Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 There was a man in the land of Uz whose name was Job, and that man was blameless and upright, one who feared God and turned away from evil. Mu gihugu citwa Uzi habaye umugabo yitwa Yobu. Yari umugororotsi atagira umugayo, yubaha Imana kandi yagendera kure y’ikibi cose.
2 Seven sons and three daughters were born to him. Yari afise abahungu indwi n’abakobwa batatu.
3 He owned 7,000 sheep, 3,000 camels, 500 teams of oxen, and 500 female donkeys, with a very large household of servants, so that this man was the greatest of all the people of the east. Yari atunze intama ibihumbi indwi, ingamiya ibihumbi bitatu, impfizi z’inka zirima igihumbi, indogoba zivyara amajana atanu, akagira n’abakozi benshi cane. Yari umutunzi wa mbere mu bantu bo mu buseruko bwa Yorodani.
4 His sons would go and hold a feast in the house of each one on his day, and they would send for their three sisters and invite them to eat and drink with them. Abahungu biwe bama bakurakuranwa kugira imisi mikuru i muhira iwabo, bagatumira na bashiki babo batatu, bagasangira.
5 When the days of feasting had run their course, Job would send for them and consecrate them, rising early in the morning to offer burnt offerings for each of them. For Job thought, "It may be that my children have sinned and cursed God in their hearts." This is what Job always did. Ibihe vy’imisi mikuru yabo biheze, Yobu yaca atumako abana biwe ngo abeze. Yarazinduka kare mu gitondo agatangira ikimazi co guturirwa umwe wese muri bo, kuko yibwira ati: “Kumbure abana banje boba bacumuye bagatuka Imana mu mitima yabo.” Ivyo Yobu yama abikora nk’umugenzo wiwe.
6 Now there was a day when the members of the heavenly court came to present themselves before our Father, and Satan also came among them. Umusi umwe abana b’Imana baja imbere y’Uhoraho, na Satani na we azanana na bo.
7 Our Father said to Satan, "Where have you come from?" Satan answered our Father, "From roaming the earth and walking back and forth across it." Uhoraho abaza Satani ati: “Uvuye hehe?” Satani yishura ati: “Mvuye kugendagenda kw’isi nihweza ibihabera.”
8 Our Father said to Satan, "Have you considered my servant Job? There is no one like him on the earth—a blameless and upright man who fears God and turns away from evil." Uhoraho abaza Satani ati: “Mbe wabonye umusavyi wanje Yobu? Nta muntu n’umwe ameze nka we kw’isi. Ntagira umugayo kandi ni umugororotsi; ni umuntu yubaha Imana akanka ikibi cose.”
9 Satan answered our Father, "Does Job fear God for nothing? Satani yishura Uhoraho ati: “Erega Yobu ntiyubaha Imana ku busa gusa.
10 Have you not put a hedge around him and his household and everything he has, on every side? You have blessed the work of his hands, and his possessions have spread out across the land. Wamubereye nk’igihome kimukingira impande zose, we n’umuryango wiwe wose. Wahezagiye ibikorwa vy’amaboko yiwe, bituma ibitungwa vyiwe vyuzura mu gihugu cose.
11 But stretch out your hand and strike everything he has, and surely he will curse you to your face." Ariko hamwe woramvura ukuboko kwawe, ukamwaka ivyo afise vyose, nta nkeka yoca akuvuma imbonankubone.”
12 Our Father said to Satan, "Very well—everything he has is in your power. Only do not lay a hand on the man himself." So Satan went out from the presence of our Father. Uhoraho abarira Satani ati: “Ehe nshize ivyo atunze vyose mu maboko yawe, ariko ubuzima bwiwe ntubukozeko n’urutoke.” Nuko Satani ava imbere y’Uhoraho, aragenda.
13 Now there was a day when Job's sons and daughters were eating and drinking wine in the house of their oldest brother, Umusi umwe abahungu n’abakobwa ba Yobu bari mu misi mikuru, barya bongera banywa umuvinyu i muhira ku muhungu mukuru,
14 and a messenger came to Job and said, "The oxen were plowing and the donkeys were grazing beside them, maze haza umuntu abwira Yobu ati: “Inka zariko zirarima n’indogoba zariko zirarisha hafi yazo,
15 when the Sabeans attacked and carried them off, and they struck down the servants with the edge of the sword. I am the only one who escaped to tell you." hanyuma haza Abasabeyani barazitwara zose. Abakozi bose babicishije inkota. Ni jewe jenyene nje kukubwira iyi inkuru narokotse!”
16 While he was still speaking, another came and said, "The fire of God fell from heaven and burned up the sheep and the servants and consumed them. I am the only one who escaped to tell you." Akiriko aravuga, haza uwundi avuga ati: “Umuriro w’Imana watibutse uvuye mw’ijuru, uturira intama zose n’abungere bazo. Ni jewe jenyene nje kukubwira iyi inkuru narokotse!”
17 While he was still speaking, another came and said, "The Babylonians formed three raiding parties, swept down on the camels and carried them off, and they struck down the servants with the edge of the sword. I am the only one who escaped to tell you." Na we nyene akiriko aravuga, haza uwundi avuga ati: “Abakaludaya baje bari mu mice itatu, batwara ingamiya zawe zose. Abungere bazo bose babicishije inkota. Ni jewe jenyene nje kukubwira iyi inkuru narokotse!”
18 While he was still speaking, another came and said, "Your sons and daughters were eating and drinking wine in the house of their oldest brother, Na we nyene akiriko aravuga, haza uwundi avuga ati: “Abahungu bawe n’abakobwa bawe bari mu misi mikuru barya bongera banywa umuvinyu mu rugo rw’umuhungu mukuru,
19 when suddenly a great wind swept in from across the wilderness and struck the four corners of the house. It collapsed on the young people, and they are dead. I am the only one who escaped to tell you." hanyuma haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye cane uturutse mu bugaragwa, unyiganyiza inzu ku mpande zayo zose. Yabaguyeko none bapfuye bose. Ni jewe jenyene nje kukubwira iyi inkuru narokotse!”
20 Then Job arose, tore his robe, shaved his head, and fell to the ground and worshiped. Yobu yumvise ivyo vyose aca arahaguruka yitabagurirako impuzu, yimosha umushatsi wose, yubama hasi asenga Uhoraho
21 He said, "Naked I came from my mother's womb, and naked I will return. Our Father gave, and he has taken away; blessed be his name." ati: “Navuye mu nda ya mama ndi gusa, kandi nzogenda ata co nambaye. Uhoraho ni we yatanze kandi ni we yatwaye; izina ry’Uhoraho rihimbazwe.”
22 In all this Job did not sin or charge God with wrongdoing. Muri ivyo vyose, Yobu ntiyigeze acumura ngo yagirize Imana ikibi na kimwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]