Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 27 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The daughters of Zelophehad son of Hepher, son of Gilead, son of Machir, son of Manasseh, from the clans of Manasseh son of Joseph, came forward. His daughters' names: Mahlah, Noah, Hoglah, Milcah, Tirzah. Abakobwa ba Zelofehadi mwene Heferi, umuhungu wa Gileyadi, Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, bose bakomoka kuri Manase mwene Yosefu. Amazina y’abo bakobwa yari Mahala, Noha, Hogula, Milika na Tiriza. Baragenda begera
2 They stood before Moses, before Eleazar the priest, before the leaders and the whole assembly, at the tent of meeting's entrance, and said: umuryango w’Ihema ry’Ibonaniro bahagarara imbere ya Mose, ya Eliyazeri umuherezi, ya ba bakuru n’ikoraniro ryose, bavuga bati:
3 "Our father died in the wilderness. He was not among those who gathered against our Father with Korah's group; he died for his own sin, and had no sons. “Data yapfiriye mu bugaragwa. Ntiyari mu bakurikiye Kora, bagize akagwi ko kugwanya Uhoraho, ariko yishwe n’icaha ciwe kandi nta bahungu yasize.
4 Why should our father's name disappear from his clan because he had no son? Give us property among our father's brothers." None ni co cotuma izina rya data rizimangana mu muryango wiwe ngo ni uko ata muhungu yavyaye? Turasavye umugabane mu bo mu muryango wa data.”
5 So Moses brought their case before our Father. Nuko Mose ajana ikibazo cabo imbere y’Uhoraho
6 And our Father said to Moses: hanyuma Uhoraho amubwira ati:
7 "Zelophehad's daughters are right. Give them a hereditary portion among their father's brothers, and transfer their father's inheritance to them. “Ivyo abakobwa ba Zelofehadi bavuga ni vyo. Uze ubahe itongo nk’iragi muri ba sewabo, umugabane wa se uwubahe.
8 Say to the Israelites: If a man dies without a son, transfer his inheritance to his daughter. Bwira Abisirayeli uti: ‘umuntu niyapfa adasize umuhungu, umugabane wiwe uze uhabwe umukobwa wiwe.
9 If he has no daughter, you are to give his inheritance to his brothers. Niyaba adafise umukobwa, umugabane wiwe uze uhabwe abahungu bavukana na we.
10 If he has no brothers, you are to give his inheritance to his father's brothers. Niyaba adafise abahungu bavukana, uwo mugabane wiwe uze uhabwe abahungu bavukana na se wiwe.
11 If his father has no brothers, give his inheritance to his nearest relative in his clan, who is to possess it. This is a legal statute for the Israelites, as our Father commanded Moses." Se wiwe niyaba adafise abahungu bavukana, muze muhe uwo mugabane wiwe uwo mu muryango wiwe wa hafi, kugira ngo awegukire. Iki kize kibe ikintu cemewe n’amategeko mu Bisirayeli, nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.’ ”
12 Then our Father said to Moses, "Go up Mount Abarim and see the land I've given the Israelites. Nuko Uhoraho abarira Mose ati: “Duga uwu musozi wo mu misozi igize Abarimu urabe igihugu ngiye guha Abisirayeli.
13 When you see it, you too will be gathered to your people, as Aaron your brother was gathered, Niwamara kukibona, nawe nyene uzohamvya abanyu, nk’uko vyagenze kuri Aroni mukurwawe,
14 because you rebelled against my command in the wilderness of Zin, during the congregation's quarrel, to honor me as holy at the water before their eyes—the water of Meribah of Kadesh, wilderness of Zin." kuko igihe ikoraniro ryagumuka kuri ya mazi yo mu bugaragwa bw’i Zini, mwempi ntimwumviye itegeko ryanje ngo mumpeshe icubahiro nk’Uwera imbere y’amaso yabo.” (Ayo ni ya mazi y’i Meriba i Kadeshi, mu bugaragwa bw’i Zini.)
15 Moses spoke to our Father, saying: Mose abarira Uhoraho ati:
16 "May the Father of the spirits of all flesh appoint a man over the congregation, “Icompa Uhoraho, Imana y’impwemu z’abantu bose, agashiraho umuntu wo kurongora ubu bwoko
17 who goes out before them and comes in before them, who leads them out and brings them in, so our Father's assembly will not be like sheep without a shepherd." kugira ngo abaje imbere amaja n’amaza, uwuzobarongora basohotse canke binjira, kugira ngo abantu b’Uhoraho ntibabe nk’intama zitagira umwungere.”
18 So our Father told Moses, "Take Joshua son of Nun, a man with the Spirit of our Father in him, and lay your hand on him. Nuko Uhoraho abarira Mose ati: “Jana Yosuwa mwene Nuni, umuntu arimwo Mpwemu, umurambikeko ikiganza.
19 Have him stand before Eleazar the priest and the whole assembly, and commission him before their eyes. Umuhagarike imbere ya Eliyazeri umuherezi n’ishengero ryose umushikirize ibikorwa imbere yabo.
20 Give him some of your authority, so that the whole congregation of the Israelites will obey him. Umuhe ku bubasha bwawe kugira ngo ishengero ry’Abisirayeli bose baze bamwumvire.
21 He will stand before Eleazar the priest, who will consult the Urim's judgment for him before our Father. At Eleazar's word they will go out, at his word come in—he, all the Israelites with him, the whole congregation." Aze ahagarare imbere ya Eliyazeri umuherezi, kuko ari we azomushikiriza ingingo zivuye k’Uhoraho, azoronka akoresheje ubupfindo bwa Urimu. Ategetse we n’Abisirayeli bose bazosohoka, ategetse bazokwinjira.”
22 Moses obeyed our Father's command: he took Joshua and stood him before Eleazar the priest and the entire assembly. Mose akora nk’uko Uhoraho yari yamutegetse. Ajana Yosuwa amuhagarika imbere ya Eliyazeri umuherezi n’ikoraniro ryose.
23 He laid his hands on him and commissioned him, as our Father had spoken through Moses. Maze amurambikako ibiganza aca aramutuma, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse biciye muri Mose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]