Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Joshua rose early, and he and all Israel set out from Shittim, reached the Jordan, and camped there before crossing over. Hakiri kare mu gitondo, Yosuwa n’Abisirayeli barahaguruka bava i Shitimu baja kuri Yorodani, bashingaho amahema imbere yo kujabuka.
2 Three days later the officers went through the camp, Haheze imisi itatu, abatware banyuragira muri mahema babamwo,
3 and commanded the people: "When you see the ark of the covenant of your Father carried by the Levitical priests, leave your place and follow it. babwira abantu bati: “Nimwabona Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho Imana yanyu, mukabona n’abaherezi ari bo Balewi bayireruye, bagiye, namwe muce muva aho muri muyikurikire.
4 Only keep a distance between yourselves and it, about 3,000 feet by measure; don't come near it, so you may know the way to go, since you have not traveled this way before." Kubera iyi nzira mutari bwayicemwo, bazobarongora, babaje imbere. Ariko mugendere nko ku ngero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri inyuma yabo, ntimuze muyegere.”
5 Joshua told the people, "Dedicate yourselves—tomorrow our Father will do wonders among you." Yosuwa abarira abantu ati: “Mwiyeze kuko ejo Uhoraho azokora ibitangaza bikomeye muri mwebwe.”
6 Then Joshua told the priests, "Take up the ark of the covenant and cross ahead of the people." So they took up the ark of the covenant and went ahead of the people. Yosuwa yongera abarira abaherezi ati: “Fata Isandugu y’Isezerano muje imbere y’abandi mu kujabuka.” Nuko baterura iyo Sandugu, baja imbere baragenda.
7 Our Father said to Joshua, "Today I will begin to exalt you before all Israel, so they may know that as I was with Moses, I will be with you. Uhoraho abarira Yosuwa ati: “Uyu musi ngira ntangure kugushira hejuru imbere y’Abisirayeli, kugira ngo bamenye ko ndi kumwe nawe nk’uko nari kumwe na Mose.
8 Command the priests carrying the ark of the covenant: 'When you reach the edge of Jordan's water, stand still in the Jordan.'" Barira abaherezi bareruye Isandugu y’Isezerano uti: ‘Nimwashika ku nkengera y’uruzi Yorodani, muce murutambukiramwo muruhagararemwo.’ ”
9 Joshua said to the Israelites, "Come here and listen to the words of your Father." Yosuwa abwira Abisirayeli ati: “Egera hino mwumvirize amajambo y’Uhoraho Imana yanyu.
10 Joshua said, "This is how you will know the living Father is among you: he will surely drive out before you the Canaanites, Hittites, Hivites, Perizzites, Girgashites, Amorites, and Jebusites. Iki ni co kizobamenyesha ko Imana nzima iri muri mwebwe, kandi ko izokwirukana imbere yanyu Abanyakanani, Abaheti, Abahiwi, Abaperizi, Abagirugashi, Abamori n’Abayebusi.
11 Look—the ark of the covenant of the Sovereign of all the earth crosses ahead of you into the Jordan. Raba Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho nyene isi yose igiye kuri Yorodani imbere yanyu.
12 Now then, choose twelve men from the tribes of Israel, one man from each tribe. None rero, nimutoranye abagabo icumi na babiri mu miryango y’Abisirayeli, umwumwe mu muryango.
13 When the soles of the feet of the priests carrying the ark of the Sovereign Father of all the earth come to rest in the Jordan's waters, the Jordan's waters will be cut off—the water flowing from above—and stand in one heap." Abaherezi bareruye Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho nyene isi yose nibamara guhonyoza ibirenge muri Yorodani, ruzocikamwo kabiri, amazi ntasubire gutemba, ahagarare nk’uruhome.”
14 When the people left their tents to cross the Jordan, priests carried the covenant ark ahead of them, Nuko abantu bose bamaze kuzinga amahema yabo kugira ngo bajabuke Yorodani, abaherezi baca barerura Isandugu y’Isezerano, babaja imbere.
15 as those carrying the ark reached the Jordan, and the priests' feet carrying the ark dipped in the water's edge (for the Jordan overflows all its banks all harvest days), Ico gihe hari mu gihe c’iyimbura, kandi Yorodani rwari rwarengeye inkombe zarwo. Ariko ba baherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano bamaze guhonyoza ibirenge mu mazi yo ku nkengera y’urwo ruzi,
16 the water flowing from upstream stood, rising into one heap far off at Adam, the city near Zarethan, while the water flowing down to the Sea of the Arabah, the Dead Sea, was completely cut off. So the people crossed opposite Jericho. amazi yo haruguru aca arahagarara ntiyasubira gutemba. Yiyegeraniriza hamwe kure y’aho bari, mu gisagara ca Adamu, hafi y’i Zaretani, ayo hepfo na yo abandanya amanuka aja mu kiyaga ca Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu gushika akamye. Nuko abantu baca barajabuka hakurya bashika ahegereye Yeriko.
17 The priests carrying the ark of our Father's covenant stood firm on dry ground in the Jordan's middle, while all Israel crossed on dry ground until the whole nation finished crossing the Jordan. Ico gihe abaherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho bari bahagaze bemye kw’isi yumye hagati muri Yorodani, Abisirayeli na bo bariko barajabuka gushika ihanga ryose rijabutse rica kw’isi yumutse.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]