Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Nahum 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Woe to the city of bloodshed, all full of lies and plunder—the prey never departs! Uzobona ibara, yewe wa mugwa wuzuye amaraso, wuzuye ibinyoma, wuzuye ubwambuzi, utigera uburamwo umuvyimba!
2 The crack of the whip, the rumble of wheels, galloping horses, and bounding chariots! Umve urwamo rw’ibimoko, uguhinda kw’amaguru y’imikogote, umuvuduko w’amafarasi, uguhinda kw’imikogote y’intambara!
3 Charging horsemen, flashing swords, glittering spears—a multitude of slain, a heap of corpses, bodies without end; they stumble over the dead. Ehe uwugwanira kw’ifarasi, inkota zica ibibatsi, n’amacumu ararabagirana! Hari abishwe benshi, ibirundo vy’imivyimba, n’imivyimba myinshi abantu bagenda bayitsitarako.
4 All because of the rampant prostitution of this seductive prostitute, the mistress of sorceries, who sells nations through her prostitution and peoples through her sorceries. Ivyo vyose bitewe n’ubusambanyi bwa maraya w’agahebuza, w’ubwiza bukwega, umuhinga mu mareba, yabohesheje amahanga ubusambanyi bwiwe, amoko na yo akayabohesha uburozi bwiwe.
5 "Look, I am against you,' declares the Father of heaven's armies, 'and I will lift your skirts over your face; I will show the nations your nakedness and the kingdoms your shame. “Nzokugwanya,” ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze. “Nzoduza impuzu zawe ndazigupfuke mu maso. Nzogaragariza amahanga ubwambure bwawe, isi yose ndayereke ibiteye isoni vyawe.
6 I will pelt you with filth, treat you with contempt, and make you a spectacle.' Nzokurundako ibiteye isoni, nerekane ko ukengeretse, ntume uba agatwengo.
7 And all who see you will flee from you and say, 'Nineveh is laid waste; who will grieve for her?' Where can I find comforters for you?'" Abazokubona bose bazoguhunga, bavuge bati: ‘Ninewe habaye umusaka; ni nde yoharirira?’ ”
8 Are you better than Thebes, that sat by the Nile with water all around her, whose rampart was the sea, whose wall was the waters? Mbega uruta igisagara ca Tebesi, cari ku nkengera y’uruzi Nili, gikikujwe n’amazi? Urwo ruzi ni rwo rwari rugikingiye, kandi amazi yari akibereye nk’igihome kigikingira.
9 Cush was her strength, and Egypt without limit; Put and the Libyans were among her allies. Etiyopiya na Egiputa vyari inkomezi zaco zitagira aho ziherera; Puti na Libiya vyari mu vyifatanije na co.
10 Yet she became an exile; she went into captivity. Her infants were dashed to pieces at every street corner. They cast lots for her honored men, and all her great men were bound in chains. Ariko caratewe kirafatwa, abantu baco batwarwa mu kinyago. Inzoya zaco ziciwe mu mayirabiri zihondagujwe amabuye. Abubahwa baco batwawe nk’abaja hakoreshejwe ubupfindo. Abatware baho baboheshejwe iminyororo.
11 You too will be drunk; you will go into hiding; you too will seek refuge from the enemy. Na wewe Ninewe uzoborerwa ku bw’umubabaro; urondere ingene wokwinyegeza, uhunge abansi bawe.
12 All your fortresses are like fig trees with the first-ripe figs—when shaken, they fall into the mouth of the eater. Ibihome vyawe bimeze nk’ibiti vy’imisukoni, iyo yeze ivyamwa vyayo vya mbere; barayinyiganyiza, insukoni zayo zigahungurukira mu kanwa k’uwuzirya.
13 Look, your troops are women in your midst. The gates of your land are flung wide open to your enemies; fire has devoured your bars. Ehe raba ingabo zawe zose; zisigaye zifise intege nke nk’abagore! Amarembo yawe aratamanzuye, yugururiwe abansi bawe; umuriro na wo wacagaguye ibihindizo vyayo.
14 Draw water for the siege; strengthen your fortresses; go into the clay and tread the mortar; take hold of the brick mold! Vomera mu bigega vy’amazi, amazi akwiye kuko ugiye guterwa, ukomeze ibihome vyawe! Katura ibumba, ukanyage ubudongo, ufate iforoma yo gufyatura amatafari yo kuzibira ibihengeri.
15 There the fire will devour you; the sword will cut you down; it will consume you like the young locust. Multiply yourselves like the young locust; multiply like the swarming locust! Ariko na ho nyene, umuriro uzogutongora, inkota izokurigata, nk’uko inzige zirigita ivyatsi. Nta wuzorokoka, naho mwogwira mukangana n’inzige.
16 You multiplied your merchants more than the stars of the heavens. The young locust strips the land and flies away. Wagwijije abadandaza bangana n’inyenyeri zo kw’ijuru, ariko bameze nk’inzige zitongora ibiterwa vyo mu gihugu, zaheza zikagorora amababa zikigurukira.
17 Your guards are like locusts, and your officials like clouds of locusts that settle on the walls on a cold day—when the sun rises, they fly off, and no one knows where they are. Abarinzi bawe bangana n’inzige, n’abatware bawe bangana n’inzige zirundana ku nzitiro iyo hakanye, ariko akazuba katse zikigurukira, kandi nta n’uwumenya irengero ryazo.
18 Your shepherds are asleep, king of Assyria; your nobles lie down. Your people are scattered across the mountains, with no one to gather them. Yewe mwami wa Ashuri, abungere barasinziriye kandi ntibazokwikangura; abahambaye bararuhutse ubwa nyuma. Ubwoko bwawe bushwiragiriye mu misozi, kandi nta wo kubegeranya azoboneka.
19 There is no relief for your injury; your wound is fatal. All who hear the news of you clap their hands over you—for who has not felt your endless cruelty pass over them again and again? Nta kintu coshobora kugukiza, kuko uruguma rwawe ntirushobora gukira. Abumvise ivyakubayeko bose bakoma amashi, bakwitamba ku muvyimba. Kuko ukugira nabi kwawe ata we kutasesereje.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]