Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 43 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Jeremiah finished telling all the people all the words of their Father—all the words their Father sent him to speak to them. Yeremiya ahejeje kubwira abantu amajambo yose y’Uhoraho Imana yabo, ivyo Uhoraho yari yamutumye ngo ababwire vyose,
2 Azariah son of Hoshaiah, Johanan son of Kareah, and all the arrogant men said to Jeremiah, "You are lying! Our Father did not send you to say, 'Do not go settle in Egypt.' Azariya mwene Hoshaya na Yohanani mwene Kareya n’abantu bose b’ubwibone babwira Yeremiya bati: “Urabesha! Uhoraho Imana yacu ntiyagutumye kuvuga ngo: ‘Ntimuje muri Egiputa kubayo.’
3 No, Baruch son of Neriah is inciting you against us, to hand us to the Babylonians to kill us or exile us to Babylon." Ariko Baruki mwene Neriya ni we akuduteranyako ngo adutange mu maboko y’Abanyababiloni, kugira ngo batwice canke batujane turi inyagano i Babiloni.”
4 So Johanan son of Kareah, all the force commanders, and all the people disobeyed our Father's voice to stay in the land of Judah. Nuko Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose n’abantu bose bagarariza icagezwe c’Uhoraho co kuguma mu gihugu c’i Buyuda.
5 So Johanan son of Kareah and all the force commanders took the whole remnant of Judah who had returned from all the nations where they were scattered, to live in Judah's land. Mbere Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo baca barongora amasigarira yose y’i Buyuda yari yagarutse kuba mu gihugu c’i Buyuda bavuye mu mahanga yari yasanzariyemwo barabajana.
6 The men, women, children, the king's daughters, and everyone Nebuzaradan the captain of the guard had left with Gedaliah son of Ahikam, son of Shaphan, along with Jeremiah the prophet and Baruch son of Neriah. Bajana abagabo bose, abagore, n’abana n’abakobwa b’umwami abo Nebuzaradani umukuru w’ingabo zirinda umwami yari yasigaranye Gedaliya mwene Ahikamu, mwene Shafani, na Yeremiya uwavugishwa n’Imana na Baruki mwene Neriya.
7 So they entered Egypt, disobeying our Father's voice, and came as far as Tahpanhes. Nuko binjira muri Egiputa ntibumvira Uhoraho baca baragenda gushika i Tafanihesi.
8 Then the word of our Father came to Jeremiah in Tahpanhes: Bari aho i Tafanihesi ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya riti:
9 "Take large stones in your hand and bury them in the clay, in the brick pavement at the entrance to Pharaoh's palace in Tahpanhes, as the men of Judah watch. “Fata amabuye maninimanini uyahambe mw’ibumba, Abayuda bose bariko barakuraba, mu musezero w’amatafari mu rwinjiriro rw’ikirimba ca Farawo i Tafanihesi.
10 Then tell them: 'This is what the Father of heaven's armies, our Father of Israel, says: I am sending for my servant Nebuchadnezzar king of Babylon, and I will set his throne over these stones I buried here, and he will spread his royal canopy over them. Maze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: Nzorungika umushumba wanje Nebukadineza umwami w’i Babiloni, kandi nzoshira intebe y’ubwami yiwe kuri aya mabuye nahamvye aha; azosasa umusezero wiwe w’ubwami hejuru yayo.
11 He will come and strike Egypt: death for those meant to die, captivity for those meant for captivity, the sword for those meant for the sword. Azoza atere Egiputa, yice abagerewe gupfa, afate mpiri abagerewe gufatwa mpiri, yicishe inkota abagerewe kwicishwa n’inkota.
12 I will set fire to the temples of Egypt's gods; Nebuchadnezzar will burn them and carry them off. He will wrap the land of Egypt around himself like a shepherd wrapping his cloak, and leave there unharmed. Azotongoza umuriro ingoro z’imana zo muri Egiputa; azoturira ingoro zazo atware mu kinyago imana zaho. Nk’uko umwungere yizingirako umutamana wiwe, ni ko na we azokwizingirako Egiputa aheze yigire anesheje.
13 He will shatter the sacred pillars of Heliopolis in the land of Egypt and burn the temples of Egypt's gods.'" Harya mu ngoro y’ikigirwamana c’izuba muri Egiputa azosenyura inkingi zaco atongoze umuriro ingoro z’imana zo muri Egiputa.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]