Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 But our Father remembered Noah, all the living creatures, and all the livestock with him in the ark, and swept a wind over the earth so the waters began to recede. Maze Imana yibuka Nowa n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba hamwe n’ibitungano vyari kumwe na we mu bwato, nuko irungika umuyaga kw’isi, maze amazi atangura kugabanuka.
2 The springs of the deep and heaven's floodgates closed, and rain from the sky stopped. Amazi y’i kuzimu ntiyasubira kuzikuruka, kandi na ya mvura y’isegenya irahita.
3 Water kept receding from the earth, and after 150 days it had gone down. Nuko amazi y’umwuzure abandanya agabanuka kw’isi. Inyuma y’imisi ijana na mirongo itanu yari yagabanutse cane.
4 The ark rested on the mountains of Ararat on the seventeenth day of the seventh month. Ku musi ugira indwi w’ukwezi kw’indwi, bwa bwato buhagarara kuri umwe mu misozi ya Ararati.
5 The waters kept receding until the tenth month; on its first day, the mountaintops appeared. Nuko amazi abandanya agabanuka gushika mu kwezi kw’icumi. Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’icumi ni ho amasonga y’imisozi yatangura kuboneka.
6 After forty days, Noah opened the window he had made in the ark, Inyuma y’imisi mirongo ine, Nowa yugurura idirisha yari yarasigaje ku bwato,
7 he sent out a raven, and it flew back and forth until the waters dried up from the earth. arekura igikona, na co kiraguruka kigenda kigaruka, kugeza igihe amazi yakamye kw’isi.
8 Then he released the dove from him to see if the waters had subsided from the ground's surface. Hanyuma Nowa arekura inuma kugira ngo arabe ko amazi yagabanutse kw’isi.
9 But the dove found no resting place for her foot and returned to him in the ark, since water still covered the whole earth's surface. So he reached out his hand, took her, and brought her back into the ark. Ariko iyo numa ibura aho igwa, kuko amazi yari akirengeye isi. Nuko igaruka ku bwato, maze Nowa agorora ukuboko yinjiza ya numa mu bwato.
10 He waited seven more days and again sent out the dove from the ark. Haheze iyindi misi indwi, Nowa yongera kurekura ya numa kandi.
11 The dove returned to him that evening with a freshly plucked olive leaf in her beak, so Noah knew the waters had receded from the earth. Ya numa igarutse ku mugoroba, izana ibabi rishasha ry’igiti ca Elayo mu kanwa kayo. Maze Nowa atahura ko amazi yagabanutse kw’isi.
12 He waited seven more days, then sent the dove out again; it did not return to him again. Yongera arindira iyindi misi indwi, maze arekura ya numa kandi; ariko uwo musi ntiyagaruka.
13 In Noah's 600 and first year, the first day of the first month, the waters had dried up from the earth. Noah removed the ark's covering, looked out, and saw the ground's surface was dry. Ico gihe Nowa yari amaze imyaka amajana atandatu n’umwe. Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere kw’uwo mwaka, amazi yari yamaze gukama. Nuko Nowa akurako icari gipfutse ubwato, maze abona ko isi iriko irumuka.
14 By the twenty-seventh day of the second month the earth was completely dry. Ku musi ugira mirongo ibiri n’indwi w’ukwezi kwa kabiri isi yari imaze kwumuka rwose.
15 Then our Father said to Noah, Imana ibwira Nowa iti:
16 "Leave the ark: you and your wife and your sons and your sons' wives with you. “Va mu bwato, wewe n’umugore wawe, n’abahungu bawe hamwe n’abagore babo.
17 Bring out with you every living creature—all flesh: birds, animals, everything that crawls on the ground—so they may swarm across the earth, be fruitful, and multiply on the earth." Rekura ibifise ubuzima vyose muri kumwe, inyoni, ibikoko n’ivyikwega hasi, kugira ngo birondoke kandi bigwire kw’isi.”
18 So Noah came out, together with his sons and his wife and his sons' wives. Nuko Nowa, umugore wiwe, abahungu biwe n’abagore babo bava mu bwato.
19 Every animal, every crawling thing, every bird—everything that moves on the earth—left the ark by their kinds. Ibikoko vyose, ivyikwega hasi n’inyoni zose n’ibigendagenda kw’isi vyose birasohoka biva mu bwato, nk’uko amoko yavyo ari.
20 Noah built an altar to our Father, took some of every clean animal and every clean bird, and offered burnt offerings on it. Maze Nowa yubakira Uhoraho igicaniro, afata bimwe mu bikoko n’inyoni bidahumanye, abitangako ikimazi kuri ico gicaniro.
21 Our Father smelled the pleasing aroma and said in his heart, "I will never again curse the ground because of humanity, though the human heart's inclination is evil from youth, nor will I ever again strike down every living thing as I have done. Uhoraho anezerezwa n’ubumote bw’ico kimazi, araheza yivugana mu mutima ati: “Sinzosubira kuvuma isi ndayiziza abantu, naho ivyiyumviro vyo mu mitima yabo ari bibi kuva mu buto bwabo. Kandi sinzosubira kurandura ibifise ubuzima vyose nk’uko mpejeje kubikora.
22 As long as the earth endures, seedtime and harvest, cold and heat, summer and winter, day and night will never cease." Isi ikiriho, igihe co kubiba n’ico kwimbura, igihe c’imbeho n’ic’ubushuhe, igihe c’ici n’ic’agatasi, hamwe n’igihe c’ijoro n’ic’umurango, bizokwamaho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]