Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zechariah 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then the angel who talked with me returned and woke me, like someone woken from sleep. Maze umumarayika yavugana nanje aragaruka aza kumvyura, nk’uko umuntu avyurwa iyo yari asinziriye.
2 He asked, "What do you see?" I said, "A gold lampstand, a bowl on top, seven lamps, seven spouts for each lamp on top. Arambaza ati: “Mbega ubona iki?” Ndamwishura nti: “Mbona igiterekwako amatara cose gikozwe mu nzahabu n’igikombe c’amavuta hejuru yaco, mbona n’amatara indwi ari kuri co, kandi gifise n’imiheha indwi ija kuri ayo matara.
3 Two olive trees stand by it, one on the bowl's right, the other on its left." Mbona kandi hari n’ibiti vy’imyelayo bibiri i ruhande yaco, kimwe i buryo bw’ico giterekwako amatara ikindi i bubamfu bwaco.”
4 And I said to the angel who talked with me, "What are these, my lord?" Nca mbaza wa mumarayika yavugana nanje nti: “Ibi ni ibiki, Mwami wanje?”
5 Then the angel talking with me said, "Don't you know what these are?" I said, "No, my lord." Aranyishura ati: “Ibi ntuzi ivyo ari vyo?” Ndamwishura nti: “Oya Mwami wanje.”
6 He said to me, "This is our Father's word to Zerubbabel: Not by might, nor by power, but by my Spirit, says the Father of heaven's armies. Nuko aca ambwira ati: “Iri ni ijambo ry’Uhoraho utumwe kubwira Zerubabeli uti: ‘Si ku bw’inkomezi canke ku bw’ubushobozi, ariko ni ku bwa Mpwemu wanje,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
7 Who are you, great mountain? Before Zerubbabel you become level ground. He brings out the capstone shouting, "Grace, grace to it!" Wa musozi munini we, uri iki? Imbere ya Zerubabeli uzohinduka ikiyaya. Maze na we azozana ibuye rya nyuma rigumya imfuruka, kandi abantu na bo bazosemerera bavuga bati: ‘Mana rihezagire! Mana rihezagire!’ ”
8 Then the word of our Father came to me, saying, Maze Uhoraho ampa irindi jambo ati:
9 Zerubbabel's hands laid this house's foundation; his hands will finish it. Then you'll know the Father of heaven's armies sent me to you. “Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeho urufatiro rw’uru rusengero; kandi amaboko yiwe ni yo azorusozera. Maze muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yabantumyeko.
10 Who has despised the day of small things? They will rejoice, seeing the plumb line in Zerubbabel's hand. These seven are the eyes of our Father, ranging over the whole earth." Uri nde wewe wubahuka kugaya ibintu kuko bikiri bito biri mu ntango? Nayo arya matara indwi yerekana inyonga z’Uhoraho zigendagenda mw’isi yose, kandi azonezerwa abonye karisho mu kuboko kwa Zerubabeli?”
11 Then I asked him, "What are these two olive trees right and left of the lampstand?" Maze mbaza uwo mumarayika nti: “Ibi biti vy’imyelayo bibiri kimwe i buryo ikindi i bubamfu bw’igiterekwako amatara bisigura iki?”
12 I asked again, "What are these two olive branches beside the two golden pipes pouring out golden oil?" Kandi ndongera ndamubaza nti: “Ayo mashami abiri ari i ruhande y’imiheha ibiri y’inzahabu ivamwo amavuta y’inzahabu ni iki?”
13 He said to me, "Don't you know what these are?" I said, "No, my lord." Aranyishura ati: “Ntuzi ivyo ari vyo?” Ndavuga nti: “Oya, Mwami wanje.”
14 He said, "These are the two anointed ones standing by the Sovereign of all the earth." Nuko aravuga ati: “Ivyo ni abantu babiri barobanujwe amavuta ngo bakorere Umwami w’isi yose.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]