Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Joshua son of Nun quietly sent two men from Shittim as spies: "Go, scout the land, especially Jericho." They went, entered the house of a prostitute named Rahab, and stayed there. Maze Yosuwa mwene Nuni arungika abatasi babiri mu mpisho, bava i Shitimu aho Abisirayeli bari bashinze amahema. Abawira ati: “Genda murondere amakuru y’ingene ico gihugu kimeze, na canecane i Yeriko.” Nuko baragenda binjira mu nzu kwa maraya yitwa Rahabu, basabaho indaro.
2 The king of Jericho was told, "Men came here tonight from the Israelites to scout the land." Ariko umwami w’i Yeriko aca aramenya ko hariho abantu b’Abisirayeli baje muri iryo joro gutata ico gihugu.
3 Jericho's king sent to Rahab: "Bring out the men who came to you and entered your house, for they came to scout the whole land." Aca arungika intumwa kuri Rahabu ati: “Zana abo bantu baje aho mu nzu iwawe, kuko baje gutata igihugu cacu cose.”
4 But the woman had taken the two men and hidden them, and said, "Yes, the men came to me, but I didn't know where they were from. Ariko Rahabu yari yabanyegeje. Aca ababwira ati: “Ni vyo abo bantu baje iwanje, ariko sinamenye iyo baje bava.
5 At dark, as the gate was closing, the men left. I don't know where the men went. Chase them quickly, since you'll catch them." Ku mugoroba, hageze kwugara amarembo y’igisagara, baciye bagenda, kandi sinzi inzira bajanye. Ihute mubakurikire, kumbure mwobafata.”
6 But she had brought them up to the roof and hidden them in her flax stalks laid there. Ariko yari yabanyegeje hejuru ku nzu, abapfuka ibiti bivamwo inyuzi yari yahanikiye.
7 The men chased them on the Jordan road to the fords, and once the pursuers left, the gate was shut. Ba bantu baca bafata ibarabara rija ku ruzi Yorodani ngo baje kubaronderayo. Bamaze gusohoka, irembo rica rirugarwa.
8 Before the spies lay down for the night, Rahab came up to them on the roof, Mw’ijoro, imbere y’uko abo batasi baryama, Rahabu aduga hejuru ku nzu aho bari
9 and said to them, "I know the LORD has given you the land, that dread of you fell on us, and all living in the land melt away before you. ababwira ati: “Ndazi ko Uhoraho Imana yanyu yabahaye iki gihugu, kandi ubwoba bwadutekeye, abantu bose imitima yabo yarandutse kubera ubwoba mwaduteye.
10 We heard how the LORD dried up the Red Sea before you when you left Egypt, and what you did to Sihon and Og, the two Amorite kings east of the Jordan, whom you devoted to destruction. Twarumvise ko Uhoraho yakamije Ikiyaga Gitukura ku bwanyu igihe mwariko murava muri Egiputa, turumva n’ivyo mwagiriye Sihoni na Ogi, abami babiri b’Abamori, bo mu buseruko bwa Yorodani, abo mwaranduye rwose.
11 We heard, our hearts melted, no courage left in anyone because of you, for the LORD your God is God in heaven above and earth below. Tuvyumvise, imitima yacu yacitse ivutu kubera ubwoba, kandi umuntu wese aca arihebura kubera mwebwe, kuko Uhoraho ari we Mana iganje hejuru mw’ijuru no hasi, kw’isi.
12 Now swear to me by the LORD: since I showed you kindness, show kindness to my father's house too. Give me a reliable sign, None rero, nimundahire mw’izina ry’Uhoraho ko muzogirira neza umuryango wanje, kuko ndabagiriye neza. Mumpe ikimenyetso c’ukuri
13 to spare the lives of my father, mother, brothers, sisters, and all who belong to them, and rescue us from death." ko muzokingira ubuzima bwa data n’ubwa mama, n’ubw’abo tuvukana hamwe n’ivyanje vyose, ko muzotuzigama ntidupfe.”
14 "Our lives for yours!" the men said to her. "If you do not report what we are doing, then when our Father gives us the land, we'll show you kindness and faithfulness." Ba batasi baramusezeranira bati: “Tukurahiye ubuzima bwacu nyene! Nutavuga ivyo turiko turakora hano, natwe tuzoba abizigirwa kandi tuzokugirira neza, igihe Uhoraho azoba aduhaye iki gihugu.”
15 She lowered them by rope through the window, since her house was in the city wall—she lived in the wall. Nuko, aca abururutsa ku mugozi abacishije mw’idirisha, kuko inzu yiwe yari ifatanye n’uruhome rugize uruzitiro rw’igisagara.
16 She said, "Go to the hills, or pursuers will meet you. Hide there three days until they return, then go your way." Aca ababwira ati: “Nimugende, muce mu mitumba kugira ngo ababakurikiye ntibababone. Mwinyegezeyo imisi itatu gushika bagarutse, muzoheze mubandanye urugendo rwanyu.”
17 The men said to her, "We will be free from this oath you have made us swear, Abo bagabo na bo baramubwira bati: “Indahiro twakurahiye ntizodukurikirana
18 unless, when we enter the land, you tie this scarlet cord in the window you lowered us through, and gather your father, mother, brothers, and all your father's household into the house. nitwinjira muri iki gihugu, ntidusange aka kanyuzi gatukura kw’idirisha watwururukirijeko canke nitutasanga wegeranirije umuryango wawe wose muri iyi nzu: so na nyoko, abo muvukana n’umuryango wawe wose.
19 Anyone who goes out your house doors into the street—their blood is on their own head; we're clear. But if a hand touches anyone with you inside, their blood is on our head. Nihagira uwusohoka akava mu nzu yawe, akaja mw’ibarabara, amaraso yiwe ntazoja ku mitwe yacu, si twebwe tuzoyabazwa. Ariko hagize uwugira ico aba ari mu nzu yawe, amaraso yiwe azoduharurweko.
20 If you tell what we're doing, we're released from the oath you made us swear." Kandi niwaramuka uvuze ivyo turiko turakora, indahiro waturahije ntizodufata.”
21 "Let it be as you say," she said. She sent them off; they left, and she tied the scarlet cord in the window. Rahabu na we arabishura ati: “Bibe nk’uko mubivuze.” Nuko, arabarungika bafata akayira. Aca afata ka kanyuzi gatukura, akabohera kw’idirisha.
22 They went into the hills, stayed there three days until the pursuers returned. The pursuers searched the whole road and found nothing. Ba batasi baca bafata inzira ija mu mitumba bamarayo imisi itatu gushika aho bamwe bariko barabakurikira bagarutse, babarondeye hose bakababura.
23 The two men turned back, came down from the hills, crossed over, reached Joshua son of Nun, and told him all that happened to them. Ba batasi babiri baca baramanuka bava mu mitumba, bajabuka Yorodani, maze bashitse biganira Yosuwa mwene Nuni ivyabashikiye.
24 They told Joshua, "Our Father has surely given the whole land into our hands; indeed, all who live there are melting away in fear before us." Bamubwira bati: “Ni ukuri Uhoraho yaduhaye kirya gihugu. Abantu baho bose barihebuye kubera kudutinya.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]