Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 41 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the seventh month Ishmael son of Nethaniah, son of Elishama, of royal lineage and a king's chief officer, came with ten men to Gedaliah son of Ahikam at Mizpah. There they ate a meal together at Mizpah. Mu kwezi kugira indwi Ishimayeli mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, wo mu muryango w’abami akaba yari yahoze ari umwe mu batware b’umwami, aza azananye n’abagabo icumi kwa Gedaliya mwene Ahikamu i Misipa. Bakiriko barasangirira hamwe aho nyene,
2 Ishmael son of Nethaniah got up, along with the ten men with him, and they struck Gedaliah son of Ahikam, son of Shaphan, with the sword, killing the man the king of Babylon had appointed over the land. Ishimayeli mwene Netaniya na ba bagabo cumi bari kumwe na we bava hasi bicisha inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, bica uwo umwami w’i Babiloni yari yagenye ngo abe umutware w’intara y’i Buyuda.
3 Ishmael also killed all the Jews with Gedaliah at Mizpah, and the Babylonian soldiers found there—the fighting men. Ishimayeli yica n’Abayuda bose bari kumwe na Gedaliya i Misipa, hamwe n’abasoda b’Abanyababiloni bari aho.
4 On the second day after Gedaliah had been killed, before anyone knew of it, Haciye umusi umwe Gedaliya agandaguwe, ata n’umwe arabimenya,
5 eighty men from Shechem, Shiloh, and Samaria came—beards shaved, clothes torn, bodies slashed—carrying grain offerings and incense to our Father's house. abagabo mirongo umunani bari bimosheje inkomvorera ubwanwa bwabo, bitabaguriyeko impuzu zabo kandi bikebaguye baza bavuye i Shekemu, Shilo n’i Samariya, bazanye amashikanwa y’ifu n’ibimota neza mu Ngoro y’Uhoraho.
6 Ishmael son of Nethaniah left Mizpah to meet them, weeping as he went. On meeting them he said, "Come to Gedaliah son of Ahikam." Ishimayeli mwene Netaniya arasohoka ava i Misipa aja kubasanganira, agenda arira ingenda. Ahuye na bo, avuga ati: “Nimuze kwa Gedaliya mwene Ahikamu murabe ivyamushikiye.”
7 When they came into the city's midst, Ishmael son of Nethaniah and his men killed them, throwing them into the cistern's midst. Binjiye mu gisagara, Ishimayeli mwene Netaniya n’abagabo bari kumwe na we babicisha inkota baca babaterera mu kinogo kibika amazi.
8 Ten of them told Ishmael, "Don't kill us—we have wheat, barley, oil, and honey hidden in the field." So he spared them, not killing them with the rest. Ariko icumi muri bo babwira Ishimayeli bati: “Ntutwice! Turafise ingano na sayiri, amavuta n’ubuki, binyegejwe mu murima umwe.” Nuko aca arabareka ntiyabicana n’abandi.
9 The cistern where Ishmael threw all the bodies of the men he killed was the large one King Asa had made because he feared Baasha king of Israel. Ishmael son of Nethaniah filled it with the dead. Ico kinogo batayemwo ya mivyimba yose ya ba bagabo yari yiciye hamwe na Gedaliya cari ico umwami Asa yari yarimbishije mu kwikingira kubera umwami Bayasha w’Abisirayeli. Ishimayeli mwene Netaniya acuzuza imivyimba y’abapfuye.
10 Ishmael captured all the rest of the people at Mizpah—the king's daughters, everyone left at Mizpah—whom Nebuzaradan, captain of the guard, had entrusted to Gedaliah son of Ahikam. Ishmael son of Nethaniah captured them and set out to cross to the Ammonites. Ishimayeli aca afata abasigaye bose bari i Misipa abagira imbohe, abakobwa b’umwami hamwe n’abandi bose bari basigaye aho, abo Nebuzaradani umukuru w’ingabo zirinda umwami yari yashinze Gedaliya mwene Ahikamu. Ishimayeli mwene Netaniya arabafata aca aragenda ajabuka yerekeye mu Bamoni.
11 When Johanan son of Kareah and all the army commanders with him heard all the evil Ishmael son of Nethaniah did, Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bari kumwe na we bumvise ibibi Ishimayeli mwene Netaniya yakoze,
12 they took all the men, went to fight Ishmael son of Nethaniah, finding him at the great pool in Gibeon. baca bajana n’ingabo zose bari kumwe kugwanya Ishimayeli mwene Netaniya. Bamufatira i ruhande y’ikidengeri kinini c’i Gibeyoni.
13 When all Ishmael's people saw Johanan son of Kareah and all the army commanders with him, they were glad. Ba bantu Ishimayeli yari afise babonye Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bari kumwe na we, baranezerwa.
14 So all the captives Ishmael took from Mizpah turned back and went to Johanan son of Kareah. Abantu bose Ishimayeli yari yafashe i Misipa barahindukira baja ku ruhande rwa Yohanani mwene Kareya.
15 But Ishmael son of Nethaniah escaped from Johanan with eight men and went on to the Ammonites. Ariko Ishimayeli mwene Netaniya n’abantu umunani mu ngabo ziwe batoroka Yohanani baja mu Bamoni.
16 Then Johanan son of Kareah and all the commanders of the forces with him took from Mizpah the rest of the people Johanan had rescued from Ishmael son of Nethaniah after Ishmael killed Gedaliah son of Ahikam—soldiers, women, children, and officials brought back from Gibeon. Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo zari kumwe na we baca batwara abarokotse bose b’i Misipa, abo Ishimayeli mwene Netaniya yari yafashe amaze kwica Gedaliya mwene Ahikamu, bari abasoda, abagore, abana n’abakora i bwami yari yakuye i Gibeyoni.
17 They set out and stopped at Geruth Chimham near Bethlehem, heading for Egypt, Maze barabandanya, baruhukira i Geruti Kimuhamu i ruhande y’i Betelehemu bariko baraja muri Egiputa
18 because they feared the Babylonians, since Ishmael son of Nethaniah killed Gedaliah son of Ahikam, whom Babylon's king appointed over the land. ngo bahunge Abanyababiloni. Barabatinya kubera Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami w’i Babiloni yari yashizeho ngo abe umukuru w’intara y’i Buyuda.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]