Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 32 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jacob went on his way, and the angels of our Father met him. Nuko Yakobo na we abandanya inzira yiwe, maze abamarayika b’Imana baza guhura na we.
2 Jacob saw them and said, "This is our Father's camp!" He named that place Mahanaim. Ababonye, aravuga ati: “Aha ni ho Imana icumbitse!” Aca yita aho hantu Mahanayimu.
3 Jacob sent messengers ahead of him to Esau his brother in the land of Seir, the territory of Edom. Nuko Yakobo aca atuma intumwa imbere yiwe kuri mwene nyina, Esawu, mu karere ka Seyiri, mu gihugu ca Edomu.
4 He ordered them, "Tell my lord Esau: your servant Jacob says, I've lived with Laban and stayed until now. Arababwira ati: “Mushikirize ubu butumwa databuja Esawu, muti: ‘Ng’ubu ubutumwa bw’umusavyi wawe Yakobo: iki gihe cose ndakimaranye na marume Labani, kandi natebeye iwe.
5 I own oxen, donkeys, flocks, and servants—male and female. I've sent to inform my lord, to find favor in your eyes." Ubu rero mfise inka, indogoba, imikuku y’intama n’impene, n’abasuku benshi harimwo abagabo n’abagore. Ndungitse izi ntumwa, nyakwubahwa, ngo zikumenyeshe ko ndiko ndaza, nizera ko nzogirirwa ibakwe imbere yawe.’ ”
6 The messengers returned to Jacob: "We went to your brother Esau—he's coming to meet you, 400 men with him." Za ntumwa zihejeje gutanga ubutumwa, ziragaruka zibwira Yakobo ziti: “Twabonanye na mwene nyoko Esawu, kandi ari mu nzira aza ngo muhure. Ari kumwe n’abagabo amajana ane.”
7 Jacob was very afraid and distressed. He split the people with him, and the flocks, herds, and camels, into two camps, Yakobo aca agira ubwoba bwinshi, aja mu gatengo. Afata abantu bari kumwe na we abagaburamwo kubiri; n’intama, impene, inka n’ingamiya na vyo abigaburamwo kubiri.
8 thinking, "If Esau reaches one camp and attacks it, the remaining camp will escape." Yibaza ati: “Esawu niyahura n’umugwi umwe akawutera, umugwi usigaye urashobora kurokoka.”
9 Then Jacob said, "God of my father Abraham and God of my father Isaac, my Father, who said to me, 'Return to your land and family, so I may treat you well,' Hanyuma Yakobo aca asenga avuga ati: “Mana ya sogokuru Aburahamu na data Isaka; ewe Uhoraho, ni wewe wambwiye uti: ‘Subira mu gihugu cawe no mu ncuti zawe, nanje nzogukorera ivyiza.’
10 I am too small for the least of all the covenant love and faithfulness you have shown your servant, for I crossed this Jordan with only my staff, and now I have become two camps. Wanyeretse urukundo rwinshi n’ubwizigirwa jewe umusavyi wawe, kandi ntari ndabikwiye. Igihe nava iwacu nkajabuka uruzi Yorodani, nta co nari mfise uretse inkoni. None raba ngarutse mfise iyi migwi ibiri.
11 Rescue me, please, from my brother's hand, from Esau's hand—I fear him: he may come and strike me down, mothers with children. Ndakwinginze, Uhoraho, unkize ukuboko kwa mwene mama Esawu. Ikinteye ubwoba ni uko aje kuntera, yice abagore n’abana banje.
12 But you said, 'I will surely be good to you and make your descendants like the sand of the sea, too many to count.'" Wibuke ko wansezeraniye uti: ‘Nzogukorera ivyiza, kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’umusenyi wo ku kiyaga. Bazoba benshi ku buryo badashobora guharurika!’ ”
13 He stayed there that night, then took a gift for his brother Esau from what he had: Nuko Yakobo arara aho yari ari. Atoranya mu vyo yari afise ingabire yo guha Esawu, mwene nyina:
14 200 female goats and twenty male goats, 200 ewes and twenty rams, impene zivyara amajana abiri, impfizi z’impene mirongo ibiri, intama zivyara amajana abiri n’impfizi z’intama mirongo ibiri,
15 thirty nursing camels with their young, forty cows, ten bulls, twenty female donkeys, ten male donkeys. ingamiya zivyara mirongo itatu hamwe n’inyana zazo, inka zivyara mirongo ine n’impfizi z’inka icumi, indogoba zivyara mirongo ibiri hamwe n’impfizi z’indogoba icumi.
16 He gave them to his servants, drove by drove, separately, and told his servants, "Pass ahead of me, and leave space between drove and drove." Araheza agabura ivyo bitungwa mu mikuku, ayizeza abakozi batandukanye. Maze abwira abo bakozi ati: “Nimujane ibi bitungwa, mugendere imbere yacu, kandi hagati y’umukuku n’uwundi hasigare ikirere.”
17 He ordered the first, "When Esau my brother meets you and asks you, 'Whose are you? Where are you going? Whose are these ahead of you?' Yakobo abwira uwari arongoye umukuku wa mbere ati: “Mwene mama Esawu niyaza guhura namwe, araja kubabaza ati: ‘Muri abakozi ba nde? Mugiye he? Ibi bitungwa mushoreye ni ivya nde?’
18 then say, 'They're your servant Jacob's, a gift sent to my lord Esau. Look, he himself is behind us.'" Umwishure uti: ‘Ni ivy’umusavyi wawe Yakobo, ni ingabire akurungikiye wewe nyakwubahwa Esawu. Kandi na we ari inyuma ariko araza.’ ”
19 He also commanded the second, the third, and all who followed the herds, "Say the same to Esau when you find him, Yakobo abwira ayo majambo n’uwa kabiri hamwe n’uwa gatatu, n’abari bakurikiye imikuku bose ati: “Nimwahura na Esawu, uko abe ari ko mumubwira.
20 and you will say, 'Also, your servant Jacob is behind us.'" For he thought, "I will appease him with the gift ahead of me, then see his face; perhaps he'll accept me." Kandi mumubwire muti: ‘Na databuja Yakobo ariko araza, ari inyuma yacu.’ ” Yakobo yibwira ati: “Ninarungika ingabire imbere yanje, biraja guhwamika ishavu rya Esawu. Ninamushikira amaso mu yandi, arashobora kungirira ikigongwe.”
21 So the gift passed on ahead of him, and he himself stayed that night in the camp. Nuko arungika za ngabire imbere yiwe, ariko we asubira kurara hamwe bari bacumbitse.
22 That night he got up, took his two wives, two female servants, and eleven sons, and crossed the Jabbok ford. Iryo joro, Yakobo aravyuka afata abagore biwe babiri, za ncoreke ziwe zibiri hamwe n’abana biwe icumi n’umwe, ajabuka umugezi Yaboki.
23 He took them and sent them across the stream, and likewise sent across everything he had. Amaze kubajabutsa, ajabutsa n’ivyo yari afise vyose.
24 And Jacob was left alone. And a man wrestled with him until the breaking of the day. Ariko Yakobo we asigara inyuma ari wenyene, maze haza umugabo agwana na we kugeza bukeye.
25 Seeing he could not defeat Jacob, the man touched his hip socket, and Jacob's hip was wrenched as they wrestled. Uwo mugabo abonye ko bimunaniye kunesha Yakobo, amukubita ku mutsi wo kw’itako, bituma Yakobo atangura gucumbagira mu gihe yariko aragwana na we.
26 He said, "Let me go; dawn is breaking." But Jacob said, "I won't let you go unless you bless me." Wa mugabo aravuga ati: “Ndekura ngende kuko burakeye.” Yakobo aramwishura ati: “Sindakurekura, utampezagiye!”
27 And he said to him, "What is your name?" And he said, "Jacob." Aramubaza ati: “Witwa nde?” Yakobo aramwishura ati: “Nitwa Yakobo.”
28 He said, "You will no longer be named Jacob, but Israel, for you have struggled with our Father and with men, and won." Wa mugabo aramubwira ati: “Ntugisubira kwitwa Yakobo. Kuva ubu uzokwitwa Isirayeli, kuko wagwanye n’Imana n’abantu ukanesha.”
29 Jacob asked him, "Please tell me your name." He said, "Why do you ask my name?" And he blessed him there. Yakobo aramubwira ati: “Ndakwinginze umbwire izina ryawe.” Wa mugabo aramwishura ati: “Umbariza iki izina ryanje?” Nuko aca amuhezagirira aho hantu.
30 So Jacob named the place Peniel: "For I have seen our Father face to face, yet my life was saved." Yakobo yita aho hantu Peniyeli, bisigura “mu maso h’Imana”, kuko yavuga ati: “Nabonye Imana amaso mu yandi, ariko ndacari muzima!”
31 The sun rose upon him as he passed Penuel, limping because of his hip. Izuba riserutse Yakobo ava i Peniyeli, agenda aracumbagira kuko yari yababaye ku mutsi wo kw’itako.
32 This is why, even now, the Israelites won't eat the thigh muscle on the hip socket—because he struck Jacob's hip socket there, at the thigh muscle. Ni co gituma n’uno musi Abisirayeli batarya umutsi wo kw’itako, kuko ari ho Yakobo yakubiswe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]