Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then all Israel gathered to David at Hebron, saying, "Look, we are your bone and flesh. Abisirayeli bose bakoranira i Heburoni aho Dawidi yari ari bamubwira bati: “Twebwe turi umubiri wawe n’amaraso yawe.
2 Even before, while Saul was king, you led Israel out and back. Your Father told you, 'You will shepherd my people Israel; you will be ruler over my people Israel.'" Kandi kera, mbere n’igihe Sawuli yari umwami, ni wewe warongora Abisirayeli mu ntambara. Kandi Uhoraho Imana yawe yarakubwiye ati: ‘Uzoba umwungere w’abantu banje b’Abisirayeli, kandi uzoba umutware wabo.’ ”
3 All Israel's elders came to the king at Hebron, and David made a covenant with them at Hebron before our Father. Then they anointed David king over Israel, as our Father had said through Samuel. Abakuru bose b’Abisirayeli baja kuraba umwami Dawidi i Heburoni, aca agirana na bo isezerano aho nyene i Heburoni imbere y’Uhoraho, baca bamurobanuza amavuta baramwimika ngo abe umwami w’Abisirayeli, nk’uko Uhoraho yari yarabisezeranye abicishije kuri Samweli.
4 David and all Israel went to Jerusalem (that is, Jebus), where the Jebusites, its residents, lived. Dawidi n’Abisirayeli bose baja i Yerusalemu ari ho hitwa Yebusi. Abayebusi baba ngaho
5 Jebus's people told David, "You won't enter here." But David took the stronghold of Zion—the city of David. babwira Dawidi bati: “Ntuzoshobora kwinjira ngaha.” Ariko Dawidi yigarurira igice c’ahitwa Siyoni hazitijwe impome zikomeye, ari ho haciye hitwa Igisagara ca Dawidi.
6 David said, "Whoever strikes the Jebusites first becomes head and commander." Joab son of Zeruiah went up first and became head. Dawidi yari yavuze ati: “Umuntu wese azoba uwa mbere mu gutera Abayebusi akahafata azoca aba umukuru w’ingabo.” Yowabu mwene Zeruwiya aduga ubwa mbere, aca ahabwa kuba umukuru w’ingabo.
7 David then settled in the stronghold; that is why it was called the city of David. Dawidi aca ashira ikirimba ciwe aho hantu hazitiye kuri uwo musozi, haca hitwa Igisagara ca Dawidi.
8 He built the city all around, from the Millo to the encircling wall, while Joab restored the rest of the city. Yubaka igisagara hirya no hino y’ikirimba, uhereye ku musezero w’ahitwa Milo ugashika ku ruzitiro. Ico gihe Yowabu yariko arasanura ahandi hose hasigaye h’ico gisagara.
9 And David became more and more powerful, for the Father of heaven's armies was with him. Maze Dawidi arushaho kuba uwuhambaye, kuko Uhoraho Mushoboravyose yari kumwe na we.
10 These are the chiefs of David's mighty men, who gave him strong support in his kingdom, with all Israel, to make him king, by our Father's word concerning Israel. Aba ni bo bari abakuru mu bahizi ba Dawidi; abo hamwe n’Abisirayeli bose, baterereye mu gushigikira ingoma yiwe kugira ngo ikwire mu gihugu cose, nk’uko Uhoraho yari yarabisezeranye.
11 This is the list of David's mighty men: Jashobeam, a Hachmonite, head of the Three, used his spear to kill 300 men in a single encounter. Uru ni rwo rutonde rw’abahizi ba Dawidi: Yashobeyamu, wo mu muryango wa Hakumoni, yari umukuru yaganza abacungera ubuzima bw’umwami. Ni we yicishije icumu ryiwe abantu amajana atatu mu mwanya umwe.
12 After him, Eleazar son of Dodo the Ahohite, one of the three mighty warriors. Yakurikirwa na Eliyazeri mwene Dodayi Umwahohi, yari umwe muri bamwe batatu b’abahizi mu ntambara.
13 He was with David at Pas-dammim when Philistines gathered there for battle, in a field full of barley; the people fled from the Philistines, Yari kumwe na Dawidi i Pasi-Damimu mu ntambara y’Abafilisitiya. Urugamba rwabereye mu murima w’ingano, hanyuma ingabo z’Abisirayeli zihunga Abafilisitiya;
14 but they stood their ground in the middle of the field, defended it, and struck down the Philistines; our Father saved them with a great victory. ariko Eleyazari na Dawidi bobo bahagarara hagati muri uwo murima barawugwanira, bica Abafilisitiya, Uhoraho abaha intsinzi ikomeye.
15 Three of the thirty top warriors went down to David at the rock by Adullam's cave, while a Philistine unit camped in the Rephaim Valley. Batatu bo muri abo bahizi mirongo itatu baramanuka basanga Dawidi aho yari ari mw’isenga ry’ibuye i Adulamu. Ico gihe umugwi w’Abafilisitiya wari ucumbitse mu kiyaya c’i Refayimu.
16 At that time David was in the stronghold, and a Philistine garrison was at Bethlehem. Dawidi yari mu kinyegero, kandi umuce w’ingabo z’Abafilisitiya wari i Betelehemu.
17 David craved water: "If only someone would get me a drink from Bethlehem's well by the gate!" Dawidi yumva agomba amazi, maze aca avuga ati: “Ese icompa hakagira uwunzanira amazi yo kunywa yo kw’iriba riri kw’irembo ry’i Betelehemu!”
18 The three broke through the Philistine camp, drew water from Bethlehem's well by the gate, and brought it to David. But he wouldn't drink it—he poured it out to our Father. Nuko bamwe batatu baragenda, baca hagati mu ngabo z’Abafilisitiya, bavoma ayo mazi kw’iriba ryari hafi y’irembo ry’i Betelehemu bayashira Dawidi. Ariko Dawidi yanka kuyanywa; ayasesa hasi imbere y’Uhoraho.
19 He said, "May my Father forbid it! Should I drink the blood of men who put their lives at risk? They brought it by risking their lives." So he refused to drink it. These were the deeds of the three warriors. Avuga ati: “Imana indinde gukora ikintu nk’ico! Mbega noshobora kunywa amaraso y’aba bantu bahevye amagara yabo?” Kuko bari bahevye amagara yabo mu kuja kumuzanira ayo mazi, bituma yanka kuyanywa. Ivyo vyagaragaje ubutwari bw’abo batatu b’abahizi mu ntambara.
20 Abishai the brother of Joab was chief of the Thirty. He used his spear to kill 300 men, and he made a name for himself among the Three. Abishayi mwene nyina wa Yowabu yari umukuru wa bamwe batatu. Yishe abantu amajana atatu akoresheje icumu ryiwe, bituma aba rurangiranwa nka bamwe batatu.
21 Most honored of the Thirty, he became their commander—yet not one of the Three. Yahawe icubahiro kiruta ica bamwe mirongo itatu maze aca aba umukuru wabo, n’aho atari umwe muri bamwe batatu.
22 Benaiah son of Jehoiada, a valiant man from Kabzeel, did great deeds: he struck down two of Moab's mightiest, and went down into a pit on a snowy day and killed a lion. Benaya mwene Yehoyada yari umugwanyi w’umuhizi yava i Kabuzeyeli, kandi yakoze ibihambaye. Yishe abahizi babiri baruta abandi mu ngabo z’Abanyamowabu. Umusi umwe shelegi iriko iragwa, amanuka mu rwobo, yica intambwe.
23 He also killed an Egyptian, a man of great size, about seven and a half feet tall, who had a spear like a weaver's beam. Benaiah went at him with a club, tore the spear from the Egyptian's hand, and killed him with his own spear. Ni we yishe Umunyegiputa yari afise ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’igihagararo. Naho uwo Munyegiputa yari afise mu minwe icumu rikwikiye mu ruti rungana n’umuhini, Benaya yagiye kumugwanya afise inkoni, amushikura rya cumu mu minwe, aba ari ryo amwicisha.
24 These were Benaiah son of Jehoiada's deeds; he gained a name among the three mighty men. Ivyo ni vyo bikorwa vy’ubuhizi Benaya mwene Yehoyada yakoze; na we nyene yari rurangiranwa nka bamwe batatu.
25 He was honored above the Thirty, but not among the Three. David put him in charge of his own guard. Yari afise icubahiro kuruta bamwe mirongo itatu, ariko ntiyari uwo muri bamwe batatu. Maze Dawidi aca amugira umukuru w’abacungera umutekano wiwe.
26 The mighty warriors were: Asahel the brother of Joab, Elhanan son of Dodo of Bethlehem, Abo bahizi bari Asaheli murumuna wa Yowabu, Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,
27 Shammoth the Harorite, Helez the Pelonite, Shamoti Umuharori, Helezi Umupeloni,
28 Ira son of Ikkesh of Tekoa, Abiezer of Anathoth, Ira mwene Ikeshi w’i Tekowa, Abiyezeri w’i Anatoti,
29 Sibbecai the Hushathite, Ilai the Ahohite, Sibekayi Umuhushati, Ilayi Umwahohi,
30 Maharai of Netophah, Heled son of Baanah of Netophah, Maharayi w’i Netofati, Heledi mwene Bayana w’i Netofati,
31 Ithai son of Ribai of Gibeah of the Benjaminites, Benaiah of Pirathon, Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya mu Bubenyamini, Benaya w’i Piratoni,
32 Hurai of the brooks of Gaash, Abiel the Arbathite, Hurayi wo mu bihomoka vy’i Gayashi, Abiyeli Umwarubati,
33 Azmaveth of Baharum, Eliahba the Shaalbonite, Azumaveti Umubaharumi, Eliyaba Umushaluboni,
34 the sons of Hashem the Gizonite, Jonathan son of Shagee the Hararite, Bene Hashemi Umugizoni, Yonatani mwene Shageye Umuharari,
35 Ahiam son of Sachar the Hararite, Eliphal son of Ur, Ahiyamu mwene Sakari Umuharari, Elifali mwene Uri,
36 Hepher the Mecherathite, Ahijah the Pelonite, Heferi Umumekerati, Ahiya Umupeloni,
37 Hezro of Carmel, Naarai son of Ezbai, Heziro w’i Karumeli, Nayari mwene Ezubayi,
38 Joel the brother of Nathan, Mibhar son of Hagri, Yoweli yavukana na Natani, Mibari mwene Haguri,
39 Zelek the Ammonite, Naharai of Beeroth, the armor-bearer of Joab son of Zeruiah, Zeleki Umwamoni, Naharayi Umuberoti, uwatwaza Yowabu mwene Zeruwiya ibigwanisho,
40 Ira the Ithrite, Gareb the Ithrite, Ira w’i Ituri, Garebu w’i Ituri,
41 Uriah the Hittite, Zabad son of Ahlai, Uriya Umuheti, Zabadi mwene Ahilayi,
42 Adina son of Shiza the Reubenite, a leader of the Reubenites, and thirty with him, Adina mwene Shiza Umureyubeni, yari umukuru w’Abareyubeni, na ba bandi mirongo itatu bari kumwe na we,
43 Hanan son of Maacah, Joshaphat the Mithnite, Hanani mwene Mayaka, Yoshafati w’i Mituni,
44 Uzzia the Ashterathite, Shama and Jeiel the sons of Hotham the Aroerite, Uziya w’i Ashuterati, Shama na Yeyiyeli bene Hotamu w’i Aroweri,
45 Jediael son of Shimri, and Joha his brother, the Tizite, Yediyayeli mwene Shimuri, umuvukanyi wiwe Yoha Umutizi,
46 Eliel the Mahavite, Jeribai and Joshaviah the sons of Elnaam, Ithmah the Moabite, Eliyeli Umumahawi, Yeribayi na Yoshaviya bene Elunayami, Ituma Umunyamowabu,
47 Eliel, Obed, and Jaasiel the Mezobaite. Eliyeli, Obedi na Yayasiyeli w’i Mezobayi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]