Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Once Ehud was dead, the Israelites again did evil in the eyes of our Father. Ehudi amaze gupfa Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu maso yiwe.
2 So our Father sold them into the hand of Jabin king of Canaan, who ruled in Hazor. His army commander was Sisera, who lived in Harosheth-hagoyim. Maze Uhoraho abarekurira mu maboko ya Yabini, umwami wa Kanani yaba i Hazori. Sisera ni we yari arongoye ingabo ziwe, na we akaba yaba i Harosheti-Hagoyimu.
3 Then the Israelites cried out to our Father, for Sisera had 900 iron chariots and had harshly oppressed them for twenty years. Sisera yari afise imikogote amajana icenda kandi yatwaje umukazo Abisirayeli imyaka mirongo ibiri. Maze Abisirayeli baririra Uhoraho ngo abatabare.
4 Now Deborah, a woman prophet, Lappidoth's wife, was judging Israel at that time. Hariho umugore yitwa Debora, umugore wa Lapidoti, yari umuvugishwa kandi ni we yari umucamanza w’Abisirayeli ico gihe.
5 She would sit under the Palm of Deborah between Ramah and Bethel in Ephraim's hill country, and Israelites came up to her for judgment. Yacira imanza musi y’ikigazi ca Debora hagati ya Rama na Beteli mu karere k’imisozi ya Efurayimu, Abisirayeli bakama baza aho ari ngo abatunganirize iyo bafise amatati.
6 She sent for Barak son of Abinoam from Kedesh in Naphtali and told him, "Hasn't our Father, the God of Israel, commanded you: Go, march to Mount Tabor and take with you 10,000 men from Naphtali and Zebulun. Umusi umwe atumako Baraki mwene Abinowamu yaba i Kedeshi mu ntara ya Nafutali, amubwira ati: “Uhoraho Imana ya Isirayeli akubwiye ati: ‘Genda wegeranye abasoda ibihumbi cumi bo mu ba Nafutali no mu ba Zebuloni, ubatware ku musozi Tabori.
7 I will draw out Sisera, commander of Jabin's army, to meet you at the Kishon River with his chariots and troops, and hand him over to you." Nanje nzokwega Sisera, umukuru w’ingabo za Yabini, hamwe n’imikogote yiwe n’abasoda biwe, baze ku ruzi Kishoni. Aho ni ho nzomurekurira mu maboko yawe.’ ”
8 Barak said to her, "If you go with me, I'll go; but if you won't go with me, I won't go." Baraki aramwishura ati: “Nitwajana nzogenda, ariko nitutajana sinzogenda.”
9 "I will surely go with you," she said, "but you will get no glory on the road you take, for our Father will give Sisera into the hand of a woman." So Deborah rose and went with Barak to Kedesh. Debora amwishura ati: “Nta co tuzojana. Ariko tujanye, nta cubahiro bizoguha kuko intsinzi y’Uhoraho kuri Sisera izoba ishizwe mu maboko y’umugore.” Nuko Debora ajana na Baraki i Kedeshi.
10 Barak called Zebulun and Naphtali to Kedesh; 10,000 men went up behind him, and Deborah went with him. Bashitseyo, Baraki akoranya imiryango ya Zebuloni na Nafutali. Abasoda ibihumbi cumi baramukurikira, na Debora ajana na we.
11 Heber the Kenite, one of the descendants of Hobab, Moses' father-in-law, had separated from the Kenites and pitched his tent as far as the oak in Zaanannim, near Kedesh. Hariho umuntu yitwa Heberi w’Umukayini yari yaravuye mu bandi Bakayini bo mu ruvyaro rwa Hobabu, muramu wa Mose, ashinga ihema ryiwe hafi y’igiti kinini c’i Zayananimu hafi y’i Kedeshi.
12 When they told Sisera that Barak son of Abinoam had gone up to Mount Tabor, Sisera yumvise ko Baraki mwene Abinowamu yaduze ku musozi Tabori,
13 Sisera summoned all his chariots—900 iron chariots—and all his troops, from Harosheth-hagoyim to the Kishon River. aca yegeranya imikogote yiwe yose amajana icenda hamwe n’abagwanyi biwe, baca bafata urugendo bava i Harosheti-Hagoyimu baja ku ruzi Kishoni.
14 Deborah said to Barak, "Up! Today our Father hands Sisera over to you. Has our Father not gone out ahead of you?" So Barak charged down Mount Tabor with 10,000 men behind him. Maze Debora abwira Baraki ati: “Itegure! Uyu ni wo musi Uhoraho yarekuriye Sisera mu maboko yawe, kandi Uhoraho agendera imbere yawe.” Nuko Baraki ajana abasoda biwe ibihumbi cumi, bamanuka umutumba Tabori baja kugwana.
15 And our Father routed Sisera, all his chariots and all his army, by the sword before Barak; Sisera left his chariot and fled on foot. Baraki ateye Sisera, Uhoraho na we amuca ivutu hamwe n’imikogote yiwe n’abagwanyi biwe bose, Sisera aca ava mu mukogote ahunga yiruka n’amaguru.
16 Barak chased the chariots and army to Harosheth-hagoyim, and Sisera's whole army fell by the sword; not one man survived. Ariko Baraki akurikira iyo mikogote n’abo basoda gushika i Harosheti-Hagoyimu. Abasoda ba Sisera bose bamarwa n’inkota, ntihasigara n’uwo kuvuga inkuru.
17 Meanwhile Sisera fled on foot to the tent of Jael, wife of Heber the Kenite, for Jabin king of Hazor and Heber's house were at peace. Ariko Sisera we ahunga yiruka n’amaguru, ashikira ihema rya Yayeli muka Heberi Umukayini, kuko uwo muryango wari ufitaniye ubucuti na Yabini umwami wa Hazori.
18 Jael went out to meet Sisera: "Turn in, my lord, turn in to me; don't be afraid." So he turned into her tent, and she covered him with a rug. Yayeli asohoka gusanganira Sisera, amubwira ati: “Kaze nyakwubahwa. Kandi ntihagire ico utinya.” Nuko aca yinjira muri iryo hema, Yayeli amupfuka uburengeti.
19 He said, "Please give me a little water; I'm thirsty." She opened a skin of milk, gave him a drink, and covered him again. Sisera amubwira ati: “Ndanyotewe. Impa amazi yo kunywa.” Aca amuha umukuza warimwo amata, aranywa, aca arasubira aramupfuka.
20 He said to her, "Stand at the tent entrance. If someone comes and asks, 'Is there a man here?' say, 'No.'" Sisera amubwira ati: “Hagarara mu muryango w’ihema, nihagira uwuza akakubaza ati: ‘Hari umuntu yinjiye ngaha?’ Uvuge uti: ‘Oya.’ ”
21 But Jael, Heber's wife, took a tent peg and hammer, crept up softly, and drove the peg through his temple into the ground while he lay fast asleep and exhausted. So he died. Ariko Yayeli muka Heberi aca ahitana urumambo rw’ihema n’inyundo, yinjira bukebuke, yinjira aho Sisera yari aryamye asinziriye cane kuko yari yarushe. Aca amushinga rwa rumambo rw’ihema mu mutwe, ararushimangira gushika hasi, Sisera aca arapfa.
22 Just then Barak came pursuing Sisera, and Jael went out to meet him. "Come," she said, "and I'll show you the man you're looking for." He went in with her, and there lay Sisera, dead, the tent peg through his temple. Baraki ashitse ariko arakurikira Sisera, Yayeli aramutegera, amubwira ati: “Ingo ndakwereke uwo uriko urarondera.” Aca yinjirana na we aho Sisera yari aryamye, na rwa rumambo rw’ihema rushinze mu mutwe, yapfuye.
23 On that day our Father subdued Jabin king of Canaan before the Israelites. Uwo musi Imana inesha Yabini umwami w’Umunyakanani, imbere y’Abisirayeli.
24 The hand of the Israelites pressed harder and harder on Jabin king of Canaan, until they destroyed him. Kuva ico gihe, Abisirayeli basumvya inkomezi Yabini umwami w’Umunyakanani, gushika aho bamurandura.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]