Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 31 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jacob heard Laban's sons say, "Jacob took all our father had; from what was our father's he made this wealth." Bidatevye, Yakobo yumva ko abahungu ba Labani bidoga bati: “Yakobo yatwaye ivya data vyose. Ubutunzi afise yabukuye mu vyo data yari atunze.”
2 And Jacob saw the face of Laban, and it was not toward him as before. Kandi Yakobo atangura kubona ko Labani atakimuraba ryiza.
3 Then our Father told Jacob, "Return to your fathers' land and family; I will be with you." Uhoraho abwira Yakobo ati: “Subira mu gihugu ca ba sogokuruza, mu ncuti zawe; nanje nzobana na we.”
4 So Jacob sent and called Rachel and Leah to the field, to his flock. Nuko Yakobo atumako Leya na Rasheli bamusanga mu gahinga aho yari aragiye imikuku.
5 He told them, "I see your father's face isn't toward me as before, but the God of my father remained with me. Arababwira ati: “Ndabona ko so atakindaba ryiza nk’uko vyahora. Ariko Imana ya data yabanye nanje.
6 You know that I have served your father with all my strength. Murazi ko nakoreye so n’inguvu zanje zose,
7 Your father cheated me, changing my wages ten times, but our Father wouldn't let him harm me. ariko we yarandenganije, ahindura impembo yanje incuro icumi. Ariko Imana ntiyakunze ko ankorera ikibi.
8 If he said, 'Speckled is your wage,' the whole flock bore speckled; if he said, 'Striped is your wage,' the whole flock bore striped. Igihe cose so yavuze ati: ‘Ibitungwa vyose bifise amabara ni vyo bizoba impembo yawe,’ imikuku yose yaca ivyara ibifise amabara. Igihe cose yavuze ati: ‘Ibifise amabara y’imirongo bizoba impembo yawe,’ haca havuka ibifise amabara y’imirongo gusa.
9 So our Father has taken away your father's livestock and given it to me. Ni muri ubwo buryo Imana yafashe ibitungwa vya so ikabimpa.
10 I looked up in a dream during the flock's mating season and saw the male goats mounting them were streaked, speckled, and spotted. Igihe kimwe ibitungwa biriko birima, nabonye mu ndoto ko impfizi zariko zirimya zari zifise amabara y’imirongo canke amabara atandukanye.
11 The messenger of the Father said to me in a dream, 'Jacob,' and I said, 'Here I am.' Maze muri iyo ndoto umumarayika w’Imana arampamagara ati: ‘Yakobo.’ Nanje nditaba nti: ‘Sabwe.’
12 He said, 'Look up and see: all the male goats mating with the flock are streaked, spotted, speckled—for I've seen all Laban is doing to you. Arambwira ati: ‘Ehe raba! Impfizi zose ziriko zirimya umukuku zifise amabara y’imirongo n’amabara atandukanye. Ibi ndabigize uko kuko nabonye ingene Labani yakurenganije.
13 I am the Father of Bethel, where you anointed a pillar and vowed to me. Now get up, leave this land, and return to your kindred's land.'" Ndi ya Mana yakwiyerekera i Beteli, hamwe washinga ibuye ry’icibutso ukarisukako amavuta, hanyuma ukahagirira indahiro. Ubu rero va muri iki gihugu usubire mu gihugu wavukiyemwo.’ ”
14 Rachel and Leah answered, "Do we still have any share or inheritance in our father's house? Rasheli na Leya baramubwira bati: “Mbega hari ico tukirindiriye kuragwa mu vya data?
15 Doesn't he count us as foreigners? He sold us and has completely consumed our money too. Ntasigaye adufata nk’abanyamahangakazi? Amaze kutugurisha, yaciye akoresha uko ashaka amahera wadukoye.
16 Everything our Father took from Laban is ours and our children's. Now do all our Father told you." Ubutunzi bwose Imana yaguhaye buvuye mu vya data, ni ubwacu n’abana bacu. Kora rero ico Imana yakubwiye.”
17 So Jacob arose and set his sons and his wives on the camels. Nuko Yakobo ashira abagore n’abana biwe ku ngamiya,
18 He took all his livestock and all his property he had acquired, the livestock acquired in Paddan-aram, to go to Isaac his father in the land of Canaan. ashorera imikuku yiwe yose imbere yiwe, hamwe n’ubutunzi bwose yaronkeye i Padani-Aramu, aja mu gihugu c’i Kanani, aho se Isaka yaba.
19 Laban went to shear his sheep, and Rachel stole her father's household gods. Igihe bafata urugendo, Labani yari yagiye gikemuza intama ziwe. Nuko Rasheli yiba ibigirwamana vyo mu nzu ya se arabijana.
20 And Jacob deceived Laban the Aramean by not telling him that he was fleeing. Yakobo yacitse Labani Umwaramu atigeze amubwira ko ashaka kugenda.
21 He fled with all he had, rose, crossed the Euphrates, and set his face toward Gilead's hill country. Nuko Yakobo ajana ivyiwe vyose, ajabuka uruzi Efurate, atumbereye mu misozi ya Gileyadi.
22 On the third day Laban was told that Jacob had fled. Haheze imisi itatu, Labani amenya ko Yakobo yahunze.
23 He took his relatives, chased him seven days, and caught him in Gilead's hill country. Nuko akoranya abo mu muryango wiwe, bagira urugendo rw’imisi indwi bakurikira Yakobo, maze bamuhambiriza mu misozi y’i Gileyadi.
24 But our Father came to Laban the Aramean in a night dream and said, "Guard against speaking with Jacob, good or bad." Ariko Imana ivugana na Labani Umwaramu mu ndoto mw’ijoro iti: “Wirinde ntugire ico ubwira Yakobo, caba ciza canke kibi.”
25 Laban caught Jacob, who had pitched his tent in the hills; Laban and his relatives pitched against him in Gilead's hills. Nuko Labani ahamvya Yakobo kuri uwo musozi. Yakobo yari yashinze ihema mu misozi y’i Gileyadi, maze Labani n’abajanye na we na bo bashinga iryabo hafi y’aho.
26 Laban said to Jacob, "What have you done? You tricked me and drove my daughters like war captives. Labani abaza Yakobo ati: “Ibi wakoze ni ibiki? Ni kuki wambeshe ukajana abakobwa banje nk’abanyazwe mu ntambara?
27 Why sneak off and deceive me, not telling me? I'd have sent you off with joy, songs, tambourine, lyre. Ni kuki watorotse winyegeje, ukambesha ntumbwire ko ushaka kugenda? Nari kugutegurira umusi mukuru, nkagusezera n’indirimbo, n’ingoma n’inanga.
28 Why didn't you let me kiss my sons and daughters goodbye? Now you've acted foolishly. Ni kuki utampaye akanya ko gusezera abakobwa banje n’abazukuru banje mu kubagumbira? Wakoze ivy’ubupfu!
29 I have power to harm you, but your father's God told me last night: 'Watch yourself—say nothing to Jacob, good or bad.' Nashobora kukugirira nabi, ariko Imana ya so yanyiyeretse iri joro, irambwira iti: ‘Wirinde ntugire ico ubwira Yakobo, caba ciza canke kibi.’
30 Now you've truly gone because you longed greatly for your father's house—so why steal my gods?" Ndazi ko wafashe ingingo yo kugenda kuko ukumbuye cane abo mu nzu ya so, ariko none ni kuki wivye imana zanje?”
31 Jacob answered Laban, "I was afraid, for I thought you'd seize your daughters from me. Yakobo yishura Labani ati: “Nari mfise ubwoba kuko nibaza ko ushobora kunyaka abakobwa bawe ku nguvu.
32 Whoever you find with your gods dies. Point out what's yours before our relatives, take it." Jacob didn't know Rachel had stolen them. Ariko ku bijanye n’imana zawe, zirondere. Umuntu uzisangana ace yicwa. Kandi imbere y’izi ncuti zacu, ikindi kintu cose cawe utora, ndakigusubiza!” Ariko Yakobo ntiyari azi ko ari Rasheli yari yivye vya bigirwamana vyo mu nzu ya se.
33 Laban searched Jacob's tent, Leah's tent, and the two servants' tent, found nothing, left Leah's, and entered Rachel's tent. Nuko Labani atangura kuronderera mw’ihema rya Yakobo, hanyuma aja mu rya Leya no mw’ihema rya za ncoreke zibiri, ariko ntiyagira ico abona. Mu nyuma aja mw’ihema rya Rasheli.
34 Rachel had taken the household idols, put them in the camel's saddle, and sat on them. Laban searched the whole tent but found nothing. Ariko Rasheli yari yafashe vya bigirwamana abishira musi y’ico bicarako ku ngamiya, aca avyicarako. Labani ararondera mw’ihema ryiwe, ntiyagira ico ahabona.
35 She told her father, "Don't be angry, my lord—I can't rise for you; I'm on my period." He searched but never found the household gods. Rasheli abwira se ati: “Nyakwubahwa, ntunshavurire ngo sinahagurutse imbere yawe, ndi mu bihe vy’imihango y’abagore.” Nuko Labani abandanya arondera ariko ntiyashobora kubona vya bigirwamana vyo mu nzu yiwe.
36 Jacob got angry and quarreled with Laban. Jacob answered Laban, "What's my crime? What's my sin, that you've chased me down? Maze Yakobo arashavura, abwira Labani ati: “Ni ikihe caha unyagiriza? Nakoze ikibi ki caguteye kunkurikirana nk’uwukurikirana umwicanyi?
37 You've searched all my goods—what did you find from your household? Put it here before my relatives and yours; let them decide between us both. Ko warondeye mu vyanje vyose, hari ikintu co mu rugo rwawe wabonye? Cerekane imbere y’incuti zanje n’incuti zawe kugira ngo bakibone, maze batubere abacamanza twe nawe!
38 Twenty years I've been with you: your ewes and female goats haven't miscarried, and I haven't eaten rams from your flock. Maranye nawe imyaka mirongo ibiri ndagiye imikuku yawe. Ico gihe cose nta ntama canke impene yaramburuye kandi nta mpfizi n’imwe yo mu mikuku yawe nabaze ngo ndayirye.
39 Torn animals I never brought to you; I bore the loss myself. You demanded it from my hand, stolen by day, stolen by night. Igihe cose igitungwa cishwe n’igikoko, sinigeze ndakikwereka. Ni jewe nibwiriza kugisubiriza. Wansavye kukuriha igitungwa cose cibwe, haba ku murango canke mw’ijoro.
40 There I was: by day heat consumed me, and cold by night, and sleep fled from my eyes. Nagukoreye mu bushuhe buteye ubwoba ku murango no mu mbeho yo mw’ijoro sinatora agatiro.
41 Twenty years in your house—fourteen serving for your two daughters, six for your flock—and you changed my wages ten times. Iyi myaka mirongo ibiri ndayimaranye nawe. Nagukoreye imyaka icumi n’ine kugira ngo umpe abakobwa bawe babiri, hanyuma ndagukorera imyaka itandatu ndagiye imikuku yawe. Kandi wahinduye impembo yanje incuro icumi zose!
42 Had the God of my father, the God of Abraham, and the Fear of Isaac not been with me, you'd surely have sent me away empty-handed now. Our Father saw my suffering and my hands' labor, and warned you last night." Iyo Imana ya data, Imana ya Aburahamu, Imana iteye ubwoba ya Isaka itaja kuba iri kumwe nanje, wari kunyirukana iminwe misa. Ariko Imana yarabonye umubabaro wanje n’ubutame bwanje. Ni co gituma yakwiyeretse iri joro, ikakugabisha.”
43 Laban answered Jacob, "The daughters are mine, the children are mine, the flocks are mine—everything you see is mine. But what can I do today for my daughters, or for the children they bore? Labani yishura Yakobo ati: “Aba bagore ni abana banje, aba bana ni abuzukuru banje, kandi iyi mikuku ni iyanje; ibi ubona vyose ni ivyanje. Ubu nta co ngishobora gukora ku bakobwa banje no ku bana bavyaye.
44 Come, let's make a covenant, you and I; let it be a witness between you and me." Ingo tugirane isezerano twe nawe, maze rize ribe icabona hagati yanje nawe.”
45 So Jacob took a stone and set it up as a pillar. Nuko Yakobo afata ibuye arishinga nk’icibutso.
46 Jacob told his kin, "Gather stones." They took stones, piled a heap, and ate there by the heap. Abwira abari kumwe na we ati: “Nimwegeranye amabuye.” Baca barayegeranya bagira ikirundo cayo, hanyuma basangirira hambavu y’ico kirundo c’amabuye.
47 Laban called it Jegar-sahadutha, but Jacob called it Galeed. Labani acita Yegari Sahaduta, bisigura “ikirundo c’icabona” mu rurimi rw’Icarameya, Yakobo na we acita Galedi, bisigura “ikirundo c’icabona” mu rurimi rw’Igiheburayo.
48 Laban said, "This heap is a witness between you and me today." Therefore he named it Galeed, Labani aravuga ati: “Iki kirundo c’amabuye ni icabona hagati yanje nawe uno musi.” Ni co gituma aho hantu hiswe Galedi.
49 and Mizpah, for he said, "God watch between me and you when we're apart. Ariko kandi bahita Misipa, bisigura “umunara wo gushibamako”, kuko Labani yavuze ati: “Uhoraho agumize amaso yiwe kuri twebwe, nitwamara gutandukana.
50 If you mistreat my daughters or take wives besides them, though no one else is here, God witnesses between you and me." Niwafata nabi abakobwa banje canke ukarongora abandi bagore, Imana izoba ibibona naho ata wuzoba abibona. Ni yo cabona muri iri sezerano tugiranye.”
51 Laban said to Jacob, "Look at this heap and this pillar I've set between you and me. Labani yongera abwira Yakobo ati: “Urabona iki kirundo c’amabuye nashize hagati yanje nawe n’iri buye ry’icibutso.
52 This mound witnesses, this pillar witnesses: I won't cross this mound to you, and you won't cross this mound and pillar to me, for harm. Ibi ni ivyabona vy’isezerano tugiranye. Sinzokwigera ndengana iki kirundo c’amabuye ngo nze kugukorera ikibi; kandi nawe ntuze wigere urengana iki kirundo c’amabuye canke iri buye ry’icibutso ngo uze kungirira nabi.
53 God of Abraham and God of Nahor, the God of their father, judge between us." So Jacob swore by the Fear of his father Isaac. Imana ya Aburahamu n’Imana ya Nahori, ari yo Mana ya sewabo, ize itubere umucamanza.” Maze Yakobo arahira mw’izina ry’Imana iteye ubwoba ya se Isaka,
54 Jacob sacrificed on the mountain, called his relatives to eat bread; they ate bread and spent the night on the mountain. abaga igitungwa, agitangako ikimazi kuri uwo musozi, maze atumira incuti ziwe gusangira na we. Bahejeje gufungura, barara kuri uwo musozi.
55 Laban rose early, kissed his grandchildren and daughters, blessed them, left, and returned home. Labani avyuka kare mu gitondo, agumbira abuzukuru biwe n’abakobwa biwe, arabahezagira, arabasezera, asubira iwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]