Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 There is therefore now no condemnation for those who are in Christ Jesus. Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.
2 In Christ Jesus, the Spirit's law of life freed you from sin and death's law. Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.
3 What the law couldn't do, weakened by the flesh, our Father did: sending his own Son in the likeness of sinful flesh, as a sin offering, he condemned sin in the flesh, Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.
4 so the law's righteous requirement would be fulfilled in us, who walk not according to the flesh but according to the Spirit. Ivyo yabikoze kugira ngo dushobore gushitsa ivyo ivyagezwe bisaba, kuko tutakirongorwa na kamere kacu k’icaha, ariko turongorwa na Mpwemu.
5 Those who live by the flesh focus on what the flesh wants; but those who live by the Spirit, on what the Spirit wants. Abarongorwa na kamere kabo k’icaha bashira imitima ku vyipfuzo vy’umubiri, ariko abarongorwa na Mpwemu Yera, bashira imitima ku vyo Mpwemu agomba.
6 For a mind fixed on the flesh is death; a mind fixed on the Spirit is life and peace. Kurongorwa na kamere k’icaha bijana mu rupfu. Ariko kurongorwa na Mpwemu bishikana ku bugingo n’amahoro.
7 For the flesh-ruled mind is hostile to our Father; it doesn't submit to our Father's law—indeed it cannot. Kuko abaganzwa na kamere k’icaha ni abansi b’Imana. Ntibumvira ivyagezwe vyayo, kandi nta bushobozi bafise bwo kuvyumvira.
8 Those ruled by the sinful nature cannot please our Father. Ni co gituma abarongorwa na kamere kabo k’icaha badashobora guhimbara Imana na gatoya.
9 But you are not in the flesh but in the Spirit, if indeed the Spirit of our Father lives in you. Whoever lacks the Spirit of Christ does not belong to him. Ariko mweho, ntimurongorwa na kamere k’icaha, murongorwa na Mpwemu, nimba Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe. Kandi umuntu wese adafise Mpwemu wa Kristo, si uwa Kristo.
10 But if Christ is in you, the body is dead from sin, but the Spirit is life from righteousness. Ariko nimba Kristo aba muri mwebwe, naho imibiri yanyu izopfa kubera icaha, Mpwemu ni we abaha ubugingo kuko mwemewe n’Imana nk’abagororotsi.
11 So if the Spirit of our Father who raised Jesus from the dead lives in you, he who raised Christ from the dead will also make your mortal bodies alive through his Spirit living in you. Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.
12 So then, brothers and sisters, we are debtors—but not to the flesh, to live by it. Kubera ivyo rero bene Data, ntidutegerezwa gukora ivyo kamere kacu k’icaha kadutegeka gukora.
13 For if you live by the flesh, you will die; but if by the Spirit you put to death the body's deeds, you will live. Kuko nimba murongorwa na kamere kanyu k’icaha muzopfa, ariko nimba Mpwemu yarabashoboje kwica ibikorwa bibi vya kamere muntu kanyu ka kera, muzobaho.
14 For all who are led by the Spirit of our Father are children of our Father. Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana;
15 You did not receive a spirit of slavery, to fall back into fear, but received the Spirit of sonship, by whom we cry, "Abba! Father!" kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: “Aba, Data.”
16 The Spirit himself bears witness with our spirit that we are children of our Father. Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.
17 If children, then heirs—heirs of our Father, co-heirs with Christ, if we suffer with him, so we may also be glorified with him. Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.
18 I count this era's suffering as nothing next to the glory to be revealed to us. Niyumvira ko imibabaro turimwo ata ho ihuriye na gatoya n’ubwiza tuzohishurirwa,
19 For the creation waits with eager longing for the children of our Father to be revealed. kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.
20 For creation was subjected to frustration—not by choice, but by him who subjected it—in hope, Kuko ivyaremwe vyose vyisanze musi y’umuvumo w’Imana, naho bitabihisemwo. Ariko bifise ivyizigiro
21 that creation itself will be freed from its slavery to decay, into the freedom of the glory of our Father's children. ko na vyo nyene bizobohorwa bikava mu buja bwo kubora, bigahabwa ku bwiza n’umwidegemvyo vy’abana b’Imana.
22 For we know the whole creation has groaned together in labor pains until now. Kugeza n’ubu ivyaremwe vyose binihishwa n’umubabaro nk’umuvyeyi ari ku bise.
23 And not only the creation, but we too—who hold the Spirit's firstfruits—groan within ourselves, waiting eagerly for our full rights as sons to be restored, the redemption of our bodies. Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.
24 In this hope we were saved. Hope seen isn't hope—who hopes for what he already sees? Ivyo ni vyo twiteze kuva dukijijwe. Iyo icari citezwe kibonetse, kucitega kuba kurangiye. None hari umuntu yokwitega ico yamaze kubona?
25 But if we hope for what we do not see, we wait for it with patience. Ariko ko twiteze ivyo tutarabona, dutegerezwa kubirindira twihanganye.
26 So too the Spirit helps our weakness: we don't know what to pray for as we should, but the Spirit himself pleads for us with wordless groans. Muri uko kurindira, Mpwemu Yera ni we adufasha mu ntege nke zacu. Mu vy’ukuri ntituzi ico dukwiye gusengera, ariko Mpwemu Yera aradusengera aniha iminiho idashobora gusigurwa n’amajambo.
27 He who searches hearts knows the Spirit's mind, since the Spirit intercedes for the saints according to our Father's will. Kandi Imana isuzuma imitima, iramenya neza ico Mpwemu yiyumvira, kuko Mpwemu adusengera twebwe abejejwe nk’uko Imana igomba.
28 We know all things work together for good for those who love our Father, who are called according to his purpose. Turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.
29 Those he foreknew, he also predestined to be shaped to his Son's image, so he would be firstborn among many brothers and sisters. Kuko Imana yabamenye kera, ibatoraniriza gusa n’Umwana wayo imbere y’igihe, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi.
30 Those he predestined, he also called; those he called, he also justified; those he justified, he also glorified. Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabahinduye abagororotsi; abo yahinduye abagororotsi, yabahaye ubwiza.
31 So what do we say to these things? If our Father is for us, who can be against us? Mbega none tuvuge iki? Nimba Imana iri mu ruhande rwacu, ni nde yodutsinda?
32 He didn't spare his own Son but gave him up for us all—won't he also freely give us everything with him? Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?
33 Who should bring any charge against our Father's chosen ones? Our Father is the one who justifies. Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Nta n’umwe, kuko Imana ni yo ibahindura abagororotsi.
34 Who condemns? Christ Jesus—who died, more than that, was raised, who is at our Father's right hand, who indeed intercedes for us. None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.
35 Who can separate us from Christ's love? Suffering, hardship, persecution, famine, nakedness, danger, sword? Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu?
36 As it is written: "For your sake we are killed all day long; we are counted as sheep to be slaughtered." Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose; dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.”
37 No, in all these things we are more than conquerors through him who loved us. Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze.
38 For I am convinced neither death nor life, neither angels nor rulers, neither present nor future, nor powers, Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe,
39 neither height nor depth, nor anything else in all creation, can separate us from the love of our Father in Christ Jesus our Lord. bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]