Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Samuel took the flask of oil, poured it on Saul's head, kissed him, and said, "Hasn't our Father anointed you ruler over his inheritance? Nuko Samweli yugurura agacupa karimwo amavuta ya elayo, ayasuka ku mutwe wa Sawuli aca aramusoma, avuga ati: “Uhoraho akurobanuje amavuta ngo ube umurongozi w’ubwoko bwiwe.
2 When you leave me today, you'll meet two men by Rachel's tomb in Zelzah, in Benjamin's territory. They'll say: 'The donkeys you sought are found; your father no longer worries about them, now he worries about you, asking, "What should I do about my son?"' Uno musi nyene, tumaze gutandukana, uraza guhura n’abagabo babiri hafi y’imva ya Rasheli, iri i Zeluza ku rubibe rw’intara ya Benyamini. Na bo baraja kukubwira bati: ‘Za ndogoba mwari mwagiye kurondera zaratowe. Ubu so ntagihagaritswe umutima na zo, ahubwo ahagaritswe umutima na mwebwe. Aguma abaza ico yokora kugira ngo atore umuhungu wiwe.’
3 From there, go on to the oak of Tabor, where three men going up to our Father at Bethel meet you—one with three young goats, one with three loaves, one with a skin of wine. Hanyuma uvuye ngaho ukabandanya uzoshikira igiti kinini kiri i Tabori. Uzohura n’abagabo batatu bazoba bariko baraduga i Beteli gusenga Imana. Umwe azoba afise imyagazi y’impene itatu, uwundi imikate itatu, uwundi umukuza ukozwe mu rusato urimwo umuvinyu.
4 They will greet you and give you two loaves of bread, which you accept from them. Bazokuramutsa baguhe imikate ibiri, kandi uze uyakire.
5 Then you'll come to Gibeah of our Father, where a Philistine garrison is; entering the town, you'll meet a band of prophets coming down from the high place with harp, tambourine, flute, and lyre before them, prophesying. Hanyuma uzoshika i Gibeya hitwa ah’Imana, ahari ikambi y’Abafilisitiya. Uri hafi gushika mu gisagara, uzohura n’umugwi w’abavugishwa bavuye ku musozi ahari ikibanza co gusengeramwo, bazoba bafise inanga, udushako tw’ingoma, imyironge n’amakembe, kandi abari imbere yabo bazoba bagenda barabivuza, bongera baravugishwa.
6 The Spirit of our Father will rush on you; you'll prophesy with them and become another man. Mpwemu w’Uhoraho azoca akuzako mu bushobozi, nawe uvugishwe hamwe na bo; kandi uzoca uhinduka ube uwundi muntu.
7 When these signs come to you, do what your hand finds, for our Father is with you. Ivyo bimenyetso vyose nivyashika, uzoce ukora ikintu cose amaboko yawe ashobora gukora, kuko Imana izoba iri kumwe nawe.
8 Go down ahead of me to Gilgal. I will surely come down to you to offer burnt offerings and sacrifice peace offerings. Wait seven days until I come to you and tell you what to do." Kandi uze unyitangire imbere kuja i Gilugali. Nanje nzogusangayo nje gutanga ibimazi biturirwa n’umuriro hamwe n’ivy’ishimwe, ariko uze urindire imisi indwi gushika aho nzozira kugira ngo ndakubwire ibindi ukwiye gukora.”
9 When Saul turned from Samuel, our Father changed his heart, and all these signs happened that day. Sawuli ahindukiye ngo atandukane na Samweli, Imana ihindura umutima wiwe, kandi ivyo bimenyetso vyose bishika kuri uwo musi nyene.
10 At Gibeah a band of prophets met him, our Father's Spirit rushed on him, and he prophesied among them. Sawuli na wa mukozi wiwe bashitse i Gibeya, bahura n’umugwi w’abavugishwa; Mpwemu w’Imana amuzako mu nkomezi, na we atangura kuvugishwa hamwe na bo.
11 Everyone who knew him before saw him prophesying with the prophets, and people asked each other, "What happened to Kish's son? Is Saul also among the prophets?" Abari basanzwe bamuzi bamubonye avugishwa hamwe na ba bavugishwa, barabazanya bati: “Mbega ibi ni ibiki vyabaye kuri mwene Kishi? Mbega burya Sawuli na we yari asanzwe ari mu mugwi w’abavugishwa n’Imana?”
12 Someone there asked, "Who's their father?" So it became a saying: "Is Saul also among the prophets?" Umwe mu bari ngaho aca arabishura avuga ati: “Mbega abandi bo, ba se ni ba nde?” Ni ho havuye uwu mugani ngo: “Mbega burya na Sawuli nyene arimwo mu bavugishwa?”
13 When he had finished prophesying, he went up to the high place. Sawuli ahejeje kuvugishwa, aca aduga kuri wa musozi wo gusengerako.
14 Saul's uncle asked him and his servant, "Where did you go?" "To seek the donkeys," he said. "Seeing they weren't there, we came to Samuel." Maze sewabo wa Sawuli abaza Sawuli na wa mukozi wiwe ati: “Mwahora he?” Sawuli amwishura ati: “Twari twagiye kurondera za ndogoba, ariko tubonye ko tudashoboye kuzibona, twaciye tuja kwa Samweli kumusiguza.”
15 Saul's uncle said, "Please tell me what Samuel said to you." Sewabo aca aramubwira ati: “Mbwira rero ivyo Samweli yakubariye.”
16 Saul told his uncle, "He assured us the donkeys were found." But Saul didn't tell his uncle what Samuel said about the reign. Sawuli yishura sewabo ati: “Yaratumenyesheje ko indogoba zatowe.” Ariko ntiyabwira sewabo ivyo Samweli yavuze bijanye no kuba umwami.
17 Then Samuel summoned the people to our Father at Mizpah, Nuko Samweli ahamagaza Abisirayeli bose ngo bakoranire imbere y’Uhoraho i Misipa
18 he told the Israelites, "This is what our Father of Israel says: 'I brought Israel up from Egypt and rescued you from the Egyptians and all the kingdoms oppressing you.' hanyuma arababwira ati: “Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Abisirayeli nabazanye ndabakuye mu gihugu ca Egiputa, ndabakura mu bubasha bw’Abanyegiputa n’ubw’abandi bami babacinyiza.’
19 But today you've rejected your Father, who himself saves you from all your troubles and distress, and told him, 'No—put a king over us.' Now present yourselves before our Father by tribe and clan." Ariko mwateye ibitugu Imana yanyu, kandi ari yo ibakiza ivyago n’ibiza vyose. Hanyuma mwavuze muti: ‘Oya, duhe umwami wo kutuganza.’ Nuko rero nimuze muhagarare imbere y’Uhoraho uko imiryango n’amazu ya ba sogokuruza banyu biri.”
20 When Samuel brought all the tribes of Israel forward, Benjamin's tribe was chosen by lot. Maze Samweli amaze kwegeranya imiryango yose y’Abisirayeli, umuryango wa Benyamini aba ari wo werekanwa n’ubupfindo.
21 He brought Benjamin's tribe forward by clan; the Matrite clan was chosen, then Saul son of Kish was chosen. They looked for him, but couldn't find him. Nuko azana umuryango wa Benyamini uko amazu ya ba sekuruza ari, inzu ya Matirite aba ari yo yerekanwa. Mu nyuma Sawuli mwene Kishi aba ari we yerekanwa. Ariko bamurondeye, ntiyaboneka.
22 So they asked our Father again, "Has the man come here yet?" And our Father said, "He's hidden among the baggage." Nuko basiguza Uhoraho bati: “Mbega uwo muntu yoba araza hano?” Uhoraho aravuga ati: “Egome, yinyegeje mu mizigo.”
23 They ran and took him from there. Standing among the people, he was taller than everyone, from the shoulders up. Nuko baragenda bamukurayo, kandi ahagaze mu bantu akabaruta mu burebure bose.
24 Samuel said to all the people, "See whom our Father chose? None is like him among all the people." All the people shouted, "Long live the king!" Samweli abwira abantu ati: “Murabona umuntu Uhoraho yatoranije? Nta n’umwe ameze nka we mu bantu bose.” Nuko abantu bose biha akamo bati: “Umwami arakaramba!”
25 Samuel told the people the monarchy's rules, wrote them on a scroll, set it before our Father. Then Samuel sent all the people away, each to his own home. Samweli asigurira abantu ivyo umwami asabwa gukora n’ivyo akorerwa, aca avyandika mu gitabu agishira imbere y’Uhoraho. Nuko Samweli arungika abantu, umwe wese ataha iwe.
26 Saul too went home to Gibeah, and with him went warriors whose hearts our Father had touched. Na Sawuli ataha iwe i Gibeya, aherekejwe n’abahizi Imana yakoze ku mitima.
27 But some worthless men said, "How can this man save us?" They despised him, brought him no gift. But Saul said nothing. Ariko abantu b’imburakimazi baravuga bati: “Uwu mugabo yodukiza gute?” Baramukengera ntibamuzanira amashikanwa. Ariko Sawuli arinumira.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]