Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When all the kings beyond the Jordan—in the hill country, the lowland, and along the whole coast of the Great Sea toward Lebanon—the Hittites, Amorites, Canaanites, Perizzites, Hivites, and Jebusites heard of this, Nuko inkuru y’ivyabaye ishikira abami bose bo mu burengero bwa Yorodani, mu karere k’imisozi miremire, mu biyaya no ku nkengera z’Ikiyaga Mediterane, gushika i Libani: abami b’Abaheti, ab’Abamori, ab’Abanyakanani, ab’Abaperizi, ab’Abahiwi hamwe n’ab’Abayebusi.
2 they gathered together as one to fight against Joshua and Israel. Bose baca barakorana kugira ngo batere Yosuwa n’Abisirayeli.
3 But when the people of Gibeon heard what Joshua had done to Jericho and to Ai, Ariko abantu b’i Gibeyoni bumvise ivyo Yosuwa yakoreye Yeriko na Hayi,
4 they too acted with cunning: they set out disguised as envoys, taking worn-out sacks and old wineskins, split and patched, for their donkeys, baca bakoresha urwenge, barungikira intumwa Yosuwa, bazirungika ku ndogoba bashasheko imifuko yatabaguritse, babaha n’imikuza y’imishire imenaguritse.
5 worn, patched sandals on their feet, ragged clothes on them; all their bread was dry and crumbling. Bambara ibirato bishaje kandi biteye ibiremo, n’impuzu zitabaguritse. Imikate batwaye yose yari yumye, iyindi yaraguye ifira.
6 They went to Joshua at the Gilgal camp and told him and the Israelites, "We've come from a distant land; now make a covenant with us." Maze baja iyo Yosuwa ari mu mahema i Gilugali, bamubwira ari kumwe n’abandi Bisirayeli bati: “Tuje tuva mu gihugu ca kure cane, tuje gusaba ngo tugiriranire amasezerano y’amahoro.”
7 But Israel's men said to the Hivites, "Maybe you live right among us. How can we make a covenant with you?" Abisirayeli babwira abo Bahiwi bati: “Mbega twobwirwa n’iki ko mutari abo ngaha hafi yacu? Kuko nimba muri aba hafi, nta masezerano y’amahoro tugiriranira.”
8 They told Joshua, "We are your servants." Joshua asked, "Who are you, and where are you from?" Bishura Yosuwa bati: “Turi abasavyi bawe.” Yosuwa arababaza ati: “Muri ba nde? Muje muva he?”
9 They told him, "Your servants have come from a very distant land for the name of the LORD your God, because we have heard his fame—all he did in Egypt, Baramwishura bati: “Twebwe abasavyi banyu twaje tuva mu gihugu ca kure, kuko twumvise ingene Uhoraho Imana yanyu ahambaye, twumva n’ivyo yakoreye Egiputa.
10 and all he did to the two Amorite kings beyond the Jordan—Sihon king of Heshbon and Og king of Bashan, who reigned in Ashtaroth. Twarumvise kandi ivyo yakoreye abami babiri b’Abamori hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni umwami w’i Heshiboni na Ogi umwami w’i Bashani yaba i Ashitaroti.
11 So our elders and all our people said, 'Take provisions for the journey, go meet them, and tell them, "We are your servants; now make a covenant with us."' None abakuru bacu n’ababa mu gihugu cacu bose batubwiye bati: Nimutekere ivyo muzorira mu rugendo, mugende mubashikire mubabwire muti: Turi abasavyi banyu, nimuze tugiriranire isezerano ry’amahoro.
12 Our bread was warm when we packed it at home the day we left to come to you; now, look—it's dry and crumbling. Iyi mikate yari ishushe igihe twayitekera tuva i muhira. Ariko raba yarumye, yaramaze no kugwa ifira.
13 These wineskins were new when we filled them—now split. And our clothes and sandals are worn out from the very long journey." N’iyi mikuza yari yuzuye igihe twaza ariko ubu raba ingene imaze kumenagurika. Impuzu n’ibirato vyacu vyahereye ku nzira.”
14 So the men sampled their provisions but did not ask our Father for counsel. Maze Abisirayeli baca batangura gusuzuma ivyo bifungurwa baje bararira mu rugendo badasiguje Uhoraho.
15 Then Joshua made peace with them and cut a covenant to let them live, and the leaders of the congregation swore an oath to them. Yosuwa aca abasezeranira isezerano ry’amahoro, abarongozi b’iryo hanga na bo nyene babishigikiza indahiro.
16 Three days later, after making the covenant with them, they heard these people were neighbors living among them. Haciye imisi itatu bagiriraniye iryo sezerano, Abisirayeli baca bumva ko Ab’i Gibiyoni ari ababanyi babo, ko babana hafi.
17 The Israelites set out and reached their cities on the third day. Their cities: Gibeon, Chephirah, Beeroth, and Kiriath-jearim. Abisirayeli baca bafata urugendo, mu misi itatu bashikira ibisagara vyabo: Gibeyoni, Kefira, Beroti hamwe na Kiriyati-Yeyarimu.
18 But Israel did not attack them, because the leaders of the assembly had sworn to them by our Father, the God of Israel. And the whole assembly grumbled against the leaders. Ariko Abisirayeli ntibabaye bakibatera, kuko abarongozi b’ihanga ryabo bari babarahiye mw’izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli. Maze ikoraniro ryose ryidodombera abarongozi,
19 But all the leaders told the whole congregation, "We swore to them by our Father, the God of Israel, so now we cannot touch them. ariko abarongozi bababwira bati: “Twabarahiye mw’izina ry’Uhoraho Imana ya Isirayeli none ubu ntidushobora kubakorako.
20 This is what we will do to them: let them live, so no anger falls on us for the oath we swore to them." Iki ni co tuzobakorera: Tuzobareka babeho, kugira ngo uburake bw’Uhoraho ntibudutikize kuko twoba turenze indahiro twabarahiye.”
21 The leaders said to them, "Let them live." So they became woodcutters and water carriers for the whole community, as the leaders had promised. Barabandanya bati: “Reka babeho mugabo bazobe abo kudusaturira inkwi no kuvomera amazi ihanga ryacu.” Maze isezerano ry’abarongozi rica rirubahirizwa.
22 Then Joshua summoned them: "Why did you deceive us, saying, 'We live very far from you,' when you live right among us? Yosuwa akoranya Ab’i Gibiyoni, ababwira ati: “Ni iki catumye muduhenda muti: ‘Turi abantu ba kure cane,’ kandi muba hafi yacu?
23 So now you are cursed: you will always be servants—woodcutters and water carriers for the house of my Father." Muri musi y’umuvumo: Ntimuzigera na rimwe muva ku gikorwa co gusatura inkwi no kuvomera amazi inzu y’Imana yanje.”
24 They answered Joshua, "Your servants were clearly told that the LORD your God had ordered his servant Moses to give you the whole land and wipe out all who live in it before you. So, fearing greatly for our lives because of you, we did this. Na bo bishura Yosuwa bati: “Twebwe abasavyi bawe twabwiwe neza ingene Uhoraho Imana yanyu yari yategetse umusavyi wayo Mose ngo abahe iki gihugu cose ngo murandure abakibamwo bose. Natwe twaciye dutinya ko mwoturandura, ni co catumye dukora dutyo.
25 Now we are in your hand. Do to us whatever seems good and right in your eyes." None rero turi mu biganza vyanyu, nimutugire uko mubona bibereye.”
26 So he did for them, rescuing them from the people of Israel, and they did not kill them. Nuko Yosuwa abakiza amaboko y’Abisirayeli, ntibabica.
27 That day Joshua made them woodcutters and water carriers for the congregation and the altar of our Father at the place he would choose—and so it remains today. Kuva uwo musi aca abagira abashenyi b’inkwi n’abavomyi b’amazi y’Abisirayeli, n’abajejwe kurondera ibikenewe vyose vy’igicaniro c’Uhoraho mu kibanza azohitamwo. Kandi ivyo baracabikora kugeza n’ubu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]