Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 19 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Jesus finished these words, he left Galilee and went into the region of Judea, across the Jordan. Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca ava i Galilaya, amanuka mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani.
2 Large crowds followed him, and he healed them there. Abantu benshi baramukurikira, akirizayo abagwaye babo.
3 Pharisees came to test him, asking, "Is it lawful for a man to divorce his wife for any cause?" Bamwe mu Bafarisayo baza aho ari bashaka kumutega umutego, bamubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe bivuye ku mvo iyo ari yo yose?”
4 He answered, "Haven't you read that our Father, who made them at the beginning, made them male and female, Yesu arabishura ati: “Ntimurasoma ko mu ntango Umuremyi yabaremye ari umugabo n’umugore,
5 and said, 'So a man will leave his father and mother and cling to his wife, and the two will become one flesh'? hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’
6 So they are no longer two but one flesh; therefore, let no one separate what our Father has joined." Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
7 They said to him, "Why then did Moses command that a man give a divorce certificate and send her away?" Baramubaza bati: “None ni kuki Mose yategetse ko umugabo yandikira umugore urwandiko rwemeza ko bahukanye, hanyuma akamwirukana?”
8 He told them, "Moses let you divorce your wives because your hearts were hard, but it wasn't like that from the beginning. Yesu arabishura ati: “Mose yabemereye kwirukana abagore banyu, kuko imitima yanyu ikomantaye. Ariko mu ntango ntivyari bimeze uko.
9 I tell you: whoever divorces his wife—except for sexual sin—and marries another commits adultery." Kandi ndababwire, umuntu wese yirukana umugore atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba asambanye.”
10 The disciples said to him, "If that's the case between husband and wife, it's better not to marry." Abigishwa biwe baramubwira bati: “Aho ho rero nimba ivy’abagabo n’abagore bimeze uko, umuntu yopfuma areka kurongora.”
11 He said to them, "Not everyone can accept this word—only those it's given to. Yesu arabishura ati: “Si bose bashobora kwemera iyi nyigisho kiretse abo Imana ibishoboje.
12 There are eunuchs born that way from their mother's womb; there are eunuchs made that way by others; and there are eunuchs who made themselves so for the kingdom of our Father. Let the one who can accept this, accept it." Kuko hariho bamwe bavutse ari inkone, hari n’ababaye inkone babigizwe n’abandi, hakaba rero n’abahisemwo kutarongora kubera Ubwami bw’ijuru. Uwushobora kuvyemera avyemere.”
13 Then little children were brought to him so he could lay hands on them and pray, but the disciples rebuked those bringing them. Abavyeyi bamwe bazanye abana babo ngo Yesu abarambikeko ibiganza abasengere. Ariko abigishwa barabakankamira.
14 But Jesus said, "Let the little children come to me—don't stop them, for the kingdom of our Father belongs to ones like these." Maze Yesu arababwira ati: “Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo.”
15 And he laid his hands on them and went on from there. Amaze kubarambikako ibiganza, arabahezagira aca ava ngaho.
16 Just then a man approached him and asked, "Teacher, what good must I do to obtain eternal life?" Hanyuma haza umusore umwe, aramubaza ati: “Mwigisha, iciza nokora ni ikihe kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”
17 He said to him, "Why ask me about what is good? Only one is good. If you want to enter life, keep the commandments." Yesu aramwishura ati: “Ni kuki umbaza ivyerekeye iciza? Umwiza ni umwe. Nimba ugomba kwinjira mu bugingo, kurikiza amabwirizwa.”
18 "Which ones?" he asked. Jesus said, "Do not murder, do not commit adultery, do not steal, do not testify falsely, Na we ati: “Amabwirizwa ayahe?” Yesu aramwishura ati: “ ‘Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma,
19 honor your father and mother, and love your neighbor as yourself." wubahe so na nyoko,’ kandi ‘ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’”
20 The young man said to him, "All these I have kept. What do I still lack?" Wa musore aramwishura ati: “Ayo yose narayakurikije. None ikindi nkwiye gukora ni igiki?”
21 Jesus told him, "If you want to be complete, go, sell your possessions and give to the poor—you'll have treasure in heaven—then come, follow me." Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
22 When the young man heard this, he went away grieving, because he had great wealth. Uwo musore avyumvise, aca agenda ababaye, kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.
23 Jesus said to his disciples, "Truly, I tell you: a rich person will hardly enter our Father's kingdom. Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru.
24 I tell you again: a camel fits through the eye of a needle easier than a rich person enters our Father's kingdom." Kandi ndabisubiyemwo: vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rwo kubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana!”
25 When the disciples heard this, they were greatly astonished and asked, "Who then can be saved?" Abigishwa bavyumvise baratangara cane, hanyuma baramubaza bati: “None nimba biri uko, ni nde ashobora gukizwa?”
26 Jesus looked at them and said, "This is impossible for people, but everything is possible with our Father." Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.”
27 Then Peter said to him, "Look, we've left everything and followed you. What then will we have?" Petero aramwishura ati: “None ko twebwe twasize vyose tukagukurikira, tuzoronka iki?”
28 Jesus told them, "Truly: in the renewal, when the Son of Man sits on his glorious throne, you who followed me will also sit on twelve thrones, judging the twelve tribes of Israel. Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.
29 "Everyone who has left houses or brothers or sisters or father or mother or children or fields for my name will receive one hundred times more and inherit eternal life. Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.
30 But many who are first will be last, and many who are last will be first." Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo babe ab’imbere.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]