Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 35 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father told Jacob, "Get up, go to Bethel, stay there, and build an altar to me, who appeared to you when you fled from your brother Esau." Imana ibwira Yakobo iti: “Va hasi uje i Beteli abe ari ho uba. Uze uhubakire igicaniro ya Mana yakwiyereka igihe wariko urahunga mwene nyoko Esawu.”
2 Jacob said to his household and all with him, "Discard the foreign gods among you, purify yourselves, and change your clothes. Nuko Yakobo abwira umuryango wiwe n’abari kumwe na we bose ati: “Nimukure ibigirwamana vy’abanyamahanga hagati muri mwebwe mwihumanure kandi mwambare impuzu nshasha.
3 Let's go up to Bethel. I'll build an altar there to our Father, who answered me in my day of distress and stayed with me wherever I went." Tugiye kuva hano tuje i Beteli, aho nzokwubakira igicaniro ya Mana yishura ugusenga kwanje igihe nari mu makuba, ikagumana nanje aho nagiye hose.”
4 They gave Jacob all the foreign gods in their hands and earrings in their ears; he hid them under Shechem's oak. Nuko bazanira Yakobo ibigirwamana vy’abanyamahanga bari bafise vyose n’ivyo bari bambaye ku matwi, maze abihamba musi y’igiti kinini cari hafi y’i Shekemu.
5 They set out; terror from our Father struck the surrounding cities, so no one pursued Jacob's sons. Yakobo n’abahungu biwe bavuye aho hantu, ubwoba butewe n’Imana bufata abantu bo mu bisagara vyari bihakikije. Nta muntu n’umwe yubahutse kubakurikirana.
6 Jacob came to Luz (Bethel) in Canaan, with all his people. Nuko Yakobo n’abari kumwe na we bose bashika i Luzi, ari ho Beteli, mu gihugu c’i Kanani,
7 There he built an altar, naming it El-Bethel—house of our Father—for there he revealed himself to Jacob when he fled from his brother. aca ahubaka igicaniro maze ahita Eli Beteli, bisigura “Imana y’i Beteli”, kuko ari ho Imana yari yaramwiyerekeye igihe yariko arahunga mwene nyina Esawu.
8 Deborah, Rebekah's nurse, died and was buried below Bethel under the oak, named Allon-bacuth, oak of weeping. Hanyuma Debora, umurezi wa Rebeka, arapfa, ahambwa musi y’igiti kinini hafi ya Beteli. Maze ico giti bacita Aloni Bakuti, bisigura “igiti c’amarira”.
9 Our Father appeared to Jacob again, when he came from Paddan-aram, and blessed him. Inyuma yo kuva i Padani-Aramu, Imana yongera kwiyereka Yakobo iramuhezagira.
10 Our Father said to him, "Your name is Jacob, but it will no longer be Jacob—your name is Israel." He named him Israel. Imana iramubwira iti: “Izina ryawe ni Yakobo, ariko kuva ubu ugiye kwitwa Isirayeli.” Nuko Imana imwita Isirayeli.
11 Our Father told him, "I am El Shaddai, your Father Almighty. Be fruitful, multiply. A nation, a company of nations, will come from you; kings will come from your body. Imana yongera iramubwira iti: “Ndi Imana Mushoboravyose. Rondoka ugwire. Uzohinduka ihanga rinini, mbere amahanga menshi azokomoka kuri wewe, kandi abami bazova mu nda yawe.
12 The land I gave Abraham and Isaac, I will give you; I will give to your offspring after you." Nzoguha igihugu nahaye Aburahamu na Isaka; nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe.”
13 Then our Father went up from him in the place where he had spoken with him. Hanyuma Imana iva aho hantu yari iriko iravuganira na we.
14 Jacob set up a pillar where our Father had spoken with him, a pillar of stone, and he poured out a drink offering on it and poured oil on it. Nuko Yakobo ashinga ibuye mu kibanza Imana yavuganiyemwo na we, arisukako umuvinyu, nk’ishikanwa ashikaniye Imana, arisukako n’amavuta.
15 Jacob named the place where our Father had spoken with him: Bethel. Maze aho hantu Imana yavuganiye na we, Yakobo ahita Beteli, bisigura “inzu y’Imana”.
16 They left Bethel, and while still some distance from Ephrath, Rachel went into labor—hard labor. Nuko bava i Beteli bagenda bagana ahitwa Efurata. Bakiri mu nzira, Rasheli afatwa n’inda kandi agira ububabare bwinshi cane.
17 During her hard labor, the midwife told her, "Don't be afraid—this too is a son." Muri ubwo bubabare bwo kuvyara, umwakirizi aramubwira ati: “Ntutinye, usubiriye kuvyara umuhungu.”
18 As her soul was leaving her—she was dying—she named him Ben-oni, son of my sorrow; but his father called him Benjamin, son of the right hand. Ariko Rasheli yariko arapfa. Imbere yo gucikana amwita Beni-Oni, bisigura “umuhungu wo mu mubabaro wanje”. Ariko se amwita Benyamini, bisigura “umuhungu w’ukuryo kwanje”.
19 So Rachel died, and she was buried on the way to Ephrath (that is, Bethlehem). Rasheli apfuye, bamuhamba hafi y’inzira ija muri Efurata, ari ho i Betelehemu.
20 Jacob set a pillar on her grave—it is Rachel's grave pillar to this day. Nuko Yakobo ashinga ibuye ry’icibutso ku mva ya Rasheli, kandi riracahari gushika n’uno musi.
21 Israel traveled and camped beyond Migdal-eder, the tower of the flock. Isirayeli aca arunguruza ashinga amahema hakurya y’ahitwa Migidali Ederi.
22 While Israel lived in that land, Reuben went and slept with Bilhah, his father's concubine, and Israel heard. Jacob had twelve sons. Isirayeli akiri muri ico gihugu, Reyubeni asambana na Biluha, umwe mu ncoreke Yakobo yari yavyayeko, kandi Yakobo arabimenya. Abahungu ba Yakobo bari icumi na babiri:
23 The sons of Leah: Reuben, Jacob's firstborn, then Simeon, Levi, Judah, Issachar, and Zebulun. Abahungu ba Leya, bari Reyubeni, imfura ya Yakobo, Simeyoni, Lewi, Yuda, Isakari na Zebuloni.
24 The sons of Rachel: Joseph and Benjamin. Abahungu ba Rasheli, bari Yosefu na Benyamini.
25 The sons of Bilhah, Rachel's maid: Dan and Naphtali. Abahungu ba Biluha, incoreke ya Rasheli, bari Dani na Nafutali.
26 Sons of Zilpah, Leah's servant: Gad and Asher. These are Jacob's sons, born to him in Paddan-aram. Abahungu ba Zilupa, incoreke ya Leya, bari Gadi na Asheri. Abo ni bo bahungu ba Yakobo, abo yavyariye i Padani-Aramu.
27 Jacob came to his father Isaac at Mamre, Kiriath-arba (Hebron), where Abraham and Isaac had lived. Nuko Yakobo agaruka mu rugo kwa se Isaka i Mamure, hafi y’i Kiriyati-Araba, ari ho hitwa Heburoni, aho Aburahamu na Isaka babaye.
28 Isaac lived 180 years. Isaka yamaze imyaka ijana na mirongo umunani,
29 Isaac breathed his last, died, and was gathered to his people—old, full of days. His sons Esau and Jacob buried him. maze apfa ageze mu zabukuru, ahamvya ba sekuruza. Abahungu biwe Esawu na Yakobo baramuhamba.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]