Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 40 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The word to Jeremiah from our Father after Nebuzaradan, guard captain, freed him at Ramah, having taken him chained among all the exiles of Jerusalem and Judah being carried to Babylon. Ijambo ritumwa kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, inyuma y’uko Nebuzaradani umukuru w’abarinzi b’umwami yari amubohoye akamurungika i Rama. Yari yasanze Yeremiya aboheshejwe iminyororo ari hagati y’abandi bagizwe imbohe bategerezwa kujanwa i Babiloni bavuye i Yerusalemu n’i Buyuda.
2 The guard captain took Jeremiah and told him, "Your God declared this disaster against this place. Wa mukuru w’abarinzi abonye Yeremiya, aramubwira ati: “Ni Uhoraho Imana yawe yashinze ko haba iki cago kikabera aha hantu.
3 The LORD brought it about and did just as he said, because you all sinned against the LORD, disobeyed him - so this happened to you. Kandi raba ubu Uhoraho aragishikije; yabikoze nk’uko yari yabivuze. Ibi vyose vyabaye kubera ko mwacumuye k’Uhoraho ntimwamwumvira.
4 Look, today I release you from the chains on your hands. If it's good to come with me to Babylon, come—I'll watch over you. If not, don't: the whole land is before you; go wherever seems right." Ariko uwu musi ndakubohoye iminyororo iri ku maboko yawe. Nuze tujane i Babiloni, niwaba ubishaka, nanje nzokurinda; ariko nimba utabishaka, ntuze. Ehe raba, igihugu cose kiri imbere yawe; genda aho ugomba hose.”
5 Before Jeremiah left, Nebuzaradan said, "Return to Gedaliah son of Ahikam, son of Shaphan, whom Babylon's king set over Judah's cities—live with him among the people, or go wherever you think best." Then the guard captain gave him food, a gift, and sent him off. Ariko Yeremiya atarahindukira ngo agende, Nebuzaradani yongerako ati: “Subira kwa Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, uwo umwami w’i Babiloni yashinze ibisagara vy’i Buyuda, maze ubane na we mu bandi, canke wigire ahandi ugomba.” Nuko uwo mukuru amuha ivyo akeneye n’ingabire aca aramureka aragenda.
6 Jeremiah went to Gedaliah son of Ahikam at Mizpah, staying with him among those left in the land. Nuko, Yeremiya agenda kwa Gedaliya mwene Ahikamu i Misipa agumana na we mu bantu bari basigaye inyuma mu gihugu.
7 When all the field commanders and their men heard that the king of Babylon had appointed Gedaliah son of Ahikam over the land, charging him with the men, women, and children—the poorest of the land not exiled to Babylon. Maze intwazangabo zose n’abantu babo bari bakiri mu gihugu hagati bumvise ko umwami w’i Babiloni yagenye Gedaliya mwene Ahikamu ngo abe umukuru w’intara y’i Buyuda kandi ko yamushinze abagabo, abagore n’abana bakenye kurusha abandi bose bo mu gihugu batajanywe nk’inyagano i Babiloni;
8 To Gedaliah at Mizpah came: Nethaniah's son Ishmael, Kareah's sons Johanan and Jonathan, Tanhumeth's son Seraiah, the Netophathite Ephai's sons, and the Maacathite's son Jezaniah—they and their men. baca baja kubonana na Gedaliya i Misipa. Abo na bo ni Ishimayeli mwene Netaniya, Yohanani na Yonatani bene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti, bene Efayi Umunetofati, na Yazaniya umuhungu w’Umumayaka, n’abantu babo.
9 Gedaliah son of Ahikam, son of Shaphan, swore to them and their men: "Don't fear serving the Babylonians. Live in the land, serve Babylon's king, and you'll be fine. Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, arabarahira kugira ngo abahumurizanye n’abantu babo. Arababwira ati: “Ntimutinye Abanyababiloni. Nimugende mube amahoro mu gihugu, muyoboke umwami w’i Babiloni, ibindi vyose bizogenda neza.
10 I will stay at Mizpah, representing you before the Babylonians who come to us. But gather wine, summer fruit, and oil, store them in your jars, and live in the cities you've taken." Nanje ubwanje nzoguma i Misipa ngo ndabaserukire imbere y’Abanyababiloni baza iwacu, ariko mwebwe muze mube abo kwimbura imivinyu, ivyamwa vyo ku mpeshi n’amavuta, mubishire mu mibindi yo kubibika, mwibere mu bisagara mwigaruriye.”
11 All Judeans in Moab, Ammon, Edom, and every land also heard Babylon's king had left a remnant in Judah and appointed over them Gedaliah son of Ahikam, son of Shaphan. Abayuda bose bahungiye i Mowabu, mu Bamoni, muri Edomu no mu bindi bihugu bumvise ko umwami w’i Babiloni yasigaje amasigarira i Buyuda kandi ko yashinze Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani, kuba umukuru w’intara ngo abarongore,
12 All the Judeans returned from wherever they'd scattered, came to Gedaliah at Mizpah in Judah, and gathered abundant wine and summer fruit. bose baragaruka mu gihugu c’i Buyuda, kuri Gedaliya i Misipa, bavuye mu bihugu aho bari barasanzariye. Bimbura imivinyu myinshi cane n’ivyamwa vyo ku mpeshi.
13 Johanan son of Kareah and all the army commanders in the countryside came to Gedaliah at Mizpah, Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose bari bagisigaye mu gihugu baza aho Gedaliya ari i Misipa.
14 and said, "Don't you know Ammon's king Baalis sent Ishmael son of Nethaniah to kill you?" But Gedaliah son of Ahikam disbelieved them. Baramubwira bati: “Mbega ntuzi ko Bayalisi umwami w’Abamoni yarungitse Ishimayeli mwene Netaniya ngo akwice?” Ariko Gedaliya mwene Ahikamu ntiyabizera.
15 Then Johanan son of Kareah told Gedaliah at Mizpah in secret, "Let me kill Ishmael son of Nethaniah—no one will know. Why let him take your life and scatter all the Judeans gathered to you, so Judah's remnant dies?" Nuko Yohanani mwene Kareya abwira Gedaliya mu mpisho i Misipa ati: “Ndeka ngende nice Ishimayeli mwene Netaniya, kandi nta n’umwe azobimenya. Ni iki cotuma akwica agatuma Abayuda bose bagukikije basanzara n’amasigarira y’i Buyuda agahona?”
16 But Gedaliah son of Ahikam told Johanan son of Kareah, "Don't do this; you're lying about Ishmael." Ariko Gedaliya mwene Ahikamu abwira Yohanani mwene Kareya ati: “Ntukore ikintu nk’ico! Ivyo uriko uravuga kuri Ishimayeli si ivy’ukuri.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]