Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 34 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Ni iya Dawidi. Igihe yihindura umusazi imbere ya Abimeleki, agaca amwirukana, na we agaca agenda.

1Nzokwama nshima Uhoraho ibihe vyose;ishimwe ryiwe rizokwama ku minwa yanje ubudasiba.

2Nzokwirata Uhoraho;abaciye bugufi nibavyumve banezerwe.

3Nimumfashe dushime Uhoraho;nimuze dufatanye gushira hejuru izina ryiwe.

4Narondeye Uhoraho, na we aranyishura;ankiza ubwoba bwose nari mfise.

5Abamuravye bose barakayangana;mu maso habo ntihazokwigera hamaramara.

6Uwu mugorwa yarambaje, Uhoraho aramwumva;amukiza amarushwa yiwe yose.

7Umumarayika w’Uhoraho acumbitsehirya no hino y’abamwubaha, akabakiza.

8Nimwumvirize mumenye ko Uhoraho ari mwiza;hahiriwe uwumuhungirako.

9Nimwubahe Uhoraho, yemwe abera biwe,kuko abamwubaha batazogira ico bakena.

10Intambwe zocika intege zigasonza,ariko abarondera Uhoraho ntibazokena iciza na kimwe.

11Nimuze bana banje, munyumvirize;nanje ndabigishe ukwubaha Uhoraho.

12Umuntu wese akunda ubugingoakipfuza kubona imisi myiza myinshi,

13aze arinde ururimi rwiwe ikibin’iminwa yiwe ayirinde ivyo kubesha.

14Itandukanye n’ikibi, ukore ivyiza;rondera amahoro uyakurikire.

15Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi,kandi amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo;

16ariko igitsure ciwe kiri ku bakora ibibi,ngo aherengeteze ukwibukwa kwabo kw’isi.

17Abagororotsi baratakamvye, Uhoraho arabumva;abakiza amarushwa yabo yose.

18Uhoraho ari hafi y’abafise imitima imenetsekandi akiza abajanjaguritse imitima.

19Amarushwa y’umugororotsi ashobora kuba menshi,ariko Uhoraho ayamukiza yose;

20azigama amagufa yiwe,nta na rimwe rizovunika.

21Ikibi kizokwica umunyakibi;abagwanya umugororotsi bazotsindwa n’urubanza.

22Uhoraho azokiza abasavyi biwe;nta n’umwe mu bamuhungirako azotsindwa n’urubanza.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]