Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 30 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The word that came to Jeremiah from our Father: Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho:
2 This is what our Father of Israel says: Write in a book all the words I have spoken to you. “Uku ni ko Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuze: ‘Niwandike mu gitabu amajambo yose nakubwiye.
3 Look—days are coming, declares our Father, when I will restore the fortunes of my people Israel and Judah, says our Father, and bring them back to the land I gave their ancestors, and they will possess it. Imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda ndabakuye mu kinyago nkabasubiza mu gihugu nahaye ba sekuruza babo ngo bacegukire, ni ko Uhoraho avuze.’ ”
4 These are the words our Father spoke concerning Israel and Judah: Aya ni yo majambo Uhoraho yavuze, yerekeye Isirayeli na Yuda:
5 This is what our Father says: "We heard a cry of terror—dread, no peace. “Uku ni ko Uhoraho avuze: Induru itewe n’ubwoba irumvikanye, ni iterabwoba, si ijwi ry’amahoro.
6 Ask now and see: can a male give birth? Why then do I see every strong man with his hands on his sides like a woman in labor, and every face turned pale? Nimubaze kandi murabe: Mbega umugabo yoja ku bise ngo avyare abana? None ni kuki mbona umugabo wese w’inkomezi agenda yifashe ku nda nk’umugore ari ku bise, mu maso habo bose hijiriwe biteye ubwoba?
7 How dreadful that day is! There is none like it. It is a time of distress for Jacob—yet out of it he will be saved. Ewe kuntu uwo musi uzoba ari mubi! Nta wundi uzosa na wo. Kizoba ari igihe c’amarushwa kuri Yakobo, ariko azokivamwo impore.
8 On that day, declares the Father of heaven's armies, I will break the yoke from your neck and snap your bonds, and foreigners will no longer enslave him. ‘Kuri uwo musi,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, ‘nzovuna ingogo yari ku mazosi yabo maze ncagagure iminyororo ibaboshe. Abanyamahanga ntibazokwongera kubagira abaja babo.
9 Instead they will serve our Father, and David their king, whom I will raise up for them. Ahubwo, bazokorera Uhoraho Imana yabo na Dawidi umwami wabo, uwo nzohagurutsa ku bwabo.
10 So do not be afraid, Jacob my servant, declares our Father, and do not be dismayed, Israel; for look—I will save you from far away, and your children from the land of their captivity. Jacob will return to quiet and ease, and no one will make him afraid. Nuko ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje; ntugire ubwoba yewe Isirayeli,’ ni ko Uhoraho avuze. Ni ukuri nzogukiza ndagukure mu kibanza ca kure, abagukomokako bave iyo bajanywe ari inyagano. Yakobo azokwongera kwibera mu mahoro n’umutekano, kandi nta wuzosubira kumutera ubwoba.
11 For I am with you to save you, declares our Father. Though I completely destroy all the nations among whom I scattered you, I will not completely destroy you. But I will discipline you with justice, and I will not leave you entirely unpunished." Ndi kumwe nawe kandi nzogukiza, ni ko Uhoraho avuze. N’aho noherengeteza amahanga yose ayo nakwangarijemwo, wewe sinzoguherengeteza. Nzoguhana, ariko nzobikora ku rugero rukwiye; sinzokureka ngo ugende udahanywe.”
12 For this is what our Father says: "Your injury is incurable, your wound is severe. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Igikomere cawe ntigishobora gukira, wakomeretse ku buryo bidashoboka ko ukira.
13 There is no one to plead your case; for your wound there is no medicine, no healing for you. Nta wo kukuburanira, nta muti w’igisebe cawe, nta muti wogukiza.
14 All your lovers have forgotten you; they care nothing for you. For I have struck you as an enemy strikes, with the discipline of a cruel person, because your guilt is great and your sins are many. Abo mwasezeranye bose barakwibagiye; nta co bitwararitse mu vyawe. Nagukubise nk’uko umwansi wawe yobigira kandi naguhanye nka ruburakigongwe, kuko ukugabitanya kwawe ari kwinshi ivyaha vyawe bikaba umurengera.
15 Why do you cry out over your injury? Your pain is incurable. Because your guilt is great and your sins are many, I have done these things to you. Ni kuki urizwa n’igikomere cawe, kandi uburibwe bwawe butagira umuti? Kubera ukugabitanya kwawe guhambaye n’ivyaha vyawe vyinshi ni co catumye nkugirira gutyo.
16 Therefore all who devour you will be devoured, and all your foes—every one of them—will go into captivity; those who plunder you will be plundered, and all who prey on you I will hand over as prey." Ariko abagusahuye na bo bazosahurwa; abansi bawe bose bazojanwa ari inyagano. Abagusahura bose bazosahurwa; ababanyaga na bo bazonyagwa.
17 For I will restore your health and heal your wounds, declares our Father, because they called you an outcast: "This is Zion—no one cares for her." Ariko mwebwe nzobakiza kandi nzokiza ibikomere vyanyu,” ni ko Uhoraho avuze, “kuko witwa umuntu ata co amaze, Siyoni hahebwe.”
18 This is what our Father says: "Look—I will restore the fortunes of Jacob's tents and have compassion on his homes; the city will be rebuilt on its mound, and the palace will stand where it belongs. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Nzosubira kwubaka amahema ya Yakobo ngirire akagongwe aho muba; igisagara kizosubira cubakwe ku misaka yaco, kandi ikirimba kizosubira guhagarara mu kibanza cahozemwo.
19 Out of them will come thanksgiving and the sounds of celebration. I will multiply them, and they will not be few; I will honor them, and they will not be small. Muri bo hazokwumvikana indirimbo n’amashimwe n’ijwi ry’umunezero. Nzobagwiza, ntibazoba bake na mba; nzobatera iteka, ndabakureko agakengerwe.
20 Their children will be as they were of old, and their assembly will be established before me, and I will punish all who oppress them. Abana babo bazoba nk’uko bahoze kera, kandi bazosubira kuba ikoraniro imbere yanje; nzohana abacinyiza bose.
21 Their leader will be one of their own, and their ruler will come from among them. I will bring him near, and he will approach me—for who would otherwise dare to risk his life to approach me? declares our Father. Umurongozi wabo azoba umwe muri bo; umutware wabo azova hagati muri bo. Nzomwiyegereza na we azonyegera, kuko ni nde yokwemera kwiheba ngo aze yegere aho ndi?” Ni ko Uhoraho avuze.
22 And you will be my children, and I will be your Father." “Nuko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu.”
23 Look—the storm of our Father! Wrath has gone out, a sweeping tempest; it will whirl down on the head of the wicked. Raba, isegenya y’Uhoraho izozanana n’uburake, igihuhuta gikomeye kizoza ku mitwe y’abakora ibibi.
24 The burning anger of our Father will not turn back until he has carried out and fulfilled the purposes of his heart. In the days to come you will understand this. Ishavu ry’inkazi ry’Uhoraho ntirizosubira inyuma kugeza ashikije imigambi iri mu mutima wiwe. Mu misi izoza ivyo muzobitahura.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]