Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 On that day Deborah and Barak son of Abinoam sang this song: Uwo musi Debora na Baraki mwene Abinowamu baca bariririmba indirimbo bavuga bati:
2 "When the leaders lead in Israel, when the people willingly offer themselves—praise our Father! “Nimuhimbaze Uhoraho, kuko habonetse intwari zirongora Isirayeli, abantu bakitanga batagoberewe.
3 Hear, O kings! Listen, O princes! I, even I, will sing to our Father; I will make music to our Father, the God of Israel. Nimwumve yemwe bami, mutege amatwi namwe batware! Ngira ndirimbire Uhoraho, ncurarangire Uhoraho, Imana ya Isirayeli.
4 Our Father, when you went out from Seir, when you marched from the land of Edom, the earth trembled, the heavens poured, the clouds poured down water. Ewe Uhoraho, igihe wava i Seyiri, ukagendagenda uvuye mu ntara ya Edomu, isi yaratigise, ijuru rirajojota, ibicu bisesa amazi.
5 The mountains quaked before our Father, the One of Sinai, before our Father, the God of Israel. Imitumba yanyiganyigiye imbere y’Uhoraho, Imana y’i Sinayi, imbere y’Uhoraho Imana ya Isirayeli ni ho yatigitiye.
6 In the days of Shamgar son of Anath, in the days of Jael, the highways were deserted, and travelers kept to the winding paths. Mu gihe ca Shamugari mwene Anati, no mu gihe ca Yayeli, abantu ntibari bagica mu mabarabara, n’ingenzi zaca mu tuyira dutoduto duca kure.
7 Village life in Israel ceased, it ceased—until I, Deborah, arose, arose a mother in Israel. Abo mu bisagara vya Isirayeli ntibashobora kugwana; gushika aho jewe Debora mpagurukiye, mpaguruka nk’umuvyeyi wa Isirayeli.
8 They chose new gods; then war came to the gates. Not a shield or spear was seen among 40,000 in Israel. Igihe bihitiramwo izindi mana, intambara yinjiye mu marembo y’igisagara, nta nkinzo canke icumu ryaboneka mu Bisirayeli mu bihumbi mirongo ine vy’ingabo.
9 My heart goes out to the commanders of Israel who offered themselves willingly among the people—praise our Father! Umutima wanje uri kumwe n’abarongozi ba Isirayeli, n’abitanze bo mu bwoko ngo baje mu ntambara. Uhoraho nashimwe!
10 You who ride on white donkeys, you who sit on saddle blankets, and you who walk along the road—tell of it! Yemwe abagendera ku ndogoba z’igitare, na mwebwe mwiyicariye ku mikeka myiza, namwe mugendera mu mabarabara, nimutege amatwi
11 Louder than the voice of those who divide the flocks at the watering places, there they recount the righteous acts of our Father, the righteous acts of his villagers in Israel. Then the people of our Father went down to the gates. indirimbo z’abungere bari ku ngomero. Bavuga intsinzi ziva ku kugororoka kw’Uhoraho, hamwe n’intsinzi y’Abisirayeli. Maze abantu baca baramanuka, baja ku marembo y’ibisagara.
12 Awake, awake, Deborah! Awake, awake, break into song! Arise, Barak! Lead away your captives, son of Abinoam. Kanguka, kanguka Debora! Kanguka, shirako uririmbe! Kanguka, yewe Baraki! Gira imbohe abanyagano bawe, yewe mwene Abinowamu!
13 Then the survivors came down to the nobles; the people of our Father came down to me against the mighty. Amasigarira y’abubahwa baramanutse, ubwoko bw’Uhoraho bwaje aho ndi ngo buhangane n’abanyenkomezi.
14 From Ephraim came those whose roots were in Amalek, following you, Benjamin, with your kinsmen; from Machir the commanders came down, and from Zebulun those who carry the marshal's staff. Bamwe baje bava mu ba Efurayimu, abatsinze Amaleki; Ababenyamini bari kumwe nawe bagukurikiye. Abakuru mu basoda bamanutse bava i Makiri, abatanga amategeko na bo bamanutse bava mu Bazebuloni.
15 The princes of Issachar were with Deborah; yes, Issachar was faithful to Barak, rushing into the valley at his heels. Among the districts of Reuben there was great searching of heart. Abaganwa ba Isakari na bo bari kumwe na Debora; ni ivy’ukuri aba Isakari bari kumwe na Baraki, barungikwa mu biyaya barongowe na we. Mu karere ka Reyubeni vyaranse ko bafata ingingo baguma mu mpari.
16 Why did you stay among the sheepfolds to hear the whistling for the flocks? Among the districts of Reuben there was great searching of heart. Ni kuki mwigumiye mu mpongore z’intama ngo mwumvirize urwamo rw’imikuku? Mu bakomoka kuri Reyubeni Vyaranse ko bafata ingingo.
17 Gilead stayed beyond the Jordan. And Dan, why did he linger by the ships? Asher sat still at the seashore, settling by his harbors. Ab’i Gileyadi bigumiye hakurya ya Yorodani. Kandi ni kuki abakomoka kuri Dani, bigumiye mu mato yabo? Abakomoka kuri Asheri bagumye bicaye ku nkengera z’ikiyaga, bisigarira mu bivuko vyabo.
18 Zebulun was a people who risked their very lives; so was Naphtali, on the heights of the field. Abakomoka kuri Zebuloni bashize ubuzima bwabo mw’irinde; n’abakomoka kuri Nafutali na bo bahangana n’urugamba mu misozi.
19 Kings came and fought; then the kings of Canaan fought at Taanach, by the waters of Megiddo, but they carried off no silver, no plunder. Abami baraje baragwana, abami b’i Kanani baragwanye. I Tanaki, hafi y’amazi y’i Megido, nta feza bashoboye kunyaga.
20 From the heavens the stars fought; from their courses they fought against Sisera. Inyenyeri zo kw’ijuru zaragwanye, zajanye inzira zazo zigwanya Sisera.
21 The river Kishon swept them away, the ancient river, the river Kishon. March on, my soul, in strength! Uruzi Kishoni rwarabatwaye bose, uruzi rwa kera cane, uruzi Kishoni! Komera, mushaha wanje, gira inkomezi!
22 Then the horses' hooves thundered—the galloping, galloping of his mighty steeds. Hanyuma humvikanye urwamo rw’ibinono vy’amafarasi, zigenda zirasimbagurika ku binono vyazo vy’inkomezi.
23 Curse Meroz," said the messenger of our Father, "bitterly curse its people, because they did not come to help him, to help our Father against the mighty." Umumarayika w’Uhoraho ati: ‘Vuma Merozi. N’abantu baho bavumwe bikomeye, kuko bataje gufasha Uhoraho, gufasha Uhoraho kugwanya abanyenkomezi.’
24 Most blessed of women be Jael, the wife of Heber the Kenite, most blessed of women in the tent. Yayeli aragahezagirwa kurusha abandi bagore bose, Yayeli umugore wa Heberi Umukayini, ahezagirwe kurusha abagore bose baba mu mahema.
25 He asked for water, and she gave him milk; in a bowl fit for nobles she brought him curds. Yamusavye amazi, ariko we amuha amata; igikombe kibereye abubahwa ni co yamuzaniyemwo urubu.
26 Her hand reached for the tent peg, her right hand for the workman's hammer. She struck Sisera, she crushed his head, she shattered and pierced his temple. Hanyuma agorora ukuboko kwiwe afata urumambo rw’ihema; ukuboko kwiwe kw’i buryo gufata inyundo y’umwubatsi. Yahonze Sisera, amumena umutwe, yaramusabije agahanga aragatobekeranya.
27 At her feet he sank, he fell, he lay still; at her feet he sank, he fell. Where he sank, there he fell—dead. Imbere y’ibirenge vyiwe Sisera arayama, aratemba, ararambarara. Imbere y’ibirenge vyiwe arayama, aratemba; aho yayamiye, ni ho yatemvye, aracikana.
28 Through the window peered Sisera's mother; behind the lattice she cried out, "Why is his chariot so long in coming? Why is the clatter of his chariots delayed?" Nyina wa Sisera yagumye arabira mw’idirisha; mu ntoboro zaryo agasemerera ati: ‘Ni kuki umukogote wiwe utevye gushika? Ni kuki umurindi w’imigote yiwe utevye kwumvikana?’
29 Her wisest ladies answer her—indeed, she keeps repeating to herself. Abagore b’incabwenge baramwishura; na we aguma yibwira ati:
30 "Are they not finding and dividing the spoil?—a girl or two for every man, plunder of dyed cloth for Sisera, plunder of dyed cloth richly embroidered, two pieces of embroidered cloth for the neck of the plunderer?" ‘Mbega ntibakiriko baratora bongera bagabura isahu: umugabo umwe wese afata umugore umwe canke babiri, impuzu z’amabara nk’isahu rya Sisera; impuzu z’amabara zisharijwe ku mpande, impuzu zisharijwe cane ku rundi ruhande, izo nzokwambara mw’izosi, izo zose zivuye mw’isahu.’
31 So may all your enemies perish, our Father! But may those who love you be like the sun rising in its strength. Then the land had peace for forty years. Uhoraho, abansi bawe bose baragahona! Ariko abagukunda bose barakamera nk’izuba iyo riserukanye inkomezi zaryo.” Nuko igihugu kimara imyaka mirongo ine kiri mu mahoro.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]