Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then the Israelites set out and camped in the plains of Moab beyond the Jordan, opposite Jericho. Nuko Abisirayeli bagenda berekeye ku kiyaya c’i Mowabu, baca bacumbika ku nkengera y’uruzi Yorodani hakurya y’i Yeriko.
2 Now Balak son of Zippor saw all that Israel had done to the Amorites. Maze Balaki mwene Zipori abona ivyo Abisirayeli bakoreye Abamori,
3 Moab feared the people greatly, for they were many; Moab dreaded the Israelites. Abanyamowabu baca bagira ubwoba bwinshi kuko Abisirayeli bari benshi. Kandi vy’ukuri Abanyamowabu baciye bihebura kubera Abisirayeli.
4 Moab said to Midian's elders, "This horde will lick up everything around us, as an ox licks up field grass." Balak son of Zippor was king of Moab then. Nuko Abanyamowabu babarira abatware b’i Midiyani bati: “Iri sinzi ry’aba bantu bagiye kurigata ibintu vyose bidukikuje, baturigate nk’uko inka irisha ubwatsi.” Nuko Balaki mwene Zipori ari we yari umwami w’i Mowabu muri ico gihe,
5 He sent messengers to Balaam son of Beor at Pethor, by the Euphrates in his people's land, to summon him. He said, "Look, a people has come out of Egypt. Look, they cover the face of the land, and have settled facing me. Arungika intumwa guhamagara Balamu mwene Beyori, yari i Petori, hafi y’uruzi Efurate, iyo yavuka. Balaki aravuga ati: “Hari abantu bavuye muri Egiputa; buzuye igihugu cose kandi begereye aho ndi.
6 Come, please curse this people for me—they are stronger than I am. Maybe then I can strike them and drive them from the land, for I know: whoever you bless is blessed, and whoever you curse is cursed." Nuko rero nuze ubamvumire, kuko bandusha inkomezi. Kumbure noshobora kubanesha nkabasohora mu gihugu canje. Kuko nzi ko abo uhezagiye bahezagirwa, abo uvumye bakabako umuvumo.”
7 The elders of Moab and elders of Midian went, fortune-telling fees in their hand, and came to Balaam and told him Balak's words. Maze za ntumwa zari zigizwe n’abakuru b’i Mowabu n’i Midiyani baragenda, batwaye n’ingemu. Bashitse kwa Balamu, bamubarira ivyo Balaki yabatumye.
8 He said to them, "Stay here tonight, and I'll bring back word as God speaks to me." So the officials of Moab stayed with Balaam. Balamu ababarira ati: “Nimurare ngaha, nanje nzobabwira inyishu Uhoraho azompa.” Nuko abo bakuru b’i Mowabu bagumana na we.
9 Then our Father came to Balaam and said, "Who are these men with you?" Maze Imana iraza ibaza Balamu iti: “Abo bantu muri kumwe ni ba nde?”
10 Balaam said to our Father, "Balak son of Zippor, king of Moab, has sent word to me: Balamu yishura Imana ati: “Balaki mwene Zipori, umwami w’i Mowabu, yantumyeko ubutumwa buvuga ngo:
11 Look, the people who came out of Egypt cover the land's face. Come now, curse them for me—maybe I can fight against them and drive them out." ‘Abantu bavuye muri Egiputa buzuye igihugu cose. None nuze ubamvumire. Kumbure noshobora kubagwanya no kubirukana mu gihugu.’ ”
12 But our Father told Balaam, "Do not go with them. Do not curse the people, for they are blessed." Ariko Imana ica ibwira Balamu iti: “Ntujane na bo. Ntuze uvume abo bantu kuko bahezagiwe.”
13 Balaam got up that morning and told Balak's officials, "Return to your land—God has refused to let me go with you." Bukeye mu gitondo Balamu aravyuka abarira ba bakuru ba Balaki ati: “Nimusubire mu gihugu canyu, kuko Uhoraho yanse ko njana namwe.”
14 Moab's officials got up, went to Balak, and said, "Balaam refused to come with us." Maze ba bakuru b’i Mowabu basubira kuri Balaki baramubwira bati: “Balamu yanse kuzanana natwe.”
15 Then Balak sent officials again—more numerous and more honored than the first. Hanyuma Balaki atuma abandi bakuru benshi kuruta ba bandi babarusha n’icubahiro.
16 They came to Balaam and said, "Balak son of Zippor says: Let nothing keep you from coming to me, Bashika kwa Balamu baramubwira bati: “Balaki mwene Zipori avuze ngo: Ntihagire ikikubuza kuza iwanje,
17 for I will honor you greatly, and do whatever you say to me. So please come and curse this people for me." kuko nzoguha impembo ishimishije kandi nzokora ico uzombwira cose. Nuze umvumire aba bantu.”
18 Balaam answered Balak's servants, "Even if Balak gave me his house full of silver and gold, I cannot go beyond God's command, to do small or great. Ariko Balamu arabishura ati: “Naho Balaki yompa inzahabu n’ifeza vyuzuye inzu yiwe, sinokora ikintu na kimwe, caba kinini canke gito, ngo ndenge kw’itegeko ry’Uhoraho Imana yanje.
19 Now please, stay here tonight, you too, so I may learn what more our Father will say to me." Nuko nimurare hano nk’uko abandi bagize, nanje menye ico Uhoraho ari bumbarire.”
20 And our Father came to Balaam at night and said to him, "Since these men came to summon you, get up and go with them, but do only what I tell you." Iryo joro Imana iraza ibaza Balamu iti: “Aba bantu ko baje kuguhamagara, jana na bo, ariko uze ukore ico nzokubwira gusa.”
21 So Balaam got up in the morning, saddled his donkey, and went with the officials of Moab. Balamu avyuka mu gitondo, ategura indogoba yiwe ajana n’abo bakuru b’i Mowabu.
22 But our Father's anger burned because he went, and our Father's messenger stood in the road as Balaam's adversary. Balaam was riding his donkey, with his two servants. Ariko Imana ishavuzwa cane n’uko Balamu agiye, maze umumarayika w’Uhoraho ahagarara mu nzira ngo amutangire. Balamu yari ku ndogoba yiwe, kandi yari kumwe n’abakozi biwe babiri.
23 The donkey saw the messenger of our Father standing in the road, his sword drawn in his hand, and she turned off the road into the field. So Balaam struck the donkey to turn her back onto the road. Ya ndogoba ibona wa mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira afise inkota isokoye mu rwubati, ica irakevya ija mw’ishamba; ariko Balamu arayikubita ayisubiza mu nzira.
24 Then our Father's messenger stood in a narrow path between vineyards, a wall on each side. Nuko wa mumarayika w’Uhoraho ahagarara ahantu inzira yaga hagati y’imizabibu ibiri, hari impome zibiri ku mpande zose.
25 The donkey saw the messenger of our Father, pressed against the wall, and pressed Balaam's foot against it, so he struck her again. Ya ndogoba ibonye wa mumarayika w’Uhoraho, igerageza kumuca i ruhande yegera uruzitiro ruri ku nzira, ica ifyondera ikirenge ciwe kuri rwa ruzitiro. Nuko aca arasubira arayikubita.
26 The messenger of our Father went further and stood in a narrow place with no room to turn right or left. Maze wa mumarayika w’Uhoraho arasubira yigira imbere ahagarara aho inzira yaga ata ho ishobora gukebereza, haba i buryo canke i bubamfu.
27 When the donkey saw the messenger of our Father, she lay down under Balaam; his anger flared, and he struck her with his staff. Ya ndogoba ibonye wa mumarayika w’Uhoraho, ica iryama hasi Balamu akiri kuri yo, na we aca arashavura cane aca arayikubita.
28 Then our Father opened the donkey's mouth, and she said to Balaam, "What have I done to you, that you struck me these three times?" Nuko Uhoraho yugurura akanwa ka ya ndogoba, ibwira Balamu iti: “Mbega nagukoreye iki ko umaze kunkubita gatatu kose?”
29 Balaam said to the donkey, "You have mocked me! If I had a sword in my hand, I'd kill you now." Balamu yishura iyo ndogoba ati: “Wankinishije! Iyo mba mfise inkota, mba ndakwishe ubu nyene!”
30 The donkey said to Balaam, "Am I not your donkey, the one you've ridden all your life until today? Have I ever treated you this way before?" He said, "No." Ya ndogoba yishura Balamu iti: “Mbega sindi indogoba yawe, iyo wahora ugenderako, gushika uwu musi? Mbega nari bwagukorere nk’ibi?” Arishura ati: “Oya.”
31 Then our Father opened Balaam's eyes, and he saw our Father's messenger standing in the road, sword drawn in hand, and he bowed low and fell facedown. Nuko Uhoraho yugurura amaso ya Balamu, abona wa mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira yasokoye inkota mu rwubati. Aca arunama aryama hasi.
32 The messenger of our Father said to him, "Why have you hit your donkey three times? I've come out as an adversary, because your way is reckless before me. Wa mumarayika w’Uhoraho aramubaza ati: “Wakubitiye iki iyo ndogoba yawe gatatu kose? Nzanywe no kugutangira kuko inzira uriko urajana itari yo mu maso yanje.
33 The donkey saw me and turned aside from me these three times. Had she not turned aside, I would have killed you by now and spared her life." Indogoba yambonye ica irakevya gatatu kose. Iyo idakevya, ubu mba nakwishe, ariko yo nkayireka.”
34 Balaam said to the messenger of our Father, "I have sinned—I didn't know you stood in the road to oppose me. Now if this is displeasing in your eyes, I'll turn back." Balamu yishura Umumarayika w’Uhoraho ati: “Nacumuye. Sinamenye ko uhagaze mu nzira ngo untangire. Ubu niwaba udashaka ko ngenda, nca nsubira inyuma.”
35 The messenger of our Father told Balaam, "Go with the men, but say only what I tell you." So Balaam went on with Balak's officials. Uwo mumarayika w’Uhoraho abarira Balamu ati: “Jana n’abo bantu, ariko uzovuga ivyo nkubwira gusa.” Nuko Balamu ajana n’abo bakuru ba Balaki.
36 When Balak heard Balaam was coming, he went out to meet him at the city of Moab, on the Arnon border, at the border's edge. Balaki amenye ko Balamu ariko araza, arasohoka aja kumusanganira mu gisagara c’Abanyamowabu kiri ku nkengera ya Arunoni, ku rubibe rw’igihugu ciwe.
37 Balak said to Balaam, "Didn't I send urgently to call you? Why didn't you come to me? Can I really not honor you?" Balaki abarira Balamu ati: “Mbega ko nagutumyeko ubutumwa bwihutirwa ntuze? Ni kubera iki utaje kare? Mbega wibaza ko ntashoboye kuguha ingero ikwiye?”
38 Balaam told Balak, "Look, I've come to you now—but can I say just anything? I can only speak what God puts in my mouth." Balamu arishura ati: “Ehe ndaje ubu, ariko sinshobora kuvuga ico nishakiye. Nja kuvuga ivyo Imana ija gushira mu kanwa kanje gusa.”
39 So Balaam went with Balak, and they came to Kiriath-huzoth. Nuko Balamu ajana na Balaki i Kiriyati-Huzoti.
40 Balak sacrificed cattle and sheep, sending shares to Balaam and the officials with him. Balaki atanga ibimazi vy’inka n’intama, bimwe abiha Balamu na ba bakuru bari kumwe na we.
41 In the morning Balak took Balaam and brought him up to Bamoth-baal, and from there he saw the edge of the people. Bukeye mu gitondo Balaki atwara Balamu ku musozi Bamoti-Bayali, aho ashobora kubona igice c’Abisirayeli.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]