Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 32 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So these three men stopped answering Job, because he was righteous in his own eyes. Maze ba bagabo uko ari batatu bahagarika kwishura Yobu, kuko we ubwiwe yabona ko ari umugororotsi.
2 Then the anger of Elihu son of Barachel the Buzite, of the family of Ram, burned hot. His anger burned against Job because he justified himself rather than God. Ariko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi mu muryango w’Abaramu akarira Yobu cane kuko yari yanse kwemera ko yakoze ivyaha, kandi ntiyemera ko Imana itamurenganije mu kumuhana.
3 His anger also burned against Job's three friends, because they had found no answer and yet had condemned Job. Yongera akarira bagenziwe batatu kuko bananiwe no gutsinda Yobu ariko bakagiriza ikibi Imana.
4 Now Elihu had waited to speak to Job because the others were older than he. Elihu yari yabanje kureka bagenziwe baravuga, kuko bamusumba mu myaka.
5 But when Elihu saw that these three men had nothing to say, his anger burned. Ariko abonye amajambo yabaheranye, uburake bwiwe buraziriringa.
6 So Elihu son of Barachel the Buzite spoke up and said: "I am young in years, and you are old; that is why I held back, afraid to tell you what I know. Maze Elihu mwene Barakeli w’i Buzi, aravuga ati: “Jewe ndi muto mu myaka, mwebwe murakuze cane. Ni co gituma nigumije, sinubahuka kubabwira ico niyumvira.
7 I thought, 'Let age speak, and many years teach wisdom.' Nahora nibaza nti: ‘Aba kera ni bo bakwiye kuvuga, kandi abo hambere ni bo bakwiye kwigisha ivy’ubwenge.’
8 But it is the spirit in a person, the breath of the Almighty, that gives understanding. Ariko nasanze ari impwemu y’Imana iba mu muntu, itanga ugutahura.
9 It is not the old who are wise, nor the elderly who understand what is right. Abatama si bo bonyene bazi ubwenge, n’abakuze si bo bonyene bafise ugutahura.
10 So I say, listen to me; I too will tell what I know. Ni co gituma ndababwira nti: Nimunyumvirize, nanje ndababwire ico niyumvira.
11 Look, I waited for your words; I listened for your reasoning while you searched for what to say. Nabarindiriye mukiriko muravuga, nkiyumvira ku vyiyumviro vyanyu, mukirondera amajambo mukoresha.
12 I gave you my full attention; but not one of you proved Job wrong or answered his arguments. Nabumvirije neza mwese, ariko nta n’umwe nigeze numva atsinda Yobu, canke ngo ashobore kumwishura ku majambo yiwe.
13 So do not say, 'We have found wisdom; let God refute him, not man.' Kandi ntimumbwire muti: ‘Twasanze ari umunyabwenge, none reka Imana yo nyene ibe ari yo imwiyishurira.’
14 Job has not marshaled his words against me, and I will not answer him with your arguments. Iyaba Yobu yariko araharira nanje, sinari kumwishura mu majambo nk’ayanyu.
15 They are dismayed and have no more to say; words have failed them. Ehe raba murumiwe, murabuze ico musubizayo.
16 Must I wait, now that they are silent, now that they stand there with no reply? None ngume numye ko mwabuze ico muvuga, ko mbona muhagaze ata co muvuga?
17 I too will have my say; I too will tell what I know. Nanje ndafise ico novuga, reka ndababwire ico niyumvira.
18 For I am full of words; the spirit within me compels me. Kuko numva nuzuye amajambo, kandi numva umutima unsunikira kuyavuga.
19 Inside, I am like wine that has no vent, like new wineskins ready to burst. Numva meze nk’umukuza w’urusato wuzuye umuvinyu mushasha, uvyimvye, ugomba guturika.
20 I must speak and find relief; I must open my lips and answer. Reka mvuge kugira ngo ntenzukirwe. Reka nteranure akanwa kanje nishure.
21 I will show no partiality to anyone, and I will flatter no one; Ngira mvuge ata ho mpengamiye, kandi nta n’umwe nshobora guhema,
22 for I do not know how to flatter—if I did, my Maker would soon take me away." kuko iyaba nari nzi guhemana, umuremyi wanje yondanduye nk’aka kanya.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]