Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father blessed Noah and his sons, saying, "Be fruitful and multiply and fill the earth. Nuko Imana ihezagira Nowa n’abahungu biwe irababwira iti: “Nimurondoke mugwire mwuzure isi.
2 Every animal of the earth, every bird of the sky, everything that crawls on the ground, and every fish of the sea will fear and dread you; they are given into your hand. Ibikoko vyose vyo kw’isi, inyoni zose zo mu kirere, ibikoko bitobito vyikwega hasi, n’amafi yose yo mu biyaga bizobatinya bicike ivutu imbere yanyu. Vyose ndabishize musi y’ububasha bwanyu.
3 Every living, moving thing will be your food. As I gave you the green plants, I now give you everything. Ibintu vyose bigendagenda bibaho ndabibahaye kugira ngo bibabere ivyokurya, nk’uko nabahaye ibiterwa.
4 But you must not eat meat that still has its lifeblood in it. Ariko ntimuze mwigere murya inyama zikirimwo ubuzima, ari yo maraso.
5 I will surely demand an accounting for your blood: from every animal I will demand it, and from every person—each for his brother's life—I will demand a human life. Kandi uwuzosesa amaraso y’uwundi muntu nzobimuhanira; n’igikoko na co kizokwica umuntu gitegerezwa gupfa. Umuntu wese azokwica uwundi ategerezwa gupfa na we.
6 Whoever sheds human blood, by humans will their blood be shed; for in the image of God, humanity was made. Uwuzosesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe na we azoseswa n’uwundi muntu; kuko mw’ishusho y’Imana, ni ho umuntu yaremwe.
7 As for you, be fruitful and multiply; swarm across the earth and multiply on it." Mwebwe nimurondoke mugwire, mwuzure isi.”
8 Then our Father said to Noah and to his sons with him: Imana yongera ibwira Nowa n’abahungu biwe iti:
9 "As for me, I am now establishing my covenant with you and with your descendants after you, “Ngira ngirane isezerano namwe hamwe n’uruvyaro rwanyu,
10 and every living creature with you—birds, livestock, every wild animal of the earth—all that came out of the ark with you, every living thing of the earth. n’ivyaremwe vyose vyavanye namwe mu bwato: inyoni, ibikoko vy’ibitungwa, n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba; muri make, ikintu cose kizima kiri kw’isi.
11 I set my covenant with you: never again will all flesh be cut off by floodwaters; never again a flood to destroy the earth." Nshizeho iri sezerano hagati yanje namwe, ko amazi y’umwuzure atazosubira kurandura ibifise ubuzima; ntihazosubira kubaho umwuzure ngo urandure isi.”
12 Then our Father said, "This is the sign of the covenant I'm making between me and you and every living creature with you, for all generations to come: Imana yongerako iti: “Iki ni co kimenyetso c’isezerano ngiranye namwe n’ikintu cose kizima kiri kumwe namwe, kandi rikaba ari n’isezerano ry’abazovuka hanyuma:
13 I have put my rainbow in the clouds as the sign of the covenant between me and the earth. Nshizeho umunywamazi mu bicu; ni wo uzoba ikimenyetso c’isezerano ngiranye namwe n’isi yose.
14 Whenever I bring clouds over the earth and the rainbow appears in the clouds, Ninarungika ibicu hejuru y’isi, maze umunywamazi ukaboneka,
15 I will remember my covenant between me and you and every living creature of every kind: never again will floodwaters destroy all life. nzoca nibuka isezerano nagiranye namwe n’ivyaremwe vyose. Amazi y’umwuzure ntazosubira kurandura ivyaremwe vyose.
16 When the rainbow is in the clouds, I will see it and remember the everlasting covenant between me and every living creature of every kind on earth." Umunywamazi niwaboneka mu bicu, nzowubona maze nibuke isezerano ridata igihe hagati y’Imana n’ivyaremwe vyose biri kw’isi.”
17 So our Father told Noah, "This is the sign of the covenant I've established between me and all life on earth." Imana ibwira Nowa iti: “Iki ni co kimenyetso c’isezerano ngiraniye namwe hamwe n’ivyaremwe vyose biri kw’isi.”
18 Noah's sons who left the ark: Shem, Ham, and Japheth. (Ham was Canaan's father.). Abahungu ba Nowa bavanye na we mu bwato ni Shemu, Hamu na Yafeti. Hamu ni we sekuruza wa Kanani.
19 These three were the sons of Noah, and from them the whole earth was populated. Aba ni bo bahungu batatu ba Nowa, kandi abantu bose bakwiragiye kw’isi bakomotse kuri bo.
20 Noah, a man of the soil, was the first to plant a vineyard. Inyuma y’umwuzure, Nowa yabaye umurimyi maze atera uruzabibu.
21 When he drank some of its wine, he became drunk and lay uncovered inside his tent. Umusi umwe Nowa anywa umuvinyu yari yaganye, araborerwa maze aryama atambaye mw’ihema ryiwe.
22 Ham, the father of Canaan, saw his father naked and told his two brothers outside. Hamu, sekuruza wa Kanani, abonye ko se ari gusa, arasohoka abibwira abavukanyi biwe.
23 Shem and Japheth took a cloak, laid it on both their shoulders, walked in backward, and covered their father's nakedness; their faces were backward, so they did not see their father's nakedness. Nuko Shemu na Yafeti bafatira impuzu ku bitugu vyabo, bagenza umugongo binjira mw’ihema, bapfuka se. Binjiye bagenza umugongo kugira ngo ntibabone ubwambure bwa se.
24 When Noah awoke from his wine and learned what his youngest son had done to him, Nowa yikanguye atakiborewe akamenya ivyo umuhererezi wiwe yakoze,
25 he said, "Cursed be Canaan! He will be the lowest of servants to his brothers." aravuga ati: “Kanani aravumwe! Azobera bene se umugurano ari inyuma y’abandi.”
26 He also said, "Blessed be the Father of Shem; may Canaan be Shem's servant. Yongerako ati: “Uhoraho Imana ya Shemu iragahezagirwa! Kanani aze amubere umugurano.
27 May our Father extend Japheth's territory; may Japheth dwell in the tents of Shem, and may Canaan be Shem's servant." Imana ize yagure amatongo ya Yafeti; Yafeti aze yibere mu mahema ya Shemu, Kanani aze amubere umugurano.”
28 After the flood Noah lived 350 years. Inyuma y’umwuzure, Nowa yabayeho iyindi myaka amajana atatu na mirongo itanu.
29 Noah lived a total of 950 years, and then he died. Imyaka yose Nowa yabayeho ni amajana icenda na mirongo itanu, hanyuma arapfa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]