike intumwa mu Bisirayeli bose; nihataboneka n’umwe wo kudutabara, tuzoca tukwishikanira udukoze ico ugomba.”
4 The messengers reached Gibeah of Saul, told the people what happened, and all of them wept aloud. Nuko intumwa zija i Gibeya, igisagara Sawuli yabamwo, zibwira abantu ayo majambo y’umwami w’Abamoni; maze bose baca baraturikisha bararira n’ijwi rirenga.
5 Just then Saul came in from the field, behind his oxen. He asked, "What is wrong with the people? Why are they weeping?" So they told him the news of the men of Jabesh. Sawuli na we yariko arava mu mirima, ashoreye inka ziwe zirima. Arabaza ati: “Habaye iki? Ni kubera iki abantu bose bariko bararira?” Baca bamusubiriramwo ivyo abo bantu b’i Yabeshi bababwiye.
6 When Saul heard these words, the Spirit of our Father rushed upon him; his anger burned fiercely. Sawuli yumvise ayo majambo, Mpwemu w’Imana amuzako mu nkomezi nyinshi, aca arashavura cane.
7 He took a yoke of oxen, cut them in pieces, and sent them through all Israel's territory by messengers: "This will be done to the oxen of anyone who does not come out after Saul and Samuel." Then dread of our Father fell on the people, and they came out as one man. Afata inka zirima zibiri, azicagaguramwo ibihimba, abirungikana intumwa mu gihugu cose ca Isirayeli, n’ubutumwa buvuga ngo: “Uku ni ko inka z’umuntu wese atazokurikira Sawuli na Samweli mu ntambara zizohimbagurwa.” Nuko ubwoba buvuye k’Uhoraho bufata abantu, baca bakoranira hamwe nk’umuntu umwe.
8 He counted them at Bezek: 300,000 Israelites, 30,000 men of Judah. Igihe Sawuli yabegeraniriza hamwe i Bezeki, abagabo b’Abisirayeli bari ibihumbi amajana atatu, abagabo b’i Buyuda na bo bari ibihumbi mirongo itatu.
9 They told the messengers who came, "Say to the men of Jabesh-gilead: Tomorrow, by the time the sun is hot, you will be rescued." The messengers went and told the men of Jabesh, and they were glad. Babwira za ntumwa zari zaje ziva i Yabeshi bati: “Mubwire abantu b’i Yabeshi Gileyadi muti: ‘Ejo mu gihe c’amashoka, muzotabarwa.’ ” Za ntumwa ziragenda zimenyesha abantu b’i Yabeshi iyo nkuru, na bo baranezerwa cane.
10 The men of Jabesh said, "Tomorrow we will surrender to you; do to us whatever you like." Baca babwira Abamoni bati: “Ejo tuzokwishikana mu maboko yanyu, namwe muze mudukoze ico mugomba cose.”
11 Next day Saul split the people into three companies. At the morning watch they entered the camp and struck down the Ammonites until the day's heat; the survivors scattered so that no two remained together. Bukeye Sawuli agabura abantu biwe mu mice itatu; maze hakiri mw’ijoro, ariko bugiye guca, bashika giturumbuka aho Abamoni bacumbitse babamarisha inkota igitondo cose kugeza mu gihe c’amashoka. Abacitse kw’icumu barasanzara, kugeza aho ata bantu babiri bashoboye guhunga bari kumwe.
12 The people said to Samuel, "Who asked, 'Will Saul reign over us?' Hand over those men—we will kill them." Maze abantu baca babwira Samweli bati: “Ni ba nde bavuze ngo: ‘Aho Sawuli arakwiye kutuganza?’ Batuzanire tubice!”
13 But Saul said, "No one will be killed today, for today our Father has brought salvation to Israel." Ariko Sawuli aravuga ati: “Nta muntu n’umwe yicwa kuri uno musi, kuko ari umusi Uhoraho yatabaye Abisirayeli.”
14 Samuel said to the people, "Come, let's go to Gilgal and renew the reign there." Nuko Samweli abwira abantu ati: “Nimuze tuje i Gilugali dusubire gukomeza ivy’ubwami.”
15 All the people went to Gilgal and made Saul king there before our Father. There they sacrificed peace offerings before our Father, and Saul and all the men of Israel rejoiced greatly. Nuko abantu bose baja i Gilugali, bemeza Sawuli ko ari umwami imbere y’Uhoraho. Baca batangira aho nyene imbere y’Uhoraho ibimazi vy’ishimwe, maze Sawuli n’Abisirayeli bose bagira umusi mukuru ukomeye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]