Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Some time later, Nahash king of the Ammonites died, and his son became king in his place. Hanyuma y’ivyo, Nahashi umwami w’Abamoni arapfa, maze umuhungu wiwe amusubirira ku ngoma.
2 David said, "I'll show kindness to Hanun son of Nahash, since his father showed kindness to me." So David sent messengers to comfort him over his father. But when David's servants came to the land of the Ammonites, to Hanun, to comfort him, Dawidi ariyumvira ati: “Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, kuko se yangiriye neza.” Nuko Dawidi atuma intumwa ngo zije kugarukira kuri Hanuni kuko yari yabuze se. Ba bantu ba Dawidi bashitse kwa Hanuni mu gihugu c’Abamoni kumwirura,
3 Ammon's commanders told Hanun, "Does David really honor your father by sending you comforters? Haven't his servants come to you to search out, overthrow, and spy on the land?" abaganwa b’Abamoni babwira Hanuni bati: “Wibaza ko Dawidi yubashe so mu kukurungikira abantu ngo bakugarukireko? Abantu biwe ubwo ntibazanywe no kugenzura igihugu no kuraba ingene kimeze ngo baze bagitere?”
4 Hanun seized David's servants, shaved them, cut their garments in half at the hips, sent them away. Nuko Hanuni afata ba bantu ba Dawidi, abamwa umushatsi, asatura impuzu zabo uhereye aho itako ritangurira, aca arabarungika.
5 When they told David about the men, he sent messengers to meet them, since they were badly ashamed. The king said, "Stay in Jericho till your beards grow, then return." Haza abantu babwira Dawidi ivyashikiye abo bagabo, aca arungika intumwa ngo zihure na bo, kuko bari buzuye ibiteterwe. Umwami abatumako ati: “Nimugume i Yeriko gushika aho ubwanwa bwanyu buzokurira, hanyuma muze mubone kugaruka.”
6 When the Ammonites saw they'd become a stench to David, Hanun and the Ammonites sent about thirty-eight tons of silver to hire chariots and horsemen from Aram-naharaim, Aram-maacah, and Zobah. Abamoni babonye ko bakoze ikintu giteye isoni imbere ya Dawidi, Hanuni n’Abamoni baca barungika italanto igihumbi z’ifeza i Aramu-Naharayimu, Aramu-Mayaka n’i Zoba kugira ngo babahe imikogote n’abayikoresha mu ntambara.
7 They hired 32,000 chariots, plus the king of Maacah and his troops, who came and camped opposite Medeba. The Ammonites gathered from their cities and came out to fight. Bakotesha ibihumbi mirongo itatu na bibiri vy’imikogote n’abayigwanisha, hamwe n’umwami w’i Mayaka n’ingabo ziwe, baraza bacumbika hafi y’i Medeba, Abamoni na bo bariko barasohoka mu bisagara vyabo baja gutonda urugamba.
8 When David heard of it, he sent Joab and the whole army of fighting men. Dawidi avyumvise, aca arungika Yowabu n’ingabo zose zizi kugwana.
9 The Ammonites marched out and lined up for battle at the city's entrance, while the kings who had come stood alone in the field. Abamoni baragenda batonda urugamba kw’irembo ry’igisagara, abami bari baje na bo bari ku musozi inyuma y’igisagara.
10 Joab saw the battle was set against him, front and rear, so he chose Israel's best troops and lined them up against the Arameans. Yowabu abona ko urugamba rumuturutse imbere n’inyuma; aca atoranya bamwe mu ngabo z’indobanurwa mu Bisirayeli abarungika ngo bagwanye Abarameya.
11 He put the rest of the troops under his brother Abishai, and they lined up against the Ammonites. Abasigaye abazeza murumunawe Abishayi ngo abatware, aca abatuma kugwanya Abamoni.
12 Joab said, "If Aram overpowers me, rescue me; if Ammon overpowers you, I'll rescue you. Yowabu amubwira ati: “Abarameya nibandusha inkomezi, uce uza kuntabara; ariko Abamoni nibakurusha inkomezi, ndagutabara.
13 Be strong; let us fight courageously for our people and our Father's cities, and may our Father do what is good in his eyes." Nureme kandi tugwane rugabo, tugwanire ihanga ryacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Uhoraho ari bukore ivyo abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe.”
14 Then Joab and the troops with him advanced to fight the Arameans, and they fled before him. Maze Yowabu n’ingabo bari kumwe baragenda ngo bagwane n’Abarameya, na bo barabahunga.
15 Seeing Aram had fled, the Ammonites also fled before Abishai his brother and came into the city. Joab then came to Jerusalem. Abamoni babonye ko Abarameya bariko barahunga, na bo nyene baca bahunga murumunawe Abishayi binjira mu gisagara. Maze Yowabu aca yisubirira i Yerusalemu.
16 When the Arameans saw that Israel had defeated them, they sent messengers and brought out the Arameans from beyond the Euphrates, with Shophach, commander of Hadadezer's army, at their head. Abarameya babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, batumako abandi Barameya bo hakurya y’uruzi Efurate, barongowe na Shofaki umukuru w’ingabo za Hadadezeri.
17 David was told; he gathered all Israel, crossed the Jordan, came against them, and lined up for battle. David lined up for battle against the Arameans, and they fought him. Dawidi avyumvise, akoranya Abisirayeli bose bajabuka Yorodani; batonda urugamba ngo babagwanye. Dawidi atondesha ingabo ngo zihangane n’Abarameya, na bo baraza bagwana na we.
18 The Arameans fled before Israel. David killed 7,000 of their charioteers and 40,000 foot soldiers, then killed Shophach, commander of their army. Ariko Abarameya bahunga Abisirayeli, kandi Dawidi yica ibihumbi indwi mu bagwanira ku mikogote n’ibihumbi mirongo ine vy’abagwanira ku maguru. Yica na Shofaki umukuru w’ingabo zabo.
19 When Hadadezer's servants saw Israel had defeated them, they made peace with David and served him. Aram was no longer willing to help the Ammonites. Abari barongowe na Hadadezeri babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, baca bisaba Dawidi bemera kuba abagurano biwe. Maze Abarameya ntibasubira kwiyumvira gutabara Abamoni.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]