Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 At the turn of the year, when kings march to war, Joab led the army out and devastated the Ammonites' land, then came and besieged Rabbah, while David stayed in Jerusalem. Joab struck Rabbah and tore it down. Mu gihe imvura yaba itanguye kugabanuka hakaza ici, ni ho abami bahora baja mu ntambara. Yowabu arongora ingabo, aja gutera igihugu c’Abamoni arakinesha; ariko Dawidi yigumira i Yerusalemu. Yowabu yugariza igisagara c’i Raba arakinesha, agihindura umusaka.
2 David took the crown from the head of their king. It weighed about seventy-five pounds of gold and was set with a precious stone, and it was placed on David's head. He also carried off a great amount of plunder from the city. Dawidi amaze gushika afata urugori rw’ubwami rwari ku mutwe w’umwami waho, asanga rupima italanto imwe y’inzahabu, kandi rwari rusharijwe n’utubuye tw’agaciro, baca barwambika Dawidi. Atwara iminyago myinshi akuye muri ico gisagara,
3 He brought out its people and put them to work with saws, iron picks, and axes. David did the same to all the Ammonite cities. Then David and his whole army returned to Jerusalem. atwara n’abantu bo muri ico gisagara, abashingira ibikebere, bamwe baba abasatura imbaho, abandi bagakoresha amasipiri n’incabiti. Dawidi abigenza atyo mu bisagara vyose vy’Abamoni. Hanyuma Dawidi n’ingabo zose basubira i Yerusalemu.
4 After this, war broke out with the Philistines at Gezer. At that time Sibbecai the Hushathite killed Sippai, one of Rapha's descendants, and the Philistines were subdued. Hanyuma y’ivyo, havyuka intambara hagati y’Abisirayeli n’Abafilisitiya, ibera ahitwa Gezeri. Muri ico gihe Sibekayi Umuhushati yica Sipayi, umwe mu bakomoka ku Barefayimu, kandi Abafilisitiya baraneshwa.
5 War broke out again with the Philistines. Elhanan son of Jair killed Lahmi, brother of Goliath the Gittite, whose spear shaft was as thick as a heavy wooden beam. Mu yindi ntambara bagwana n’Abafilisitiya, Eluhanani mwene Yayiro yica Lahimi umuvukanyi wa Goliyati w’i Gati, uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’umuhini.
6 Once more war broke out at Gath, where there was a huge man, six fingers on each hand and six toes on each foot, twenty-four in all—also born to Rapha. Kandi mu yindi ntambara yabereye i Gati, hari umugabo munini cane yari afise intoke zitandatu ku kiganza cose n’amano atandatu ku kirenge cose; vyose hamwe vyari mirongo ibiri na bine. Na we nyene yakomoka kuri Rafa.
7 When he taunted Israel, Jonathan son of Shimea, David's brother, struck him down. Atanguye gucokora Abisirayeli, Yonatani mwene Shimeya, yavukana na Dawidi, aramwica.
8 These were born to Rapha in Gath, and fell by the hand of David and his servants. Abo bari abakomoka kuri Rafa w’i Gati, kandi bishwe na Dawidi n’abantu biwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]