Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 31 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "At that time," declares our Father, "I will be the Father of all Israel's families, and they will be my children." Muri ico gihe, Uku ni ko Uhoraho avuze: “Muri ico gihe, nzoba Imana y’imiryango yose ya Isirayeli, na bo bazoba abantu banje.”
2 This is what our Father says: The people who survived the sword found grace in the wilderness; Israel went to find rest. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Abantu bazoba barokotse inkota bazogirirwa ubuntu bageze mu bugaragwa kuko nzoza kugira ngo mpe akaruhuko Isirayeli.”
3 From far away our Father appeared to me: "I have loved you with everlasting love; so I have drawn you to myself with faithful love." Uhoraho yaratwiyeretse muri kahise, avuga ati: “Narabakunze urukundo rudashira; nabakwegesheje imbabazi zanje.
4 "Again I will build you, and you will be built, virgin Israel! Again you will take up your tambourines and go out in the dance of those who celebrate. Nzosubira kububaka kandi wewe mukobwa Isirayeli, uzosubira kwubakwa. Kandi uzosubira gutora udushako tw’ingoma twawe maze usohoke utamba uri kumwe n’abanezerewe.
5 Again you will plant vineyards on the hills of Samaria; the planters will plant and enjoy the fruit." Kandi uzosubira gutera imizabibu yawe ku turambi tw’i Samariya; abarimyi bazoyitera kandi bazonezererwa ivyo yamye.
6 For there will be a day when the watchmen call out in the hill country of Ephraim: "Arise, and let us go up to Zion, to our Father!" Hazobaho umusi abarinzi bazosemerera bari ku mirambi ya Efurayimu bati: ‘Nimuze tuduge i Siyoni, tuduge aho Uhoraho Imana yacu iri.’ ”
7 For this is what our Father says: Sing with joy for Jacob, shout for the greatest of nations; proclaim, praise, and say, 'Our Father, save your people, the remnant of Israel!' Uku ni ko Uhoraho avuze: “Muririmbane umunezero ku bwa Yakobo; nimutere impundu ku bw’ihanga riruta ayandi. Mutume uguhimbaza kwanyu kwumvikana, muvuga muti: ‘Yewe Uhoraho, kiza abantu bawe, amasigarira y’Abisirayeli.’
8 "See, I will bring them from the land of the north and gather them from the farthest parts of the earth—among them the blind and the lame, the pregnant woman and the one in labor. Together they will return here, a great company. Raba, nzobazana ndabakuye mu gihugu co mu buraruko, ndabegeranye ndabakuye ku mpera z’isi. Muri bo hazoba harimwo impumyi n’abamugaye, abagore bibungenze n’abari ku bise; bazogaruka ari isinzi.
9 With weeping they will come, and with pleas for mercy I will lead them; I will make them walk by streams of water, on a level path where they will not stumble, for I have become a father to Israel, and Ephraim is my firstborn." Bazoza barira; bazonsenga nanje ndabagarukane. Nzobarongorera i ruhande y’imigezi y’amazi mu nzira igororotse aho batazotsitara, kuko ndi Se wa Isirayeli, kandi Efurayimu akaba imfura yanje.”
10 Hear the word of our Father, nations, and declare it in the coastlands far away; say, "He who scattered Israel will gather him, and will keep him as a shepherd keeps his flock." Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe mahanga; murimenyeshe mu bizinga vya kure muti: “Uwasabagije Abisirayeli azobegeranya kandi azoragira umukuku wiwe nk’umwungere.
11 For our Father has ransomed Jacob and redeemed him from a hand too strong for him. Kuko Uhoraho azobohora aba Yakobo abacungure abakuye mu maboko y’ababarusha inkomezi.
12 They will come and sing aloud on the height of Zion, and they will be radiant over the goodness of our Father—over the grain, the new wine, and the oil, and over the young of the flock and the herd. Their life will be like a watered garden, and they will never be worn down by sorrow again. Bazoza biha akamo k’umunezero ku misozi ya Siyoni; bazonezererwa ivyo Uhoraho azobaha, ingano, umutobe musha w’umuvinyu n’amavuta ya elayo, imyagazi y’imikuku n’inyana z’inka. Bazomera nk’umurima wavomerewe neza, kandi ntibazosubira kubabara.
13 "Then the young women will rejoice in the dance, and the young men and the old together. I will turn their mourning into joy; I will comfort them and give them gladness in place of their sorrow. Abakobwa b’inkumi bazotamba banezerwe, n’abasore hamwe n’abatama. Nzohindura ikigandaro cabo umunezero; nzobahoza ndabanezereze mu gishingo c’umubabaro.
14 I will fill the priests with abundance, and my children will be satisfied with my goodness," declares our Father. Nzoha abaherezi umusesekara, kandi abantu banje bazohazwa n’ivyo ndabahaye birusha ibindi, ni ko Uhoraho avuze.”
15 This is what our Father says: A voice is heard in Ramah—wailing and bitter weeping. Rachel weeps for her children; she refuses to be comforted for her children, because they are gone. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Induru yumvikaniye i Rama, amarira n’amaborogo menshi, Rasheli aririra abana biwe kandi yanka guhozwa, kuko batakiriho.”
16 This is what our Father says: Hold your voice back from weeping, your eyes from tears, for your work has a reward, declares our Father; they will return from the enemy's land. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Hoza ijwi ryawe rireke kurira n’amaso yawe areke gukorora amosozi, kuko igikorwa cawe kizohabwa ingero, ni ko Uhoraho avuze. Bazogaruka bavuye mu gihugu c’umwansi wabo.
17 "There is hope for your future, declares our Father, and your children will return to their own land. Nuko rero hariho ivyizigiro ku bagukomokako, ni ko Uhoraho avuze. Abana bawe bazogaruka mu gihugu cabo.”
18 I have surely heard Ephraim grieving: 'You disciplined me, and I was disciplined, like an untrained calf; bring me back so I can return, for you are my Father.' “Numvise neza ukuniha kwa Efurayimu, ngo: Wampanye nk’uko bakubita ishuri y’ikigaba, kandi warampanye vy’ukuri. Ngarukana, nanje nzogaruka, kuko uri Uhoraho Imana yanje.
19 For after I turned away, I repented; after I was instructed, I struck my thigh. I was ashamed and humiliated, because I bore the disgrace of my youth. Inyuma y’aho nangariye, narihanye; aho mariye gutahura, narikubise mu gikiriza. Naramaramaye nterwa n’isoni kuko niremetse ibiteterwe vyo mu buto bwanje.
20 Is Ephraim my dear son? Is he my darling child? For as often as I speak against him, I still remember him. Therefore my heart is moved with compassion for him; I will surely have mercy on him," declares our Father. Mbega Efurayimu si umuhungu wanje nkunda, umwana wanje nezererwa? Naho namwagirije kenshi, ndacamwibuka. Ni co gituma umutima wanje ukimugirira ikibabarwe; ndamubabara cane,” ni ko Uhoraho avuze.
21 "Set up road markers for yourself; make yourself signposts. Fix your mind on the highway, the road you walked. Return, virgin Israel, return to your own cities. “Shinga ivyapa vyo ku nzira; ushinge imambo. Wiyumvire inzira, ibarabara ucamwo. Garuka, yewe mukobwa wa Isirayeli, garuka mu bisagara vyawe.
22 How long will you waver, faithless daughter? For I have created a new thing on the earth: a woman will surround a man." Uzogeza ryari kwangara, yewe mukobwa w’ikigaba wa Isirayeli? Uhoraho agira areme ikintu gishasha kw’isi, umugore azorondera umugabo.”
23 This is what the Father of heaven's armies, the Father of Israel, says: When I restore their fortunes, they will again say this in Judah's land and its cities: 'Our Father bless you, home of righteousness, holy mountain!' Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze: “Aho nzobagarukanira ndabakuye mu kinyago, abantu bo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara bihakikije bazosubira kuvuga aya majambo bati: ‘Uhoraho aguhezagire, yewe wa nzu y’ubugororotsi, yewe musozi wera.’
24 Judah and all its cities will live there together—farmers and those who move with their flocks. Abantu bazoba hamwe i Buyuda no mu bisagara vyaho vyose, abarimyi n’abaragira amasho yabo.
25 "For I will refresh the weary soul and fill every soul worn down by sorrow." Nzosubiza intege abadendebukiwe, mpaze n’abaguye isari.”
26 At this I awoke and looked, and my sleep had been sweet to me. Inyuma y’ivyo nca ndikangura nderaguza hirya no hino. Itiro ryanje ryari riryoshe cane.
27 "Days are coming, declares our Father, when I will sow the house of Israel and the house of Judah with the seed of man and of beast. “Imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze, “nzoteragira ubwami bwa Isirayeli n’ubwa Yuda mu kubaha umunago w’abantu n’uw’ibitungwa.
28 As I watched over them to uproot, tear down, overthrow, destroy, and bring harm, so I will watch over them to build and to plant," declares our Father. Nk’uko nabakurikiranye kugira ngo ndabarandure, ndabatsinde hasi, ndabahonye, ndabamare kandi ndabateze ivyago, ni ko nzogira umwete wo kububaka no kubateragira,” ni ko Uhoraho avuze.
29 "In those days they will no longer say: 'Fathers ate sour grapes, and their children's teeth are set on edge.'" “Muri iyo misi abantu ntibazosubira kuvuga ngo: ‘Ba se bariye inzabibu zitarera, abahungu babo baba ari bo bajigurwa mu menyo.’ ”
30 "Each will die for his own sin. Whoever eats sour grapes, his own teeth will be set on edge." Ahubwo, umwe wese azozira ivyaha vyiwe; uwuzorya inzabibu zitarera, ni we nyene azojigurwa mu menyo.
31 "The days are coming, declares our Father, when I will make a new covenant with the house of Israel and the house of Judah. “Igihe kiraje,” ni ko Uhoraho avuze, “aho nzogirana isezerano rishasha n’inzu ya Isirayeli hamwe n’inzu ya Yuda.
32 It will not be like the covenant I made with their ancestors on the day I took them by the hand to bring them out of the land of Egypt—my covenant that they broke, though I was a husband to them," declares our Father. Ntirizoba risa na rya sezerano nagirana na ba sekuruza babo, aho nabafata ukuboko nkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa, kuko bavuye mw’isezerano ryanje, naho nari Shebuja,” ni ko Uhoraho avuze.
33 "But this is the covenant I will make with the house of Israel after those days, declares our Father: I will put my instruction within them, and I will write it on their hearts. I will be their Father, and they will be my children. “Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’ico gihe,” ni ko Uhoraho avuze. “Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, ndavyandike mu mitima yabo. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje.
34 No longer will anyone teach their neighbor or their brother, saying, 'Know our Father,' for they will all know me, from the least of them to the greatest, declares our Father. For I will forgive their wrongdoing, and I will remember their sin no more." Ntibazosubira kwigisha ababanyi babo, canke ngo babwirane hagati yabo bati: ‘Menya Uhoraho,’ kuko bose bazomenya jewe, kuva kuri muto muri bo kugeza ku mukuru,” ni ko Uhoraho avuze. “Kuko nzobaharira ibibi vyabo kandi sinzosubira kwibuka ivyaha vyabo.”
35 This is what our Father says, who gives the sun for light by day and the fixed order of the moon and stars for light by night, who stirs up the sea so its waves roar—the Father of heaven's armies is his name: Uku ni ko Uhoraho avuze, uwatumye izuba kwaka ku murango, agategeka ukwezi n’inyenyeri ngo vyake mw’ijoro, avyura ikiyaga ngo gisuriranye imikuba yaco, Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe:
36 "If this fixed order ever departs from before me, declares our Father, then the children of Israel would cease to be a nation before me forever." “Kiretse ivyo vyagezwe nashinze bimvuye imbere,” ni ko Uhoraho avuze, “Abisirayeli ntibazokwigera bareka kuba ihanga imbere yanje.”
37 This is what our Father says: If the heavens above could be measured and the foundations of the earth below explored, then I would reject all the children of Israel for all they have done, declares our Father. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Iyo amajuru aba yoshobora gupimwa n’amatanguriro y’isi agashobora guserangurwa ni ho noshobora guheba uruvyaro rwa Isirayeli kubera ivyo bakoze vyose,” ni ko Uhoraho avuze.
38 "Days are coming, declares our Father, when the city is rebuilt for me, from the Tower of Hananel to the Corner Gate. “Imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze, “aho iki gisagara kizokwubakwa ku bwanje uhereye ku munara wa Hananeli kugeza kw’Irembo ryo mu Mfuruka.
39 The measuring line will extend farther, straight to the hill of Gareb, then turn toward Goah. Umugozi wo kugera uzogororwa kuva ngaho kugeza ku gasozi ka Garebu maze uhindukire gushika i Gowa.
40 The whole valley of dead bodies and ashes, and all the terraces to the Kidron Valley, to the corner of the Horse Gate on the east, will be holy to our Father—never again uprooted or torn down." Mu Kiyaya cose aho bata imivyimba n’umunyota, no ku misezero yose gushika mu mwonga wa Kidironi kubandanya mu buseruko gushika mu mfuruka yo kw’Irembo ry’Amafarasi, hazoba ahera h’Uhoraho. Iki gisagara ntikizosubira kurandurwa no gusamburwa.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]