Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Corinthians 13 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Urukundo ruruta vyose

1Naho novuga indimi z’abantu n’iz’abamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana. 2Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa. 3Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.

4Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. 5Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. 6Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. 7Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.

8Urukundo ntiruzigera rurangira. Kuvugishwa n’Imana, kuvuga mu ndimi zitamenyekana, n’ubwenge budasanzwe bizohera. 9Ubwenge dufise ubu ni agace gatoya, kandi n’ukuvugishwa n’Imana kwacu ni agace gatoya. 10Ariko igihe kizogera aho vyose bizokwuzuzwa, maze ivy’ibice bikurweho. 11Nkiri umwana navuga nk’umwana nkiyumvira nk’umwana. Ariko maze gukura niyambuye ivy’ubwana vyose. 12Ivyo tubona ubu ni nk’ishusho yo mu cirore, ariko hazogera igihe tuzobona vyose neza amaso mu yandi. Ubu tuzi agace, ariko hari igihe tuzomenya vyose, nk’uko Imana ituzi neza.

13None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]