Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 1 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Ikimazi co guturirwa

1Uhoraho ahamagara Mose ari mw’Ihema ry’Ibonaniro, aramubwira ati: 2“Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Umuntu wese muri mwebwe azogomba gushikanira Uhoraho ishikanwa, azomushikanire igitungwa akuye mu bitungwa bininibinini canke bitobito.

3Ico kimazi nicaba ari ico guturirwa kivuye mu bitungwa bininibinini, gitegerezwa kuba ari ishuri itagira agasembwa. Aze akijane imbere y’ihema ry’ibonaniro kugira ngo Uhoraho amwemere. 4Aze arambike ikiganza ciwe ku mutwe w’ico kimazi co guturirwa, hanyuma Uhoraho azokwemera ko gipfuye mu gishingo ciwe ngo kibe impongano y’ivyaha vyiwe. 5Azoce akererera iyo shuri imbere y’Uhoraho, maze abaherezi bene Aroni baze bazane amaraso yayo bayamije ku mpande zose z’igicaniro imbere y’ihema ry’ibonaniro. 6Hanyuma azoce akura urusato kuri ico kimazi, agicemwo ibihimba. 7Abahungu ba Aroni umuherezi bazoce bacana umuriro ku gicaniro bashireko inkwi. 8Hanyuma abo baherezi bene Aroni baze bashire vya bihimba vyose kuri za nkwi ziri ku gicaniro, harimwo umutwe n’ibinure vyaco. 9Aze yogeshe amazi ivyo mu nda n’amaguru, hanyuma umuherezi abituririre vyose ku gicaniro, nk’ikimazi co guturirwa, gitanzwe biciye mu guturirwa, ishikanwa rimota neza rinezera Uhoraho.

10Ico kimazi nicaba ari ico guturirwa kivuye mu mukuku, ari impene canke intama, aze atange isuguru itagira agasembwa. 11Aze ayikererere ku ruhande ruherereye mu buraruko bw’igicaniro imbere y’Uhoraho, hanyuma abaherezi bene Aroni baze bamijagire amaraso y’iyo suguru ku mpande zose z’igicaniro. 12Aze ayihimbaguremwo ibihimba, hanyuma umuherezi abitondeke ku nkwi ziriko zirakira ku gicaniro, harimwo umutwe n’ibinure vyayo. 13Aze yogeshe amazi ivyo mu nda n’amaguru, hanyuma umuherezi abituririre vyose ku gicaniro, nk’ikimazi co guturirwa, gitanzwe biciye mu guturirwa, ishikanwa rimota neza rinezereza Uhoraho.

14Ico kimazi co gushikanira Uhoraho nicaba ari ico guturirwa kivuye mu biguruka, aze atange inuma canke intunguru ikiri nto. 15Umuherezi aze ayizane ku gicaniro, ayihotore izosi, ayice umutwe, awuturirire ku gicaniro, hanyuma areke amaraso yayo atembere ku ruhande rumwe rw’igicaniro. 16Aze akureko agatorero n’ibirimwo vyose agaterere ku ruhande rwo mu buseruko bw’igicaniro, ahari umunyota. 17Aze asaturemwo kubiri iyo nyoni, ayisaturire hagati y’amababa mu gukwega umubiri wayo, ariko ntaze atandukanye ivyo bice bibiri, hanyuma umuherezi aze ayituririre ku nkwi ziriko zirakira ku gicaniro, nk’ikimazi co guturirwa, gitanzwe biciye mu guturirwa, ishikanwa rimota neza rinezereza Uhoraho.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]