Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 36 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi umusavyi w’Uhoraho.

1Mfise ubutumwa mu mutima wanje buvuye ku Mana yanjebwerekeye ububi bw’abanyakibi ngo:Nta gutinya Imanakuri muri bo.

2Mu maso yabo barihenda ubwabokugeza aho batamenya canke ngo banke icaha cabo.

3Amajambo yo mu kanwa kabo ni mabi, ni ay’uruhendo;bananiwe no gukora ivy’ubwenge canke ngo bakore ivyiza.

4Bari no ku mariri yabo baja imigabo yo gukora ibibi;bakiyegurira gusiganwa mu bibintibatere ibitugu ibitari ivy’ukuri.

5Uhoraho, urukundo rwawe rushika no mw’ijuru,ukwizigirwa kwawe gushika no mu birere.

6Ukugororoka kwawe kumeze nk’imisozi miremire,imanza zawe zimeze nk’idamba rinini.Ewe Uhoraho Mana, ni wewe ubwawe uzigama abantu n’ibikoko.

7Ese ukuntu urukundo rwawe rudashira ari akaburarugero, ewe Mana!Abantu bahungira musi y’igitutu c’amababa yawe.

8Bagira umusi mukuru mu bihinda vyo mu nzu yawe;ubaha ivyo kunywa biva ku ruzi rwawe rw’ibiryoshe.

9Kuko kuri wewe ari ho hari isoko y’ubugingo;mu nyonga hawe ni ho tubonera umuco.

10Shishikara ukunda abakumenye,ugume uri umugororotsi ku batunganye mu mitima.

11Ikirenge c’umwibone ntikigahonyore iwanje,n’ukuboko kw’umunyakibi kwirukanwe.

12Ehe ingene inkozi z’ibibi ziguye hasi;baratemvye, ubutagihaguruka!

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]