Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The Pharisees and Sadducees came to test him, asking him to show them a sign from heaven. Abafarisayo n’Abasadukayo baza aho Yesu ari bazanywe no kumugeza, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ububasha bwiwe.
2 He replied, "When evening comes, you say, 'The weather will be fair, for the sky is red.' Arabishura ati: “Iyo bugorovye, muravuga muti: ‘Ejo ikirere kizoba ari ciza kuko ijuru ritukuye,’
3 "And in the morning, 'Stormy today, for the sky is red and gloomy.' You know how to read the sky's face, but can't read the times' signs. kandi iyo bukeye, muravuga muti: ‘Uno musi ikirere ntikiza kuba ciza kuko ijuru ryiraburaniwe.’ Murazi kugenzura ikirere mukurikije uko ijuru risa, ariko ntimuzi kugenzura ibimenyetso vy’ibihe.
4 "An evil, unfaithful generation seeks a sign; no sign will be given except the sign of Jonah." Then he left them and went away. Abantu ba kino gihe bameze nabi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa atari ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.” Maze Yesu aca abasiga ngaho arigira.
5 When the disciples crossed to the other side, they had forgotten to bring bread. Bashitse hakurya y’ikiyaga, abigishwa biwe basanga bibagiye gutwara imikate.
6 Jesus said to them, "Watch out and beware of the yeast of the Pharisees and Sadducees." Yesu arababwira ati: “Mube maso, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”
7 They discussed this among themselves and said, "It is because we brought no bread." Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: “Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate.”
8 Aware of this, Jesus said, "Why discuss among yourselves, you of little faith, that you have no bread? Yesu amenye ivyo bariko baravugana, arababaza ati: “Mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki muriko muvuga ko mudafise imikate?
9 Still, don't you understand? Don't you remember the five loaves for the 5,000, and how many baskets you collected? Mbega n’ubu ntimuratahura? Ntimwibuka ya mikate itanu yagaburiwe abantu ibihumbi bitanu, na vya biseke mwegeranya?
10 "Or the seven loaves for the 4,000, and how many baskets you gathered? Canke ya mikate indwi yagaburiwe abantu ibihumbi bine, hamwe na vya biseke mwegeranya?
11 "Why don't you understand I wasn't talking to you about bread? Watch out for the yeast of the Pharisees and Sadducees." Ni kuki mudatahura ko ntariko ndababwira ivyerekeye imikate? Nababwiye nti: Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”
12 Then they understood that he had not told them to beware of the yeast in bread, but of the Pharisees' and Sadducees' teaching. Maze babona gutahura ko atariko ababwira kwirinda umwambiro w’imikate, ariko ko bakwiye kwirinda inyigisho z’Abafarisayo n’Abasadukayo.
13 Arriving in the area of Caesarea Philippi, Jesus asked his disciples, "Who do people say the Son of Man is?" Yesu ashitse i Kayisariya mu ntara yatwarwa na Filipo, abaza abigishwa biwe ati: “Mbega abantu bavuga ko jewe Umwana w’Umuntu ndi nde?”
14 They said, "Some say John the Baptist, others Elijah, still others Jeremiah or one of the prophets." Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri Yeremiya canke umwe mu bandi bavugishwa.”
15 He said to them, "But who do you say that I am?" Aca arababaza ati: “None mweho, muvuga ko ndi nde?”
16 Simon Peter replied, "You are the Christ, the Son of the living Father." Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”
17 Jesus replied, "Simon son of Jonah, you are blessed—flesh and blood didn't reveal this to you, but my Father in heaven. Yesu nawe aca amubwira ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.
18 "And I tell you: you are Peter, and on this rock I will build my church; the gates of the grave will not overpower it. Nanje ndakubwiye ko uri Petero; bisigura ‘urutare’, kandi ko kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.
19 "I will give you the keys of our Father's kingdom; whatever you bind on earth will have been bound in heaven, and whatever you release on earth will have been released in heaven." Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru; ico uzoboha cose kw’isi, kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico uzobohora kw’isi cose, kizoba kibohowe no mw’ijuru.”
20 Then he strictly ordered the disciples to tell no one that he was the Christ. Hanyuma aca yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ko ari we Kristo.
21 From then on, Jesus began telling his disciples he must go to Jerusalem, suffer much from the elders, chief priests, and scribes, be killed, and be raised on the third day. Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakurubakuru, n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.
22 Peter took him aside and rebuked him: "Never, Lord! This will never happen to you." Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ati: “Mwami, ntibikabe! Ivyo ntibikakubeko!”
23 But he turned and told Peter, "Get behind me, Satan! You are an obstacle to me, because you're not thinking about what our Father cares about, but what people care about." Yesu arahindukira abwira Petero ati: “Mva i ruhande Satani, herera inyuma yanje! Uri igitsitaza kuri jewe; kuko ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ariko ni ivy’abantu.”
24 Then Jesus told his disciples, "Whoever wants to come after me must deny himself, take up his cross, and follow me. Hanyuma Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.
25 "For whoever wants to save his life will lose it, but whoever loses his life for my sake will find it. Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azoburokora.
26 "What good is it if a person gains the whole world but loses his soul? Or what can a person give in exchange for his soul? Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?
27 "For the Son of Man is about to come in his Father's glory with his angels, and will then repay each person according to what they have done. Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.
28 "Truly I tell you: some standing here will not taste death until they see the Son of Man coming in his kingdom." Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]