Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 34 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Dinah, the daughter Leah bore to Jacob, went out to see the young women of the land. Umusi umwe, Dina umukobwa Leya yavyaranye na Yakobo, aja kuramutsa abakobwa bamwe bo muri ico gihugu.
2 Shechem son of Hamor the Hivite, prince of the land, saw her, seized her, lay with her, and abused her. Shekemu mwene Hamori Umuhiwi, umukuru w’ico gihugu, abonye Dina, aramufata amusambanya ku nguvu.
3 His heart clung to Dinah, daughter of Jacob—he loved the girl and spoke to her heart. Mu nyuma yumva akunze Dina, umukobwa wa Yakobo, agerageza kumukwegesha amajambo meza.
4 So Shechem said to his father Hamor, "Get me this girl as a wife." Maze Shekemu abwira se Hamori ati: “Nsabira uwu mukobwa, nshaka ko ambera umugore.”
5 Jacob heard that Shechem had made his daughter Dinah unclean, but his sons were with his livestock in the field, so Jacob said nothing until they came. Mu nyuma, Yakobo yumva ko Shekemu yononye umukobwa wiwe Dina. Kubera ko abahungu biwe bari baragiye imikuku mu gahinga, arahora kugeza bagarutse.
6 Then Hamor, Shechem's father, went out to Jacob to speak with him. Maze Hamori, se wa Shekemu, aja kwa Yakobo kugira ngo babivugane,
7 Jacob's sons came in from the field. When they heard, the men were deeply pained and furious—for Shechem had done a disgraceful thing in Israel, sleeping with Jacob's daughter, a thing not to be done. igihe abahungu ba Yakobo bari batashe bavuye mu gahinga. Bavyumvise barababara cane bashavuzwa cane n’ingene Shekemu yakoze ibidakorwa muri Isirayeli, agasambanya ku nguvu umukobwa wa Yakobo.
8 Hamor spoke with them: "My son Shechem longs for your daughter. Please give her to him as wife. Hamori agerageza kuvugana na Yakobo n’abahungu biwe ati: “Umuhungu wanje Shekemu yakunze umukobwa wawe, ndakwinginze umumuhe amubere umugore.
9 Intermarry with us—give your daughters to us, and take our daughters for yourselves. Kandi twemerere tunywane. Muduhe abakobwa banyu barongorwe n’abahungu bacu; natwe tubahe abakobwa bacu barongorwe n’abahungu banyu.
10 Live with us; the land lies open to you—settle, trade, and acquire property in it." Murashobora kugumana natwe, igihugu kiruguruye. Murashobora kuba aho mushaka hose, mukadandaza, mukagura n’amatongo.”
11 Shechem said to her father and brothers, "Let me find favor in your eyes; whatever you say to me, I will give. Shekemu na we abwira se wa Dina na basazawe ati: “Ndasavye mungirire imbabazi, kandi ico munsaba cose ndagitanga.
12 Ask me any bride-price and gift, however great—I'll pay it. Just give me the girl as my wife." Munsabe inkwano n’ingabire mushaka zose, ico munsaba cose ndagitanga; ariko mumumpe ambere umugore.”
13 Jacob's sons answered Shechem and his father Hamor dishonestly, because Shechem had defiled their sister Dinah. Kubera ko Shekemu yari yononye Dina mushiki wabo, abahungu ba Yakobo bishura Shekemu na se Hamori mu buryarya.
14 They said to them, "We can't do this—give our sister to an uncircumcised man; that would disgrace us. Barababwira bati: “Ntidushobora gutanga mushiki wacu ngo arongorwe n’umugabo atakebwe; ico ni ikintu c’iterasoni kuri twebwe.
15 We agree to this alone: if you become like us, every male of you circumcised. Ivyo twovyemera twumvikanye ibi bikurikira: Mwemere kumera nk’uko tumeze, izina muhungu wese muri mwebwe akebwe.
16 We'll give you our daughters and take yours for ourselves; we'll live with you and become one people. Aho ni ho dushobora kubaha abakobwa bacu, natwe tukarongora abakobwa banyu. Tuzoheza tubane namwe, maze tube ihanga rimwe.
17 But if you will not listen and be circumcised, we will take our daughter and leave." Ariko nimutatwumvira, ntimwemere gukebwa, duca twakira umukobwa wacu twigire.”
18 Their words pleased Hamor and his son Shechem. Ayo majambo aryohera Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu.
19 The young man didn't delay, since he delighted in Jacob's daughter—he was the most honored in his father's house. Shekemu ntiyatevye gukora ivyo bamusavye, kuko yari yakunze umukobwa wa Yakobo cane. Kandi yari yubashwe mu muryango wa se.
20 Hamor and his son Shechem came to the gate of their city and spoke to the men of their city: Hamori na Shekemu baja kw’irembo ry’igisagara cabo bavugana n’abagabo bo mu gisagara bati:
21 "These men are peaceful with us. Let them live in the land and trade in it—the land is wide enough for them. We'll take their daughters as wives and give them ours. “Aba bantu ni abanyamahoro. Muze tubareke babane natwe muri iki gihugu, bahadandarize ata nkomanzi. Igihugu ni kinini cobakwira. Turashobora kurongora abakobwa babo, na bo bakarongora abakobwa bacu.
22 Only on this condition will the men agree to live with us as one people: that every male among us be circumcised, as they are circumcised. Ariko ikizotuma bagumana natwe tukaba ihanga rimwe, ni uko abahungu bacu bose bakebwa nka bo.
23 Won't their livestock, property, and all their animals be ours? Just let us agree with them, and they'll live with us." Ivyo tubikoze, imikuku yabo n’ibindi vyose batunze bizohinduka ivyacu. Muze twemere ivyo badusaba gusa, kugira ngo babane natwe.”
24 All who went out through his city's gate listened to Hamor and his son Shechem, and every male was circumcised—all who went out through his city's gate. Nuko abagabo bose basohokera muri iryo rembo bemera inama ya Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu, maze izina muhungu wese wo muri ico gisagara arakebwa.
25 On the third day, while they were still in pain, two of Jacob's sons, Simeon and Levi, Dinah's brothers, each took his sword, came against the unsuspecting city, and killed every male. Haheze imisi itatu, ibikomere vyabo bikibababaza, babiri mu bahungu ba Yakobo, Simeyoni na Lewi, basaza ba Dina, bafata inkota zabo binjira muri ca gisagara ata nkomanzi, bica abagabo bose,
26 They killed Hamor and his son Shechem with the sword, took Dinah from Shechem's house, and left. harimwo na Hamori na Shekemu umuhungu wiwe. Bose babicisha inkota, maze bakura Dina mu nzu kwa Shekemu baca barigira.
27 Jacob's sons came upon the slain and plundered the city, because the men there had defiled their sister. Abandi bahungu ba Yakobo baraza baca mu mivyimba basahura ivyari muri ico gisagara vyose, kugira ngo bihore ibara ryakorewe mushiki wabo.
28 They took their flocks, their herds, their donkeys, and everything in the city and in the field. Bafata intama, impene, inka n’indogoba vy’abantu b’i Sikemu; ivyo basanze mu gisagara n’ivyari mu gahinga,
29 They took all their wealth, all their children, and their wives captive, plundering everything in the houses. batwara ubutunzi bwabo bwose, abana babo n’abagore babo, n’ivyari mu nzu zabo vyose.
30 Jacob said to Simeon and Levi, "You've brought trouble on me—making me stink to those living here, the Canaanites and Perizzites. My men are few; if they band together against me, they'll attack, and I'll be destroyed, I and my household." Yakobo abwira Simeyoni na Lewi ati: “Munteje ivyago mu bantu bose baba muri iki gihugu! Kubera mwebwe, Abanyakanani n’Abaperizi bagiye kunyanka. Twebwe turi bake. Nibaja hamwe bakantera, bazonesha; umuryango wanje wose bawuherengeteze.”
31 But they said, "Should he treat our sister like a prostitute?" Baramwishura bati: “Ni kuki yafata mushiki wacu nka maraya?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]