Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 12 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 These are the men who came to David at Ziklag while he was still banned from Saul son of Kish's presence—mighty warriors who helped him in battle. Aba ni bo bagiye kwifatanya na Dawidi ari i Zikulagi, igihe yari yahunze Sawuli mwene Kishi: ni bo bamufashije urugamba;
2 Armed with bows, able to sling stones or shoot arrows with right hand or left—Benjaminites, Saul's relatives. bari bafise imiheto kandi bari bazi kurasa imyampi canke guteresha amabuye umugozi bakoresheje ukuryo canke ukubamfu; bari Ababenyamini bo mu muryango wa Sawuli:
3 Ahiezer the chief, then Joash, sons of Shemaah of Gibeah; Jeziel and Pelet, sons of Azmaveth; Beracah; Jehu of Anathoth; Ahiyezeri umukuru wabo na Yowashi bene Shemaya Umunyagibeya; Yaziyeli na Peleti bene Azumaveti; Beraka, Yehu Umwanatoti,
4 Ishmaiah of Gibeon, a mighty warrior among the thirty, commander over the thirty; Jeremiah, Jahaziel, Johanan, Jozabad of Gederah; na Ishimaya Umunyagibeyoni, umugabo w’inkomezi yari muri bamwe murongo itatu, akaba n’umukuru wabo; Yeremiya, Yahaziyeli, Yohanani, Yozabadi w’i Gedera,
5 Eluzai, Jerimoth, Bealiah, Shemariah, and Shephatiah the Haruphite; Eluzayi, Yerimoti, Beyaliya, Shemariya na Shefatiya Umuharufi;
6 Elkanah, Isshiah, Azarel, Joezer, and Jashobeam, the Korahites; Elukana, Isishiya, Azareli, Yowezeri na Yashobeyamu Abakorahi;
7 and Joelah and Zebadiah, the sons of Jeroham of Gedor. na Yowela na Zebadiya bene Yerohamu w’i Gedori.
8 Some Gadites defected to David at the wilderness stronghold—mighty warriors trained for battle, skilled with shield and spear, faces like lions, swift as gazelles on the mountains. Bamwe mu bakomoka kuri Gadi bava kuri Sawuli baja kwifatanya na Dawidi aho yari yinyegeje mu bugaragwa. Bari abahizi b’inkomezi, biteguriye kugwana kandi bazi gukoresha inkinzo n’icumu. Mu maso habo hari hateye ubwoba nk’ah’intambwe, kandi banyaruka nk’ingeregere iyo ziruka ku misozi.
9 Ezer was the chief, Obadiah second, Eliab third, Ezeri ni we yari umukuru wabo, Obadiya akaba icegera ciwe, Eliyabu akaba uwa gatatu,
10 Mishmannah fourth, Jeremiah fifth, Mishumana uwa kane, Yeremiya uwa gatanu,
11 Attai sixth, Eliel seventh, Atayi uwa gatandatu, Eliyeli uw’indwi,
12 Johanan eighth, Elzabad ninth, Yohanani uw’umunani, Elizabadi uw’icenda,
13 Jeremiah tenth, Machbannai eleventh. Yeremiya uw’icumi, Makubanayi na we uw’icumi na rimwe.
14 These Gadites were army commanders; the least matched 100, and the greatest 1,000. Abo Bagadi bari abakuru b’ingabo; uwa nyuma mu nkomezi yashobora kugwana n’abantu ijana, umunyenkomezi kurusha abandi na we yashobora kugwana n’abantu igihumbi.
15 These were the men who crossed the Jordan in the first month, when it overflowed all its banks, and routed everyone in the valleys, east and west. Abo ni bo bajabutse Yorodani mu kwezi kwa mbere igihe rwari rwuzuye rwarenze inkombe, baca bakinagiza abantu bose baba mu biyaya vyaho babashwiragiriza mu buseruko no mu burengero bw’urwo ruzi.
16 Some of the men of Benjamin and Judah also came to David at the stronghold. Abandi Babenyamini na bamwe mu Bayuda na bo baraza bifatanya na Dawidi aho yari yinyegeje.
17 David went out to meet them and said to them, "If you have come to me in peace to help me, my heart will join with you; but if to betray me to my enemies, though my hands hold no violence, may the God of our fathers see it and judge you." Dawidi arasohoka ahura na bo maze arababwira ati: “nimwaba muzanywe n’amahoro, no kumfasha, nditeguye kwifatanya namwe. Ariko nimwaba muzanywe no kungurisha ku bansi banje kandi ata kibi kinyagira, Imana ya ba sogokuruza nibibone hanyuma ibacire urubanza.”
18 Then the Spirit of our Father clothed Amasai, chief of the thirty, who said: "We are yours, David! We are with you, son of Jesse! Peace, peace to you, peace to your helpers, for your Father helps you." David received them, making them leaders of his raiders. Maze Mpwemu aza kuri Amasayi, yarongora bamwe mirongo itatu, aravuga ati: “Turi abawe, yewe Dawidi! Turi kumwe nawe, yewe mwene Isayi! Gira amahoro no kuroranirwa, n’abagushigikiye bose batere baja imbere, kuko Imana yawe igushigikiye.” Nuko Dawidi arabakira abagira abakuru b’abagwanyi biwe.
19 Some from Manasseh defected to David when he marched with the Philistines against Saul. But David and his men gave the Philistines no help—after consulting, the Philistine rulers sent David away, saying, "He'll defect to his master Saul, costing us our heads." Bamwe mu bakomoka kuri Manase bava mu ngabo za Isirayeli baja kwifatanya na Dawidi igihe yajana n’Abafilisitiya kugwanya Sawuli. We n’abantu biwe ntibafashije Abafilisitiya kuko abatware b’Abafilisitiya bamaze kugira inama, baciye bamusubiza inyuma. Bavuze bati: “Hamwe yokwihindukiza agasubiza hamwe na shebuja Sawuli, twohasiga agatwe.”
20 Going to Ziklag, these from Manasseh defected to him: Adnah, Jozabad, Jediael, Michael, Jozabad, Elihu, Zillethai—commanders of Manasseh's thousands. Igihe Dawidi yari asubiye i Zikulagi, ni ho abakomoka kuri Manase baja kwifatanya na we, ari bo: Adina, Yozabadi, Yediyayeli, Mikayeli, Yozabadi, Elihu na Ziletayi. Umwe wese yari arongoye umugwi w’ingabo igihumbi mu Bamanase.
21 They helped David against the raiders, for all were mighty warriors, and became commanders in his army. Bafasha Dawidi kugwanya abansi biwe, kuko bari abagwanyi b’abahizi, kandi bari abakuru b’ingabo mu ngabo ziwe.
22 Day after day men came to help David, until he had an army as great as our Father's army. Ku musi ku musi abantu baguma baza kwifatanya na Dawidi, gushika aho yagize ingabo nyinshi, nk’ingabo z’Imana.
23 These are the counts of men armed for battle who came to David at Hebron to turn Saul's kingdom over to him, just as our Father had said, Ibi ni vyo bitigiri vy’ingabo zambaye ibigwanisho ziteguriye kuja ku rugamba zaje kuri Dawidi i Heburoni kugira ngo zimuhe ubwami bwari ubwa Sawuli, nk’uko Uhoraho yari yaravuze:
24 from Judah, carrying shield and spear—6,800 armed for battle; Abo mu muryango wa Yuda, haje ibihumbi bitandatu n’amajana umunani biteguriye kuja ku rugamba bitwaje amacumu n’inkinzo.
25 from Simeon, mighty warriors ready for battle—7,100; Abo mu muryango wa Simeyoni, haje abagwanyi biteguriye kuja ku rugamba, ibihumbi indwi n’ijana;
26 from Levi—4,600, Abo mu muryango wa Lewi, haje ibihumbi bine n’amajana atandatu,
27 with Jehoiada, leader of the family of Aaron, and 3,700 with him, harimwo na Yehoyada, umukuru w’umuryango wa Aroni, yari afise abantu ibihumbi bitatu n’amajana indwi arongoye,
28 and Zadok, a brave young warrior, with twenty-two officers from his own family. hamwe na Sadoki, umugwanyi w’umuhizi akiri muto, yazananye n’abakuru b’ingabo mirongo ibiri na babiri, bo mu muryango wiwe.
29 From Benjamin, Saul's relatives—3,000; most had still kept guard for Saul's house, Abo mu muryango wa Benyamini, ari wo muryango wa Sawuli, haje ibihumbi bitatu benshi muri bo bari bagumye bayoboka inzu ya Sawuli gushika ico gihe.
30 from Ephraim—20,800, mighty warriors, famous men in their own families; Abo mu muryango wa Efurayimu, abagwanyi b’abahizi, ba rurangiranwa mu nzu zabo, haje ibihumbi mirongo ibiri n’amajana umunani.
31 from the half-tribe of Manasseh—18,000, designated by name to come and make David king; Abo mu gice c’umuryango wa Manase, co mu burengero bwa Yorodani batowe baravye amazina yabo ngo baje kwimika Dawidi, bose hamwe bari ibihumbi cumi n’umunani.
32 from Issachar: 200 chiefs who understood the times, knew what Israel should do, with all their relatives at their command. Abo mu muryango wa Isakari, bari abantu bazi kugenzura ibihe kandi bagatahura ico Abisirayeli bategerezwa gukora, baje ari amajana abiri, hamwe n’abagenzi babo batwara.
33 From Zebulun: 50,000 seasoned troops, equipped for battle with every weapon, ready to help David wholeheartedly, Abo mu muryango wa Zebuloni, abasoda bamenyereye ivy’intambara kandi biteguriye kuja ku rugamba no gukoresha ibigwanisho vy’uburyo bwose, ngo bafashe Dawidi n’umutima wabo wose, haje ibihumbi mirongo itanu.
34 from Naphtali—1,000 officers, and with them 37,000 men carrying shield and spear; Abo mu muryango wa Nafutali, baje ari igihumbi, bari abakuru b’ingabo ibihumbi mirongo itatu n’indwi batwara inkinzo n’amacumu.
35 from Dan—28,600 men ready for battle; Abo mu muryango wa Dani, biteguye kuja mu rugamba, baje ari ibihumbi mirongo ibiri n’umunani n’amajana atandatu.
36 from Asher—40,000 seasoned troops ready for battle; Abo mu muryango wa Asheri, abasoda bamenyereye ivy’intambara kandi biteguriye kuja ku rugamba, baje ari ibihumbi mirongo ine.
37 from east of the Jordan—Reuben, Gad, half the tribe of Manasseh—120,000, armed with every weapon of war. Abaje bava hakurya ya Yorodani, ahaba abakomoka kuri Reyubeni, Gadi n’igice c’umuryango wa Manase, bari ibihumbi ijana na mirongo ibiri bambaye ibigwanisho vy’uburyo bwose.
38 All these were warriors in battle formation who came to Hebron wholeheartedly to make David king over all Israel; the rest of Israel too were of one mind to make David king. Abo bagwanyi bose baje bafise umutima umwe kandi ukunze kugira ngo bimike Dawidi abe umwami wa Isirayeli. Mbere n’abandi Bisirayeli bose basigaye baremeza ko Dawidi ari we akwiye kubabera umwami.
39 They stayed there three days with David, eating and drinking; their relatives had prepared food for them. Abo bantu bamara imisi itatu bari kumwe na Dawidi, barya banywa, kuko imiryango yabo yari yabagemuriye.
40 Their neighbors as far as Issachar, Zebulun, and Naphtali brought food by donkey, camel, mule, and ox—flour, fig cakes, raisin cakes, wine, oil, cattle, and sheep in abundance, for there was joy in Israel. Vyongeye, n’abo hirya no hino gushika no mu Bisakari, Abazebuloni no mu Banafutali baraza bazanye ivyokurya ku ndogoba, ku ngamiya, ku nyumbu, no ku nka. Hariho n’ibintu vyinshi bigizwe n’ifu, n’insukoni zikaranze, inzabibu zikaranze, umuvinyu, amavuta, inka n’intama, kuko hari umunezero mwinshi mu Bisirayeli.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]