Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Chronicles 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The Philistines fought Israel; Israel's men fled before them and fell slain on Mount Gilboa. Maze Abafilisitiya bagwanya Abisirayeli; Abisirayeli barata barahunga, kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa.
2 Philistines pursued Saul and his sons, and struck down Jonathan, Abinadab, and Malchishua, sons of Saul. Abafilisitiya babirukako basugereza Sawuli n’abahungu biwe, bica abahungu biwe Yonatani, Abinadabu na Maluki-Shuwa.
3 The fighting grew fierce around Saul; the archers caught up with him and badly wounded him. Maze Sawuli urugamba rumumerera nabi cane, abanyamiheto baramurasa baramukomeretsa.
4 Saul told his armor-bearer, "Draw your sword, run me through, or these uncircumcised men will come and abuse me." But he refused, afraid. So Saul took the sword himself and fell on it. Sawuli abwira uwari amutwaje ibigwanisho ati: “Sokora inkota yawe unsogote, kugira ngo izo ntakebwa ntizimfate ngo zinyice nabi.” Ariko uwamutwaza ibigwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota yiwe ayisukako.
5 When his armor-bearer saw that Saul was dead, he too fell on his sword and died. Umwe yamutwaza ibigwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene yisuka ku nkota yiwe arapfa.
6 So Saul died, and his three sons, and all his household died together. Nuko Sawuli n’abahungu biwe batatu barapfa, n’abo mu nzu yiwe bose bagwa hamwe.
7 When the Israelites in the valley saw the army had fled and Saul and his sons were dead, they abandoned their towns and fled. The Philistines came and settled in them. Abisirayeli bose bari mu kiyaya babonye ko ingabo zahunze kandi ko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Maze Abafilisitiya baraza babibamwo.
8 Next day, Philistines came to strip the dead and found Saul and his sons fallen on Mount Gilboa. Bukeye, Abafilisitiya baja aho urugamba rwabereye kwambura abapfuye ibigwanisho n’ibintu vyabo vy’agaciro, basanga Sawuli n’abahungu biwe baguye ku musozi Gilibowa.
9 They stripped him, took his head and armor, and sent messengers throughout Philistine land to proclaim it to their idols and the people. Bamuca umutwe, bamwambura n’ibigwanisho vyiwe, baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya ngo bakwize iyo nkuru mu ngoro z’ibigirwamana vyabo no mu bantu.
10 They put his weapons in their gods' temple and nailed his head in Dagon's temple. Baca bashira ibigwanisho vyiwe mu ngoro y’ibigirwamana vyabo, umutwe wiwe bawumanika mu ngoro y’ikigirwamana Dagoni.
11 But when all the people of Jabesh-gilead heard everything the Philistines had done to Saul, Maze ab’i Yabeshi Gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bakoreye Sawuli vyose,
12 all their fighting men set out, took Saul's body and his sons' bodies, brought them to Jabesh, buried their bones under Jabesh's oak, and fasted seven days. abagabo bose b’abahizi baragenda batora imivyimba ya Sawuli n’abahungu biwe bayijana i Yabeshi. Bahamba amagufa yabo musi y’igiti kinini i Yabeshi, baca bisonzesha kumara imisi indwi.
13 So Saul died for his unfaithfulness against our Father—he did not keep our Father's word, and even consulted a medium for guidance. Nuko Sawuli apfa azize kutaba umwizigirwa k’Uhoraho, kutazigama ijambo yabwiwe n’Uhoraho no gusiguza uwuhamagara imizimu,
14 He did not seek our Father, so our Father killed him and turned the kingdom over to David son of Jesse. aho gusiguza Uhoraho. Nuko Uhoraho aramwica aca agabira ingoma yiwe Dawidi mwene Isayi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]