Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses: Uhoraho abwira Mose ati:
2 "Tell the Israelites: Any Israelite, or foreigner living in Israel, who gives any of his children to Molech must surely be put to death—the people of the land are to stone him with stones. “Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe azotanga umwe mu bana biwe ngo ashikanirwe ikigirwamana Moleki aze yicwe. Abantu b’ubwoko bwanyu baze bamwicishe amabuye.
3 I myself will set my face against that man and cut him off from among his people, for giving any of his children to Molech, making my sanctuary unclean and desecrating my holy name. Igitsure canje nzogishira kuri uwo muntu kandi nzomukura mu bwoko bwiwe; kuko azoba ahumanije ahera hanje kandi atukishije izina ryanje, mu gutanga abana biwe kw’ibimazi vya Moleki.
4 If the people of the land turn a blind eye when that man gives any of his offspring to Molech, and do not put him to death, Abantu nibirabira hirya igihe uwo muntu azotanga umwe mu bana biwe kuri Moleki ntibamwice,
5 I will set my face against that man and his family, and cut him off—with all who follow him in prostitution to Molech—from among their people. nzohindukiriza igitsure canje kuri abo bantu n’imiryango yabo kandi nzobakura mu bwoko bwabo. Ivyo bizoba kuri we no ku bamukurikira mu kwihumanisha ico kigirwamana Moleki.
6 "Whoever turns to mediums or spiritists, prostituting themselves after them, I will set my face against that person and cut them off from among their people. Igitsure canje kizoba ku muntu wese ahamagara imizimu n’abapfumu akihumanisha kuvyizigira no kubikurikira. Nzomuca mu muryango wiwe.
7 "Set yourselves apart, therefore, and be holy, for I am your Father. Mwitange mube abera, kuko ndi Uhoraho Imana yanyu.
8 Keep my statutes and do them. I am your Father who makes you holy. Mugumye ivyo nabategetse kandi mubikurikize. Ni jewe Uhoraho ndabeza.
9 "Whoever curses his father or his mother must be put to death; he has cursed his father or his mother—his blood is on him. Nihagira uwo muri mwebwe avuma se canke nyina, aze yicwe. Kuko yavumye se canke nyina, amaraso yiwe azoje ku mutwe wiwe.
10 "If a man commits adultery with another man's wife—his neighbor's wife—both adulterer and adulterous woman must surely be put to death. Umugabo azosambana n’umugore w’uwundi mugabo, ni ukuvuga umugore wa mugenziwe, uwo mugabo n’uwo mugore bompi baze bicwe.
11 "A man who sleeps with his father's wife has exposed his father's nakedness; both must be put to death; their blood is on them. Umugabo niyasambana na muka se, azoba atetereje se. Uwo mugabo n’uwo mugore bompi baze bicwe; amaraso yabo azoje ku mitwe yabo.
12 "If a man sleeps with his daughter-in-law, both must be put to death; they have done a perversion; their blood is on them. Umugabo niyasambana n’umukazana wiwe, bompi baze bicwe. Kuko bazoba bakoze ikizira; amaraso yabo azoje ku mitwe yabo ubwabo.
13 "If a man lies with a male as with a woman, both have done a detestable thing; they must surely be put to death; their blood is on them. Umugabo niyasambana n’uwundi mugabo nk’uko umugabo asambana n’umugore, bompi bazoba bakoze ivyo kwankwa urunuka. Baze bicwe; amaraso yabo azoje ku mitwe yabo ubwabo.
14 "If a man takes a woman and her mother, that is evil; burn him and them with fire, so no evil remains among you. Umugabo niyarongora umugore na nyina w’uwo mugore, ico ni ubuyobe, yaba uwo mugabo, baba abo bagore, bose baze baturirwe, kugira ngo mukure ubuyobe muri mwebwe.
15 "If a man has sex with an animal, he must be put to death, and you must kill the animal. Umugabo niyasambana n’igikoko, aze yicwe, kandi n’ico gikoko muze mucice.
16 "If a woman approaches any animal to mate with it, kill the woman and the animal; both must be put to death; their blood is on them. Umugore niyasambana n’igikoko, muze mwice uwo mugore n’ico gikoko. Vyompi bize vyicwe kandi amaraso yavyo azoje ku mutwe wiwe n’uw’ico gikoko.
17 "If a man marries his sister, his father's or mother's daughter, and they have sexual relations, it is a disgrace; they must be cut off before their people. He has exposed his sister; he bears his guilt. Umugabo niyarongora mushikiwe, yaba uwo bavukana kuri se canke kuri nyina, bakaryamana, ni agatetereza. Baze bakurwe imbere yanyu. Kuko azoba yatetereje mushikiwe, azobizire.
18 "If a man sleeps with a woman during her period, he exposes her flow, and she uncovers its source; both are cut off from their people. Umugabo niyaryamana n’umugore ari mu miziro y’ukwezi, aze azire ko yerekanye isoko y’amaraso y’uwo mugore, uwo mugore na we ko yemeye kwiyambura no kuyerekana. Bompi baze bakurwe mu bwoko bwabo, kuko bemeranije kwerekana isoko y’amaraso y’uwo mugore.
19 "Do not have sex with your mother's or father's sister—that disrespects a close relative; they will bear their guilt. Ntihaze hagire uwuryamana na nyinabo canke na inasenge, kuko kwoba ari ugutetereza incuti ya hafi; kandi bompi ntibaze babure kubizira.
20 A man who sleeps with his uncle's wife disrespects his uncle; they will bear their sin and die childless. Umugabo niyaryamana na muka sewabo canke na muka inarume, azoba atetereje sewabo canke inarume. Bompi bazobizira; bazopfa batavyaye.
21 "If a man marries his brother's wife, it is impurity; he exposed his brother's nakedness; they will be childless. Umugabo niyarongora muramuwe, kizoba ari igikorwa gitera guhumana. Nta mwana bazoronka, kuko azoba atetereje uwo bavukana.
22 "Keep all my statutes and all my rules, and do them, so the land I'm bringing you to live in won't vomit you out. Muze muzigame ivyo nabategetse vyose, n’amabwirizwa yanje yose, kandi muze mubikurikize, kugira ngo igihugu ngiye kubaha ntikize kibadahwe.
23 You must not adopt the customs of the nation I am driving out before you, because they did all these things, and I detested them. Ntimuze mukore ivyo amahanga ngiye gusohora imbere yanyu akora, kuko yakoze ivyo vyose nababujije, nanje nca ndayazinukwa.
24 I have told you: you will inherit their land; I myself will give it to you to possess, a land flowing with milk and honey. I am your Father, who set you apart from the peoples. Ariko mwebwe nababwiye nti: “Muzoragwa igihugu cabo; nzokibaha nk’iragi, ico gihugu gitemba amata n’ubuki.” Ndi Uhoraho Imana yanyu, yabatoranije mu yandi mahanga.
25 "So distinguish clean animals from unclean, and unclean birds from clean. Do not make yourselves detestable by any animal, bird, or thing crawling on the ground that I have set apart for you as unclean. Mukwiye rero gutandukanya ibikoko bihumanye n’ibidahumanye, n’ibiguruka bihumanye n’ibidahumanye. Ntimuze mwihumanishe igikoko na kimwe canke ikiguruka na kimwe canke igikwega inda hasi, ivyo nababwiye ko bihumanye kuri mwebwe.
26 Be holy to me, for I, your Father, am holy, and I have set you apart from the peoples to be mine. Mumbere abera kuko jewe, Uhoraho, ndi uwera, kandi nabatoranije mu yandi mahanga ngo mumbere ihanga niharije.
27 "A man or woman who is a medium or spiritist must be put to death—stoned; their blood is on them." Umugabo canke umugore ahamagara imizimu canke abapfumu ari muri mwebwe aze yicwe. Muze mumwicishe amabuye; amaraso yiwe azoje ku mutwe wiwe ubwiwe.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]