Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Adoni-Zedek king of Jerusalem heard that Joshua had captured Ai and set it apart for destruction—handling Ai and its king just as he had Jericho and its king—and that Gibeon's people had made peace with Israel, now settled among them. Ico gihe Adoni-Zedeki umwami w’i Yerusalemu yumva ko Yosuwa yafashe Hayi akahasambura rwose, akahagirira nk’uko yagiriye Yeriko n’umwami waho, yumva kandi ko abantu b’i Gibeyoni bagiriraniye isezerano ry’amahoro na Isirayeli, kandi ko bifatanije na bo.
2 The people of Jerusalem were terrified, because Gibeon was a great city, like one of the royal cities, and because it was larger than Ai, and all its men were warriors. We n’abantu biwe baca bahagarika imitima kubera ivyo, kuko Gibeyoni cari igisagara gikomeye cangana na kimwe mu bisagara vy’abami, casumba Hayi mu bunini, kandi abantu baho bari abagwanyi bakomeye.
3 So Adoni-Zedek king of Jerusalem sent word to Hoham king of Hebron, to Piram king of Jarmuth, to Japhia king of Lachish, and to Debir king of Eglon, saying, Nuko Adoni-Zedeki umwami w’i Yerusalemu atumako Hohamu umwami w’i Heburoni, Piramu umwami w’i Yarimuti, Yafiya umwami w’i Lakishi, hamwe na Debiri umwami wa Eguloni.
4 "Come up to me and help me, and let us attack Gibeon, because it has made peace with Joshua and with the people of Israel." Ababwira ati: “Nimuze mumfashe gutera ab’i Gibeyoni, kuko bagiranye isezerano ry’amahoro na Yosuwa hamwe n’Abisirayeli.”
5 Then the five kings of the Amorites—the kings of Jerusalem, Hebron, Jarmuth, Lachish, and Eglon—joined forces and went up with all their armies. They encamped against Gibeon and made war against it. Nuko abo bami b’Abamori uko ari batanu; uw’i Yerusalemu, uw’i Heburoni, uw’i Yarimuti, uw’i Lakishi hamwe n’uw’i Eguloni, bakoraniriza ingabo zabo hamwe, baraduga baja gutera i Gibeyoni.
6 The men of Gibeon sent this message to Joshua at the Gilgal camp: "Don't desert your servants! Come quickly and rescue us—help us! Every Amorite king in the hill country has joined forces against us." Ab’i Gibeyoni na bo baca barungikira intumwa Yosuwa aho yari mu mahema i Gilugali, bamubwira bati: “Ntuhebe abasavyi bawe! Duga vuba udutabare! Ngwino udufashe kuko abami b’Abamori bo mu mitumba miremire bakoranye ngo badutere.”
7 So Joshua marched up from Gilgal with all his fighting men—his mighty warriors. Nuko Yosuwa aca afata urugendo ava i Gilugali ari kumwe n’abasoda biwe bose, hamwe n’abahizi biwe mu kugwana, baja i Gibeyoni.
8 And our Father told Joshua, "Don't fear them—I've given them over to you. Not one will stand before you." Uhoraho abarira Yosuwa ati: “Ntubatinye, bose nabatanze mu maboko yawe. Nta n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere.”
9 So Joshua came upon them suddenly, having marched all night up from Gilgal. Bamaze ijoro ryose bagenda bava i Gilugali, Yosuwa arabahwikira.
10 And our Father threw them into a panic before Israel, striking them with a great blow at Gibeon, chased them along the road that goes up to Beth-horon, and cut them down as far as Azekah and Makkedah. Uhoraho abateza gucika ivutu imbere y’Abisirayeli, baronka intsinzi y’agahebuza, i Gibeyoni. Abisirayeli barabakurikira mw’ibarabara riduga i Beti-Horoni, babica ingenda kugeza bashitse i Azeka n’i Makeda.
11 As they fled before Israel down the slope of Beth-horon, our Father hurled great stones on them from the sky, all the way to Azekah, and they died. More of them died from the hailstones than the people of Israel killed with the sword. Bakiriko barahunga Abisirayeli bamanuka ibarabara riva i Beti-Horoni rija muri Azeka, Uhoraho atibagura urubura rumeze nk’amabuye, abishwe n’urwo rubura basumba abishwe n’inkota y’Abisirayeli.
12 Then Joshua spoke to our Father on the day our Father gave the Amorites over to the people of Israel, and before all Israel he said: "Sun, stand still over Gibeon, and moon, over the Valley of Aijalon." Uwo musi Uhoraho aha Abisirayeli intsinzi ku Bamori, Yosuwa asenga Uhoraho ari imbere y’Abisirayeli ati: “Ewe zuba, hagarara ugume hejuru ya Gibeyoni, kandi nawe kwezi, ugume wakira hejuru y’ikiyaya ca Ayaloni.”
13 And the sun stood still, and the moon stopped, until the nation had avenged itself on its enemies. Is this not written in the Book of Jashar? The sun stopped in the middle of the sky and did not hurry to set for about a full day. Izuba rirahagarara ritikakaza, n’ukwezi kuguma aho kwari kuri, gushika abagize iryo hanga bihoye abansi babo, nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Yashari. Izuba ryagumye rihagaze hagati mu kirere, ntiryarenga, hafi umusi wose.
14 There has never been a day like it, before or since, when our Father heeded the word of a man—for our Father fought for Israel. Nta musi wigeze kubaho umeze nk’uwo kuva isi ibaho canke mu nyuma, aho Uhoraho yishura umwana w’umuntu gutyo. Mu vy’ukuri uwo musi Uhoraho ni we yagwanira Isirayeli.
15 Then Joshua and all Israel with him returned to the camp at Gilgal. Maze Yosuwa n’Abisirayeli basubira mu mahema yabo i Gilugali.
16 Now these five kings had fled and hidden themselves in the cave at Makkedah. Abo bami batanu bari bahunze binyegeza mu kinogo kirekire kiri musi y’ikibuye kinini i Makeda.
17 And Joshua was told, "The five kings have been found, hidden in the cave at Makkedah." Yosuwa yumvise ko hari ababonye abo bami ko binyegeje muri ico kinogo i Makeda,
18 So Joshua said, "Roll large stones against the mouth of the cave, and post men beside it to guard them. aca avuga ati: “Tembagariza ibibuye bininibinini mu rwinjiriro rw’ico kinogo, mushireho n’abantu bahacunge.
19 But do not stay there yourselves. Pursue your enemies and strike them from behind. Do not let them reach their cities, for your Father has given them into your hand." Ariko ntimuhagarare, mubandanye mukurikira abansi banyu, mubatere mubaciye inyuma, kandi mubabuze gushika mu bisagara vyabo, kuko Uhoraho Imana yanyu yabashize mu maboko yanyu.”
20 When Joshua and the people of Israel had struck them with a crushing blow and wiped them out—though a few survivors escaped into the fortified cities. Nuko Yosuwa n’Abisirayeli barabica barabamara, ariko bakeya bo muri bo barashobora guhunga no gushikira ibisagara vyabo bizitiye cane.
21 Then all the people returned safely to Joshua in the camp at Makkedah, and no one dared speak against any Israelite. Abasoda bose batabaruka impore, bashikira Yosuwa mu nsago z’i Makeda. Kuva ico gihe nta n’umwe yasubiriye kwubahuka kugira ico avuga kibi ku Bisirayeli.
22 Then Joshua said, "Open the mouth of the cave and bring those five kings out to me." Yosuwa aravuga ati: “Ugurura ico kinogo musohore abo bami batanu mubanzanire.”
23 So they brought the five kings out of the cave to him: the kings of Jerusalem, Hebron, Jarmuth, Lachish, and Eglon. Nuko bazana abo bami bose uko ari batanu: uw’i Yerusalemu, uw’i Heburoni, uw’i Yarimuti, uw’i Lakishi, n’uw’i Eguloni.
24 When they had brought these kings out to Joshua, he called all Israel's men and told the war commanders who'd gone with him, "Come near, put your feet on the necks of these kings." So they came near and put their feet on their necks. Abo bami babazaniye Yosuwa, aca ahamagaza abagabo bose b’Abisirayeli, abwira n’abagabisha b’ingabo zabazanye ati: “Nimuze muhonyoze ibirenge vyanyu ku mazosi y’aba bami.” Nuko baregera bahonyoza ibirenge vyabo ku mazosi yabo.
25 Joshua told them, "Don't fear or be terrified. Be strong and brave—this is what our Father will do to all the enemies you fight." Yosuwa abwira abantu biwe ati: “Ntimuze mwigere mugira ubwoba canke ngo mucike intege. Mushikame mwambare inkomezi. Uku ni ko Uhoraho azokorera abansi bose mugiye kuzogwanya.”
26 After that, Joshua struck the kings, killed them, and hung them on five trees, where they stayed until evening. Hanyuma Yosuwa aca yica abo bami uko ari batanu, aca abamanika ku biti, bagumaho gushika bwije.
27 At sunset Joshua ordered the bodies taken down from the trees and thrown into the cave where the kings had hidden. They set large stones over the cave's mouth, still there today. Izuba rirenze, Yosuwa aca atanga itegeko ryo kubamanura, babata muri ca kinogo kiri musi y’ikibuye kinini bari binyegejemwo. Mu rwinjiriro rw’ico kinogo baca bahugaza ikibuye kinini, kandi ni ho kikiri gushika n’ubu.
28 That day Joshua took Makkedah, struck it and its king with the sword, and destroyed everyone in it—no survivor left. He did to Makkedah's king as he had done to Jericho's king. Uwo musi nyene, Yosuwa afata igisagara ca Makeda aragisambura. Yicisha inkota abakibamwo bose harimwo n’umwami waho, ntiyasiga n’umwe. Yarabaranduye bose, agirira umwami w’i Makeda ivyo yagiriye umwami w’i Yeriko.
29 Then Joshua and all Israel with him moved on from Makkedah to Libnah and fought against Libnah. Inyuma y’aho, Yosuwa n’Abisirayeli baciye bava i Makeda baja i Libuna, barahatera.
30 And our Father also gave it, with its king, to Israel. Joshua struck it and every person in it with the edge of the sword, leaving no survivor. He did to its king as he had done to the king of Jericho. Na ho nyene Uhoraho atanga igisagara n’umwami waho mu maboko y’Abisirayeli. Yosuwa yicisha inkota abo muri ico gisagara n’abakibamwo, ntiyasiga n’umwe wo kuvuga inkuru. Umwami waho amugirira nk’ivyo yagiriye uw’i Yeriko.
31 Then Joshua and all Israel with him marched from Libnah to Lachish, camped against it, and fought against it. Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Libuna baja i Lakishi, barahatera.
32 And our Father gave Lachish over to Israel, and Joshua captured it on the second day, striking it and everyone in it with the sword, as he had done to Libnah. Uhoraho atanga Lakishi mu maboko y’Abisirayeli. Yosuwa ahafata ku musi ugira kabiri. Abo mu gisagara bose abaranduza inkota, nk’uko yari yabikoze i Libuna.
33 Then Horam king of Gezer came up to help Lachish, but Joshua struck him and his people down, leaving no survivor. Kandi ico gihe, Horamu umwami w’i Gezeri, yari yaje gufasha uw’i Lakishi, ariko Yosuwa amuneshanya n’ingabo ziwe, ntiharokoka n’umwe.
34 Joshua and all Israel with him moved from Lachish to Eglon, camped against it, and fought against it. Yosuwa n’Abisirayeli baca bava i Lakishi baja muri Eguloni, barahatera.
35 They captured it that day and struck it with the edge of the sword. That day he devoted to destruction every person in it, just as he had done to Lachish. Bahafata uwo musi nyene, bicisha inkota abantu bose bahaba, barabahonya, nk’uko bari babigize i Lakishi.
36 Then Joshua, with all Israel, went up from Eglon to Hebron and attacked it. Yosuwa n’Abisirayeli bose bava muri Eguloni, baduga i Heburoni, barahatera.
37 They captured it, struck it with the edge of the sword—its king, all its towns, everyone in it. He left no survivor, just as he had done to Eglon, devoting it and everyone in it to destruction. Bafata ico gisagara bacisha inkota abantu bose, harimwo umwami waho, imihana yaho n’abayibamwo bose. Nta n’umwe basigaje. Kandi nk’uko yari yabigize muri Eguloni yica abantu bose bahaba.
38 Then Joshua and all Israel with him turned back to Debir and fought against it. Inyuma y’aho Yosuwa n’Abisirayeli bose barahindukira batera i Debiri.
39 He captured it, its king, and all its villages, struck them with the sword, and devoted every person in it to destruction—no survivors. He did to Debir and its king as he had done to Hebron and to Libnah and its king. Bafata ico gisagara n’umwami waho, n’imihana yaho, babicisha inkota. Abahaba bose barabishe ntibasiga n’umwe. Akorera Debiri n’umwami waho nk’ivyo yakoreye i Libuna n’umwami waho, co kimwe na Heburoni.
40 Joshua struck the whole land—the hill country, the Negev, the lowlands, the slopes—and all their kings. He left no survivor; he destroyed everything that breathed, as our Father, the God of Israel, commanded. Uko ni ko Yosuwa yafashe ivyo bihugu vyose vyo mu karere k’imisozi miremire, i Negebu, mu biyaya vyo mu burengero biri musi y’imisozi hamwe n’imimanuko yayo, abifatana n’abami baho. Ntiyasize n’umwe. Yatikije igihumeka cose nk’uko Uhoraho Imana y’Abisirayeli yari yarabimubwiye.
41 Joshua struck them from Kadesh-barnea to Gaza, and all the land of Goshen, to Gibeon. Yosuwa arabarandura bose uhereye i Kadeshi Baruneya gushika i Gaza, no mu ntara yose kuva i Gosheni gushika i Gibeyoni.
42 Joshua took all these kings and their land at one time, because our Father, God of Israel, fought for Israel. Ivyo bihugu n’abo bami bose Yosuwa abafata mu gitero kimwe yagize kuri bo, kuko Uhoraho Imana y’Abisirayeli ari yo yabagwanira.
43 Then Joshua and all Israel with him returned to the camp at Gilgal. Maze Yosuwa n’Abisirayeli bose barahindukira basubira mu mahema yabo i Gilugali.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]